Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 12 Ruheshi 2024

Publié le 12 juin 2024 par Rédaction
  1. Umwe mu bana 5 bahora mu bikogwa vyo gucurwa bufuni na buhoro mu gihugu kibanyu ca tanzania yaritavye Imana kuruyu wa kabiri. Uwo mwana hamwe n’abandi 4 bakaba bari banyurujwe bakuwe kw’ishure shingiro rya Nyakuguma Riri muri zone Kigwena, commune n’intara ya Rumonge. Uwo yitavye Imana ngo akaba yari yakaswe ibihimba vy’umubiri aho yariko acugwa bufuni na buhoro ngaho muri Tanzanie. Akaba yitavye Imana yari amaze amezi arenga 2 agwariye mubitaro vyo mu Birimba mu gisagara ca rumonge. Umuryango wiwe ukababazwa n’uko watabaje ukabura gitabara kugira uyo mwana ajanwe kuvurirwa mubindi bitaro bifise ubuhinga bwo gutera ibice vy’umubiri vyari vyakaswe. Uyo mwana akaba vyaboneka ko yakaswe ibihimba vy’umubiri wiwe nko kubwicariro hamwe no mubirenge.
  2. Mugisata kijanye n’agateka ka zina muntu Umunyororo umwe yaraye apfiriye mu gasho k’igipolisi muri commissariat ya Makamba. Amakuru ava aho i Makamba, Faustin Nshimirimana yararwaye ingwara ya Athsme. Uwo akaba abaye umunyororo agira kabiri apfiriye mugasho ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba mu masaha adashika 24.
  3. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakwiye kumenyako abarundi atari ibijuju. Ivyo bivugwa na Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA rurimwo imigambwe itavuga rumwe na leta . Abivuga afatiye ku majambo yavuzwe na Evariste Ndayishimiye ku musi wa gatandatu uheze , mu gihe hariko hibukwa imyaka ine iheze uwahoze atwara igihugu Petero Nkurunziza yitavye imana . Ico gihe umukuru w’igihugu Ndayishimiye yavuzeko umwimbu wabaye mwiza mu gihugu, ko abarundi bamerewe neza cane. Kubwa  Frederic Bambuginyumvira, umukuru w’igihugu Ndayishimiye abigira nkana  , agasamaza abantu kuko abonako ata nyishu afise ku bibazo bihanze igihugu muri kino gihe.
  4. Ingorane abarundi barimwo muri kino gihe , zerekanako umukuru Ndayishimiye n’umugambwe wiwe CNDD FDD, vyabananiye kurongora igihugu, ari naco gituma yari akwiye gutanga imihoho hakaza abandi babishoboye.
  5. Tukiri mugisata ca politike  ngo impinduka irageze mu Burundi, kuko intwaro ihari uno musi imaze kwerekana ko  idashoboye gutunganya ivy’igihugu kugira Abarundi bisanzure hama baronke ivya nkenerwa. N’akamo gaterwa n’umugambwe MSD, mu gihe uheruka gukwiza imyaka 15 wemerewe gukorera ku mugaragaro. Alexis Sinduhije arongoye MSD akiyemeza ko urugamba rw’uwo mugambwe rutazohagarara utarashika kw’ihangiro rya wo.
  6. Mu makuru ajanye n,indero imyidogo ni myinshi mu bigisha bashasha aho bavuga ko bamaze amezi 8 bataronkejwe agashahara bakoreye. Bavuga ko amadeni abarembeje kandi ko ubuzima bari mwo butoroshe. Uduhuzu twarabatabukiye ko, ngo bakaba batinya no kuja imbere y’abana. Basaba ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi kubatunganiriza kuko bageze aho umwansi ashaka.
  7. Mugisata kijanye n‘intwaro ibereye imyidogo ni myinshi kubihereza ibinyobwa bihingurwa n,ishirahamwe Brarudi bo muntara ya Makamba na Rutana. Imvo nyamukuru akaba aruko ibiciro vyabaye umurengera aho icupa rya Amstel centiritiro 65 rigurwa amafaranga ari hagati y,i 5000 n,i 10000.Nayo icupa rya pirimunsi centiritiro 72 rikaba rigurwa hagati y,amafaranga 3500 ni 4ooo.Basaba ko abajejwe intwaro bo kubahirtiza ibiciro vyashinzwe n,ishirahamwe Brarudi.

Ibindi bisa n'ibi