Ndabahaye mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe n’ikaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 13 Nyakanga umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize
- Abantu barenga 2400 nibo bashoboye kumenyekana ko bishwe mu Burundi mukiringo c’imyaka ine Varisto Ndayishimiye amaze ashikiriye ubutegetsi. Ivyo bishigwa ahabona n’umuhari uharanira agateka kazina muntu iteka mumatohoza wakoze murico kiringo. Uwo muhari ukavuga ko umwanya Ndayishimiye amaze kubutegetsi waranzwe ahanini n’ubwicanyi.
- Amabi nayo akoregwa abanyororoabandanya kwiyongera cane cane mw’ibohero rya Mpimba riri mugisagara ca Bujumbura. Ishirahamwe Acat mw’itangazo ryayo ryaoshoye kuruyu wa gatanu rirerekana ko abanyororo bapfungiwe imvo za politike babangamiwe cane n’ihohotegwa bakoregwa kandi bidakurije amategeko.
- Muri commune Matana naho y’intara ya Bururi haravugwa ubukene bw’amazi bumaze amezi atatu kubitaro vy’i Matana. Abitura ivyo bitaro cokimwe n’abahakorera bafise amakenga ko bashobora kwandura indwara zifatiye kwisuku rike. Amazi ngo bakoresha baka babanza kuja kuyavoma mumyonga iri kure y’ibitaro vyi Matana. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke
Abantu bashika 2.436 nibo bishwe murabo 1.349 nabo batowe ibiziga mubice bitandukanye vy’igihugu. Ivyo nibitigiri bishigwa ahabona n’umuhari uharanira agateka kazina muntu Iteka mucegeranyo yasohoye kuruyu wakane c’imyaka ine n’amezi abiri Varisto Ndayishimiye amaze arongoye Uburundi. Uwo muhari ukavuga ko abantu barenga 500 nabo bakorewe ihoheterwa rifatiye kugitsina. Anachaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka akavuga ko mumyaka ine irenga Varistio Ndayishimiye ashitse k’ubutegetsi ubwicanyi bwiyongereye kurogero rudasanzwe. Ligue Iteka ikababazwa nuko umukuru w’igihugu yagiye arashikiriza amajambo meza ariko atagize ahura n’ibikorwa. Kurikira
Ishirahamwe ACAT BURUNDI naryo ryishinze kugwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu riratewe umutima uhagaze n’amabi akoregwa abanyororo batari bake mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uno wa gatanu, rivugako ayo mabi akoregwa cane cane abanyororo bafungiwe ivya politike mu ma quaritiye amwamwe yiryo bohero bidaciye mu mategeko. Iryo shirahamwe rigasaba ubuyobozi bw’iryo bohero rya Mpimba gukora ibishoboka vyose kugirango ryubahirize agateka k’abanyororo , hanyuma buhane vy’akarorero abo bose babahohotera. Kurikira Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI.
Radio Inzamba turabandanya ayo twabateguriye
Haribonekeza ikena ry’amazi ku bitaro vyi Matana muri komine Matana mu ntara ya Bururi. Abavyitura co kimwe n’abakozi bavyo barafise amakenga ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike. Abakozi bo kuri ivyo bitaro bemeza ko batuye ico kibazo uburongozi bwavyo, ariko ko kitaratora umuti. Basaba ko ivyo bitaro bironswa amazi ku neza y’amagara y’abakozi n’abavyitura. Iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona
Arakenuye Audace Nimbona
Tubandanye ayavugwa kukibuga c’indege ca Bujumbura
Urwego Rujejwe Ivy’Indege n’Ibibuga vy’Indege mu Burundi rurabeshuza amakuru avugako hari abakozi hamwe naba police bakorera ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye baka amafaranga ingenzi. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Joël Nkurabagaya umuyobozi mukuru wurwo rwego, ntahakana ko hari aboba bikika mu kiza ariko ngo kenshi biterwa n’ubumenyi buke bw’ingenzi ku bikorwa vyo kukibuga c’indege. Ariko arasaba ingenzi zose zizoshikirwa nivyo kwakwa amafaranga kuzobishikiriza ubuyobozi bwurwo rwego Rujejwe Ivy’Indege n’Ibibuga vy’Indege mu Burundi. Kurikira.
Imbere yo gusozera aya makuru tuje mugisata c’indero
Mugihe kuruno wa mbere uza ariho hazotangura umwaka w’ishule w’umwaka wi 2024 ushira 2025 abavyeyi bo mu ntara ya Ngozi bavuga ko uyo mwaka w’ishule ugiye gutangura mugihe bari mubukene bufatiye k’ubuzima buzimvye. Bavuga ko ibikoresho vy’ishule vyazimvye cane kuburyo batabona ingene bagiye kurungika abana babo kw’ishule. Basaba Leta kugabanya ibiciro vy’ibikoresho vy’ishule. Ninkuru tubaza ya Jean Baptiste Bireha.
Arakenuye Jean Baptiste Bireha, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.