Mwiriwe ncutu nalwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerzo rya 12 Myandagaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru zikurikira.
- Akamo k’umukuru w’igihugu ahamagarira abakozi ba leta ino ndwi yose gukorera isuku ibigo bakoreramwo, kakurikijwe ahatari hake mu gisagara ca Bujumbura. Ariko iyi ngingo si bose bayishima. Mw’ishirahamwe Olucome bavuga ko iyugagwa ry’ubuzi bwa leta indwi yose bizogira ingarukambi k’ubutunzi bw’igihugu.
- Ishirahamwe ACAT BURUNDI bavuga ko batewe umutima uhaze n’ubwinshi bw’abanyororo bw’ibonekeza mu ma bohero atandakunye yo hirya no hino mugihugu. Iryo shirahamwe rikabona ko hamwe ata gikozwe vuba abanyororo bashobora gutegwa n’indwara y’ibihara ariyo variole de singe imaze kwiboneka muburundi.
- Kur’iri genekerezo rya 12 Myandagaro amakungu arahimbaza umusi wahariwe urwaruka. Uyu musi ariko ukaba ushitse mugihe bigaragara ko urwaruka rudaserukiwe nkuko bikwiye munzego zifata ingingo. Mumahari w’urwaruka rw’abarundi MIJEB bakaba basaba urwaruka rw’abarundi kwitwararika inyungu zarwo kugira narwo ruronke ijambo. Kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa
Akamo k’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahamagarira abakozi ba leta ino ndwi yose gukorera isuku ibigo bakoreramwo, kakurikijwe ahatari hake mu gisagara ca Bujumbura. Intumbero ngo niyo kugira Bujumbura, igisagara kirangwamwo isuku. Umukuru w’igihugu akaba yifadikanije murivyo bikorwa n’abanyagihugu bo muri quartier Gikoto muri zone ya Musaga. Yamara iyo ngingo ntihurizwako na bose. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, riremera akamaro k’isuku mu gisagara, ariko iryo shirahamwe riranegura iyugarwa ry’ubuzi butandukanye bwa leta mu kiringo c’indwi yose. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, iyo ngingo yafashwe gihutihuti kandi izogira ingaruka mbi kubutunzi bw’igihugu. Kurikira.
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME akaba yabivugiye kuri radio Bonesha Fm.
Umuhari nkundagihugu MAP BURUNDI BUHIRE nawo ubonako ingingo y’umukuru w’igihugu ihamagarira abakozi ba leta guhagarika imirimo yabo ya misi yose indwi yose kugira bagire isuku aho bakorera , ari ingingo iteyisoni kandi ariyo gusamaza abantu , ngo ni ingingo izokwica vyinshi kurusha ivyo izokiza . Uwo muhari usanga mbere iyo ngingo iteye kubiri n’umugambi wa leta w’igihugu cifashe mu 2040 n’igihugu gitey’imbere mu 2060. Dutegamatwi Liberat Ntibashirakandi umuvugizi w’umuhari MAP BURUNDI BUHIRE.
Tubandanye ayo twabateguriye
Ishirahamwe ACAT BURUNDI riratewe umutima uhaze n’ubwinshi bw’abanyororo bw’ibonekeza mu ma bohero atandakunye yo hirya no hino mugihugu na cane cane muri kino gihe hibonekeza ikiza ca Variole des singes. Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c.ubutungane muri ACAT avuga ko hamwe atangingo zofatwa z’ihutirwa ico kiza kirashobora kubangamira ubuzima bw’abanyororo basanzwe aho baba kubera ubw’inshi bwabo batagira isaganirizo.Tega amatwi jean Claude Ntiburumunsi.
Radio Inzamba tubandanye ayo twabateguriye
Kur’iri genekerezo rya 12 Myandagaro amakungu arahimbaza umusi wahariwe urwaruka. Uyu musi ukaba ushitse mugihe bigaragara ko urwaruka rudaserukiwe nkuko bikwiye munzego zifata ingingo. Umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJEB ugasaba urwaruka rw’uburundi kutaba sindabibazwa ahubwo bakitwararika kugira uruhara mukugwanya ibibatandukanya. Daniel Ngendakumana avugira uyo muhari agasaba urwaruka rw’uburundi kwisunga akarorero k’umuganwa Rudoviko Rwagasore. Kurikira
Kur’uyu w’Imana itariki 11 Myandagaro, ni ho Paul Kagame yarahira kugira atangure ikiringo c’iwe ca 4 co kurongora Urwanda. Ivyo birori bikaba vyitabwe n’abakuru b’Ibihugu 22 vya AFrica. Abibonekeje cane cane ko batavyitavye bakaba bari abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Congo iharanira intwaro rusangi, kubera ibindi bihugu vyose vy’akarere k’Africa y’ubuseruko vyari vyaserukiwe. Ukwo kutavyitaba kukaba gushobora kuba gufitaniye isano n’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo. Ivyo na vyo Paul Kagame akaba yarabivuze ko cane mw’ijambo yashikirije. Akaba yasavye ko ari ngombwa ko umwe wese akora ico ajejwe kugira akarere kagire amahoro aramye. tumukurikire
Mugusozera
Mu makuru y’inkino, za nkino mpuzamakungu jeux olympiques zariko zibera mu bufaransa zaraye zirangiye, igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika gitwaye ikibanza ca mbere. Mu mupira w’amaguru umurwi Vital’o mu gihugu ca Tanzaniya urabandanya kwitegura inkino z’imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Afrika. Muri basket-ball naho, igice ca kabiri c’ihiganwa caratanguye mumpera z’iyindwi. Inkuru ya Alexandre Niyungeko.
Arakoze Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyungeko nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.