Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 13 Myandagaro 2024

Publié le 13 août 2024 par Rédaction

Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 13 Myandagaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Ayo twabatororokanirije nayo tuyahere ku ngingo nkuru ziyagize.

 

  • Abanyagihugu bo muri quartier Nyabugete iri muri zone Kanyosha, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura bamenyeshako ata gikozwe bashobora kwandura ingwara ziva kw’isuku rike kuko bamaze indwi zirenga zibiri ata n’ima ry’amazi meza babona. Bagasaba ababijejwe gutorera inyishu yico kibazo mu maguru masha.

 

  • Iduga ry’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa muri kino gihe, riraraje ishinga abanya gisagara ca Bujumbura aho bemezako bimwe mu bifungurwa vyaduze incuro zitatu mur’aya mezi atanu aheze. Bagatanga akarorero ku bikoresho vy’abanyeshure vyariyongereye ku rugero rudasanzwe mu gihe umwaka w’ishure w’2024 ushira uw’2025 buca utangura.

 

  • Kuri uyu 13 Myandagaro, imyaka 20 iraheze habaye ubwicanyi bwahitanye impunzi z’abanyamulenge muri zone ya Gatumba mu ntara ya Bujumbura. Abarokotse ubwo bwicanyi n’imiryango yabo babandanya gusaba ubutungane kuvyabashikiye. Bakaba baherutse gushikiriza ibirego umushikirizamanza mukuru wa Républika y’Uburundi, sentare nkuru ya gisirikare yo muri Kivu yo mubumanuko mu gihugu ca Congo, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ikigo kijejwe amatohoza mu gihugu c’Urwanda kugira baronke ubutungane.

 

  • Ndasubiye kubaha ikaze, mukanya isase, amakuru mw’ido n’ido.

 

Amakuru twabateguriye tuyahere kuri iyi nkuru iciye ku masonga ivugwa mu gisata c’ubutungane,

Kuri uno wa kabiri, sentare ya Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, yaciriye urubanza aba polisi babiri bagirijwe gukubagura Gabriel Banzawitonde, arongoye umugambwe Apdr.  Abo bapolisi baciriwe amande agera ku bihumbi amajana abiri n’indishi y’akababro igera ku bihumbi amajana atanu umwe umwe. Iyo ngingo ya sentare ikaba ifashwe inyuma yaho kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro bakubaguye Gabriel Banzawitonde, arongoye umugambwe Apdr, mu gihe yaratashe iwe. Akaba yasanze abo bapolisi bariko baka igiturire umushoferi anyonga imodoka zunguruza abantu bita taxi. Bakaba baciye bamuhindukirira, naho yaberetse ibimuranga, baciye bamukubagura baramukomeretsa, ivyo vyangombwa birataburwa nabo ba polisi. Akaba yaciye ajanwa mu gasho ka zone Kamenge, ahava ararekurwa bukeye bwaho.

 

Murico gisata nyene,

Abarokotse mu mpunzi z’abanyamulenge, n’imiryango yabagandaguwe muri zone ya Gatumba mu ntara ya Bujumbura kuwa 13 Myandagaro umwaka w’2004, bituye inzego z’ubutungane zitandukanye basaba gutunganirizwa kubabo bishwe. Ivyo birego bikaba vyashikirijwe umushikirizamanza mukuru wa Républika y’Uburundi, sentare nkuru ya gisirikare yo muri Kivu yo mubumanuko mu gihugu ca Congo, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ikigo kijejwe amatohoza mu gihugu c’Urwanda kuko abagize igitero bamenyekanye ko harimwo abarundi, abanye Congo n’abanyarwanda, nkuko vyemezwa n’uwurongoye ibikorwa vyo kurondera ubutungane mw’ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu mu Gatumba. Innocent Nteziryayo ababazwa nuko inyuma y’imyaka 20 habaye ubwo bwicanyi, ata matohoza namwe yigeze akorwa kuvyabaye. Kurikira.

 

PIEDS: Tubibutseko mw’ijoro ryo ku wa 13 rishira uwa 14 Myandagaro umwaka w’2004, impunzi z’Abanyamulenge 166 zishwe, 108 barakomereka na 8 babuzwe irengero mw’ikambi y’impunzi yari yashinzwe na ONU muri zone ya Gatumba. Izo mpunzi z’Abanyamulenge zikaba zari zahunze ubwicanyi bwabarondera mu gihugu ca Congo.

 

Mu gisata c’imibano,

Imyidodo ni yose mu banyagihugu bo muri quartier Nyabugete iri muri zone Kanyosha, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura. Bavugako bamaze indwi zirenga zibiri ata n’ima ry’amazi meza babona. Bafise ubwoba ko bashobora kwandura ingwara ziva kw’isuku rike, bagasaba ababijejwe gutorera inyishu ico kibazo ibintu bitarayangara. Ni inkuru ya Olivia Gakima.

Olivia Gakima, arakenuye.

Mu gisata c’ubutunzi, Ifaranga ry’Uburundi nta gaciro ryigeze rita. Ivyo vyemezwa na Evariste Ndayishimiye. Umukuru w’Igihugu yabivuze ku musi wa mbere itariki 12 Myandagaro, umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka. Akavuga ko ivyo avyemeza afatiye ku kiguzi c’ibintu mu Burundi akigereranije n’ahandi mu mahanga aho usanga ibintu bizimvye cane kurusha. Ku bwa Evariste Ndayishimiye, abavuga ko ifaranga ry’irirundi ryataye agaciro, n’ababeshi. Kurikira.

 

Naho umukuru w’igihugu avugako ifaranga ry’Uburundi ryifashe neza cane, iduga ry’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa risigaye ari urutavanako, riraraje ishinga ababa mu gisagara ca Bujumbura. Bimwe mu bifungurwa vyaduze incuro zitatu mur’aya mezi atanu aheze. Ibikoresho abanyeshure bakoresha nk’amakaye vyariyongereye ku rugero rudasanzwe bakavuga ko batabona ingene bazorungika abana babo mu mashure mu gihe umwaka w’ishure w’2024 ushira uw’2025 buca utangura iyi nkuru tuyibaze Eddy Claude Nininahazwe.

Eddy Claude Nininahazwe nawe nyene tumukengurukire.

Imbere yo gusozera ano makuru, ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa BBN cahagaritse uruhusha rwo guhingura ibinyobwa vya Hana wine, Tagata hamwe na Anavino. Ivyo biri mw’itangazo ico kigo cashize ahabona kuruyu wa kabiri. Ico kigo kivuga ko inyuma y’amatohoza cakoze, casanze ivyo binyobwa bikorwa hatisunzwe amategeko. Muriryo tangazo bavuga ko amashirahamwe ahingura ivyo binyobwa batswe ivyangombwa. Ico kigo kikavuga ko ivyo binyobwa bibujijwe no kudandazwa kuva iri tangazo rishotse.

Ni no kur’iyo nkuru duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire na bagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Pierre Gahungu, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi