Amakuru

Amakuru yo kuwa 14 Gitugutu 2024

Publié le 14 octobre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 14 Gitugutu umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize.

  • Ibirori vyo kwibuka incungu yo kwikukira k’Uburundi Ludoviko Rwagasore inyuma y’imyaka 63 igandaguwe vyatunganijwe kuruyu wa mbere mugisagara ca Bujumbura. Munkuka ya misa yiwe bakaba basavye abategetsi kugendera iragi ryiwe. Ariko mw’ishirahamwe PARCEM bababazwa nuko iryo ragi ritigeze rikurikizwa kugeza uyumusi.
  • Ikiza c’umugera wa SIDA naco gisa nicabaye umurengera muntara ya Muyinga aho urwaruka rurenga 350 rwo muriyo ntara rwatowe uwo mugera mukiringo c’amezi atatu gusa. Abajejwe amagara y’abantu muriyo ntara basaba ko haba gufashanya muntwaro guhimiriza kugira urwaruka rwirinde ubushurashuzi.
  • Imyidogo nayo ni myinshi mu bunguruza abantu n’ibintu mu gisagara ca Bujumbura. Imvo n’amahera bariko baratangishwa ashika ibihumbi 40.000 n’uwutwara ishirahamwe ry’abashoferi muri ATRABU kugira baronswe ibibapuro vyo kumanika kumamodoka berekane aho zikorera. Mu biro vy’igisagara ca Bujumbura bo bavuga ko amahera bategerezwa gutanga atarenga 27.000. kaze mwese mw’ido n’ido mukanya

Ndasubiye kubaramutsa

Kuruno wa mbere niho haba ibirori vyo kwibuka imyaka 63 iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore yaharaniye intahe yo kwikukira agandaguwe n’abansi. Ivyo birori bikaba vyatangujwe n’inkuka y’imisa aho padiri Felix Fupi yahamagariye abarundi gufatira akarorero kuri Rwagasore mu kwama baharanira iterambere ry’igihugu. Tumutegamatwi.

Mw’iragi umuganwa Rudoviko Rwagasore yasigiye Abarundi, hari ijambo ryiwe yavuze mu mwaka w’1961 risa n’uko ridasaza. Aho, hari igihe umugambwe UPRONA watsinda amatora ya mbere abereye mu Burundi. Ivyo yavuze vyose vyasa n’uko yariko akebura ibiba kugeza mur’iyi myaka. Ico gihe yavuze ko intsinzi ar’iy’Abarundi bose, kandi uwutsinze atwarira bose, ku neza ya bose. Dusubire tumwumvirize.

Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, rivugako ribabazwa nuko iragi ry’umuganwa Ludoviko Rwagasore ritigeze ryubahirizwa kuva Uburundi bwikukira gushika uno musi, na cane cane kuvyerekeye uburongozi bwiza. Iryo shirahamwe rikabonako abarongozi icama kibaraza ishinga, ari ukwuzuza inda zabo, hagukorera igihugu. Risaba ko hoba ishuri ryigisha ibijanye n’uburongozi bwiza n’intwaro ibereye. Dutegamatwi Faustin Ndikumana, umuyobozi w’ishirahamwe PARCEM.

 

Radio Inzamba turabandanya amakuru twabateguriye mugisata c’amagara y’abantu

 

Uwaruka rurenga 350 rufise imyaka iri hagati ya 14 na 24 nirwo rwanduye umugera wa SIDA mu kiringo c’amezi 3 kuva muri Ntwarante gushika muri Rusama uno mwaka mu ntara ya Muyinga nkuko amakuru ava mubuyozi bw’ibiro vy’amagara y’abantu mur’iyo ntara avyemeza. Umwe mu bakurikirana irangugwa ry’ibikogwa vy’ubuvuzi mur’ubwo buyobozi, asaba abajejwe intwaro, abajejwe amashengero gufashanya n’abajejwe amagara y’abantu guhimiriza urwaruka ngo rwirinde ico kiza kuko ataho kiraja. Inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe.

Arakenuye Eddy Claude Nininahazwe.

Imyidogo nayo ni myinshi mu bunguruza abantu n’ibintu mu ma modokari  bo mu bituro vy’amamodokari mu gisagara ca Bujumbura. Bavuga ko batangishwa amafaranga 40 000 vyo kugura impapuro bamanika ku mamodokari zerekana aho zikorera, bakayakwa n’uwurongoye ishirahamwe ry’abashoferi ATRABU bavuga ko ryahagaritswe. Ni mu gihe abarongoye igisagara ca Bujumbura basaba amafaranga atarenga 27 000 vy’amarundi. Basaba ko hoshengezwa imbere y’ubutungane uwutwara iryo shirahamwe abaka amafaranga bidakurikije amategeko, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Arakoze na Audace Nimbona

Imbere yo gusozera aya makuru

Tubabwire ay’inkino aho umurwi w’urunani waraye ufashe indege yawushikanye muri Tanzaniya aho ugiye gukina inkino za Road to BAL, ni inkino zo kurondera i ticket yo gukina inkino z’igikombe ca Africa, arizo za BAL. Turababwira n’ingene inkino z’ihiganwa ryitiriwe intwari ryatanguye kuruyu w’imana zangenze. Mu mupira w’amaguru ho Uburundi bwaraye busezeye mu nkino zo kurondera i ticket yo kuja gukina inkino z’igikombe ça Africa mu mwaka uza inyuma yo gutsindwa na Burkina Faso 2 Ku busa. Inkuru ya Alexadrine Keza

Dushimire na Alexadrine Keza

Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye, Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nagahwane.

Ibindi bisa n'ibi