Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 12 Mukakaro 2024

Publié le 12 juillet 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa gatanu igenekerezo rya 12 Mukakaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera ku ngingo nkuru nkuru zikurikira

  • Imyodogo ni myinshi mubanywanyi b’umugambwe CNDD FDD muntara ya Muyinga n’abandi batawurimwo. Imvo ya vyose n’amahera bariko baratangishwa ngo yo kugura imodoka y’umunyamabanga wuyo mugambwe muriyo ntara nyene. Abo banyagihugu bakikeka ko ari ubusuma bwateguwe kugira bibwe udufaranga twabo kuko atacemeza ko bayatanze bahabwa.
  • Abakozi ba leta nabo basavye ingurane mw’ibanki y’uburaro BHB bavuga ko bababazwa n’inyungu y’umurengera bariko bariko barakatwa kungurane basavye. Bakavuga ko iyo nyungu ataho yigeze yandikwa mumasezerano yo gusaba udufaranga muriyo banki nkuko muza kubikurikira.
  • Leta y’uburundi nayo ikwiye kwihanura igihagarika gutoteza abamenyeshamakuru kuko ata nyungu nimwe ibironkamwo uretse kwiyambika ibara. Ikigo OPB basaba ko umumenyeshamakuru Gerard Nibigira wa radio isanganiro atobandanya gukurikiranwa mubutungane kuko ata caha nakimwe yakoze uretse ko kumuziza umwuga wiwe gusa. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya gato.

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye na politike

Bamwe mu banyagihugu bari mu mugambwe cndd-fdd eka n’abatari muriwo, baridoga kubera bariko baratangishwa intererano y’amafaranga n’umugambwe cndd-fdd mu ntara ya Muyinga yo kugura imodoka izohora irerura umunyabanga w’umugambwe. Iyo ntererano ikaba iri hagati y’amahera 2000 na 5000 y’amarundi. Bafise amakenga ko bashobora gusubira gusabwa iyo ntererano ubugira 2 narirya ataco bafise berekana ko bamaze kuyitanga, nkuko bamwe muribo babimenyesha. Ayandi makenga y’abo banyagihugu ngo ni uko iyo ntererano ishobora kunyuruzwa. Icegera c’umukuru w’umugambwe mu ntara ya Buhumuza, Cyprien Habyarimana, avuga ko abo banyagihugu batarira busema.  Inkuru tubaza Alexandrine Keza

Abaguzi na cane cane abasumira k’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yaho, baridogera abarongoye intwaro muri komine Muyinga ku kajagari karangwa mw’isaranganywa ry’ibinyobwa vya Brarudi hagati y’abadandaza ububare. Hakiyongerako abadandaza baca bikika mu kiza bakishingira ibiciro uko bashatse.  Abaguzi bagasaba Musitanteri wa Komine Muyinga, guhagurukira ico kibazo gihagaritse umutima abaguzi batari bake. Ido n’ido na Josephine Jones Nkunzimana

Imyidogo ni yose kandi mubakozi ba leta basavye ingurane mw’ibanki y’uburaro BHB. Bavuga ko iyo banki iriko ibatoza inyungu y’umurengera iruhande y’ivyo ikabakata n’amafaranga atari mumasezerano bagiraniye bagisaba ingurane. Bavuga ko bituye inzego zose zibijejwe ariko ntaco babafashije. Basaba kurenganurwa. N,Inkuru ya Eddy claude Nininahazwe

 

Radio Inzamba tubandanye amakuru twabateguriye mugisata c’indero

Abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye Lycée Mwabiro ya mbere muri komine Mutumba mu ntara ya Karusi bidogera musitanteri w’iyo komine ko yategetse umuyobozi w’iryo shure n’abarezi kureka umwana wiwe agakora ikibazo yari yayobewe. Ivyo vyabaye ku musiwa gatatu uheze mu gihe abandi banyeshure bari mu buruhuko. Abo bavyeyi basaba ko ivyo vyoja ahabona,  abajejwe indero bagashiraho umugwi wiga ico kibazo hagafatwa ingingo hisunzwe amategeko. Iyi nkuru tuyibaze Janvier Habarugira

Umumenyeshamakuru Gerard Nibigira wa Radio Isanganiro ntakwiye gukurikiranwa imbere y’ubutungane kuko ata caha na kimwe yagirizwa uretse ko ariko arakoregwa irementanya. Bivugwa na Innocent Muhozi arongoye ikigo OPB kijejwe guhanurana hagati y’ibimneyeshamakuru mu Burundi. Abivuze inyuma yaho uwo mumenyeshamakuru yitwariwe n’uwurongoye igipolisi muntara ya Gitega amukubaguye akongera akamwitwarira mu butungane. Muhozi akavuga ko leta y’uburundi ata nakimwe yunguka muguhihotera abamenyeshaùakuru ahubwo bituma n’amakungu atayizera nagato. Agasaba ko uyo mumenyeshamakuru atokurikiranwa kuko ariko azira umwuga wiwe. Kurikira

Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi