Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 13 Ruheshi 2024

Publié le 13 juin 2024 par Rédaction
  1. Ano makuru tuyahere mugisata kijanye n,agateka ka zina muntu. Hari uruyoya rwatowe rw’umwana w’umwigene kumuhingamo wo kuruno wa kane igihe c’isaha icenda iruhande y’uruzi Buyezi kumutumba Makamba yambere muri karatiye Nyabaja ni kumurwa mukuru w,intara ya Makamba. Amakuru ava mubajejwe intwaro n’igipolisi amenyesha ko urwo ruyoya rwatawe n’umukenyezi ataramenyekana. Ico kibondo kikaba caciye kijanwa  mw,ibundikiriro ry,abana kubitaro bikuru vy’imakamba aho ikigo kijejwe iterambere ry’ingo n’imirango muri komine Makamba kiriko kirakurikiranira hafi ubuzima bw,ico kibondo. Uwakoze ivco caha nkuko isoko ryacu ribitumenyesha ubu akaba ariko araronderwa n,inzego z,umutekano.
  2. Umutama azwi kw’izina rya Elias JUMA asanzwe arara izamu kw’ishuli ry’isumbuye riri ku mutumba Buramata muri komine ya Gihanga iri mu ntara ya Bubanza , muri kino gihe amagara aramukitse , ni inyuma yaho akubitiwe agashaya n’imbonerakure yo kuri uwo mutumba  mw’ijoro ryo kuwa mbere rishira uwa kabiri muri iyi ndwi turimwo. Abo mu muryango wiwe usabako iyo mbonerakure yakoze iryo bara yofatwa igakubitwa intahe mu gahanga , ikongera akavuza uwo yakubise.
  3. Tukiri muri ico gisata nyene Kubona umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha CVR ufuta imanza zose zaciriwe abo vyavugwa ko bafise uruhara ku mabi uBurundi bwagize mu 1972, vyerekana ko uwo mugwi utatohoje bikwiriye. Bishikirizwa na Varisito Ngayimpenda umunywanyi w’umugambwe UPRONA akongera akaba umwigisha mu makaminuza. Uwo mushakashatsi, avuga ko afise akangonongona kuko raporo ya cvr
  4. Zimwe mu nyandiko umugwi cvr wirengagije, ni raporo y’icahoze citwa OUA, ivyanditswe ku baturiye amazu, amanama yakorwa mu kinyegero, imipanga yatanzwe n’ibindi.
  5. Mubijanye n,agateka ka zina muntu nyene Uburundi buherutse gutorwa kugira burongore igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu ku ncuro ya mbere kuva bwinjira mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Mu bategetsi b’igihugu, bavugako itorwa ry’Uburundi murico kibanza vyerekana icizere amakungu afitiye Uburundi, ivyo abari mu mashirahamwe yigenga mu Burundi batabona kumwe. Kubw’umushingwamanza Lambert Nigarura Uburundi ntibwatowe kubera bubikwiriye nyabuna nibwo bwari bugezweho kurongora ico gisata nkuko bitunganijwe n’ishirahamwe ONU. Kubwiwe ng’Uburundi ntibwari bukwiye kuja murico kibanza. Me Lambert Nigarura abona nyabuna yuko abategetsi bari bakwiye gufata ako karyo nk’amahirwe bakaboneraho guhindura ibishoboka mu gihugu kugira ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rihagarare.
  6. Mugisata kijanye n,intwaro ibereye abasirikare bo muri bataillon police militaire basaba abarongoye iyo kambi kubaronsa ibifungurwa uko bavyandikiwe na cane cane igifungurwa c’inyama. Bavuga ko hamaze imisi ubusuma bwibonekeza kuri ico gifungurwa aho bashobora kumara kabiri canke gatatu batakironse kandi umusirikare wese yandikiwe ku musi ama grammes 200g y’inyama. Basaba abarongoye igisirikare gukurikirana ico kibazo.
  7. Ihangiro umukuru w,igihugu Evariste Ndayishimiye yari yihaye agishika kubutegetsi ryo kuduza kurugero rushimishije kubaho kw,abarundi vyaramutaye kuwamazi.Ivyo bivurwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe olucome ni mugihe kw,igenekerezo rya 18 Ruheshi umukuru w,igihugu azoba akwije imyaka 4 kubutegetsi. Umukuru w,ishirahamwe Olucome akavuga ko ivyo vyose vyavuye kubategetsi bahawe ibibanza kandi batabishoboye.

Ibindi bisa n'ibi