Turi kuwa gatatu n’igenekerezo rya 12 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Abasirikare barenga mirongo ibiri harimwo n’intwazangabo nibo bahitanywe n’intambara zimaze iminsi zibera muri Kivu yo mubumanuko aho abasirikare b ;Uburundi barungitswe kurwanya umuhari M23.Abandi basirikare nabo barafashwe mpiri harimwo n’intwazangabo ifise ipete rya Major.
- Haribonekeza ubukene bw ‘isukari muntara ya Rutana aho ikiro cayo kigeze kubihumbi cumi mugihe igiciro cashinzwe na Leta ar’ibihumbi bitandatu.Abanyagihugu basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti ngo kuko niyo igize iraboneka itangwa kukimenyane.
- Ikena ry’ifumbire ribandanya kw’ibonekeza hirya no hino mugihugu.Muri commune Songa ni muntara ya Bururi abarishe ifumbire ry’iri rima bakwa mw’ibanga igiturire c’ amafaranga ari hagati y ‘ibihumbi cumi na cumi na bitanu .ivyo ngo biba abategetsi babona bakirabira hirya.Aya nayandi ni mukanya kwari guca kumayange.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze.
Ano makuru tuyahere mugisata c’umutekano.
Intambara zimaze imisi zibera mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko ziriko zihitana abasirikare b’u Burundi barungitswe kurwana n’umuhari M23. Ibitigiri bitangwa bivuga ko hishwe abasirikare barenga 20 barimwo n’intwazangabo abandi barafatwa mpiri n’abarwanyi b’umuhari M23. Mu bafashwe hakaba harimwo intwazangabo y’ipete rya major.
Dutandukire igisata kijanye n’uburimyi.Ibura ry’ifumbire rirabandanya kuvurwa mu ntara zitandukanye z’igihugu c’uBurundi. Muri komine Songa mu ntara ya Bururi, abarimyi baguze ifumbire bavuga ko hatanguye kwibonekeza ugusaba ibiturire. Bemeza ko bakwa hagati y’10 000 na 15 000 mw’ibanga. Ayo mafaranga bakwa, babona ko badashobora kuyaronke, bakababazwa n’uko abategetsi babibona ariko ntihagire ico babivuga ko. Iyi nkuru tuyibaze Claude Manirakiza
Isukari isa n’iyabaye umuzi w’ibuye mu ntara ya Rutana muri iyi misi. Iyo igize ngo iraboneka igugwa ibihumbi cumi ku kilo kandi igiciro kizwi n’amategeko ari ibihumbi bitandatu. Abanyagihugu bavugako ico giciro ari umurengera , biyamiriza kandi ikimenyane iyo hageze itangwa ryiyo sukari. Basaba ababijejwe gutorera umuti ico kibazo. Iyo nkuru tuyibaze Jean Georges Kibogora.
Ikibazo kijanye no gukura abanyagihugu mu ma tongo hadakwirikijwe amategeko n’ikibazo kidasanzwe kandi kiri muntara zose.Ico kibazo kigaragara cane muntara indwi azrizo Bujumbura,Bubanza ,cibitoke,Rumonge , Gitega, Cankuzo no muntara ya Karusi.Ivyo rero ngo bigira ingaruka mbi cane kubanyagihugu baba bakuwe mu matongo yabo hadakurikijwe amategeko .Mucigwa cakozwe n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike FORSC bamwe mubanyaga abanyagihugu harimwo bamwe mubategetsi batwara igihugu.Kurikira Audace Havyarimana ajejwe gutunganya ibikorwa murunani FORSC.
Urunani FORSC rusaba ko amategeko yokurikizwa iyo bibaye ngombwa ko Leta ikenera amatongo arimwo abanyagihugu.
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku ntererano z’imigwi ihurikiye mu matora ariko arategurwa mu Burundi, kucokorwa ngo hirindwe amatati aturutse kurayo matora. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Pierre Gahungu.
Imbere yo gusozera ano makuru mukurikire akamo k’ishirahamwe FOCODE muntumbero yo gukebura kubijanye n’ipfungwa ry ‘ agateganyo
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe. N’agahwane.