Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 14 Myandagaro 2024

Publié le 14 août 2024 par Rédaction

 

Turi ku munsi wa gatatu, n’igenekerezo rya 14 Myandagaro umwaka w’2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye. Iri ni rya sango ry’amakuru mu kirundi twabateguriye, nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

 

  • Ikibazo c’ibibanza mu buruhukiro kubitaro bikuru vyo mu Rumonge kiraraje ishinga ababurira ababo kuri ivyo bitaro kuko baca babajana muzindi ntara. Basaba abarongoye intara y’ubuvuzi gutorera umuti ico kibazo.

 

  • Baratabaza umushikiranganji w’ambere hamwe n’umukuru w’igihugu.Abo s’abandi n’imiryango igera kuri 50 iheruka kw’irukanwa mumatongo yahora irimamwo mukiyaya ca Makazye muri komine Giharo ni muntara ya Rutana. Bavuga ko bituye umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubwirozi haraciye amezi atatu ariko ntanyishu baronse
  • Ikibazo c’ubuzima buzinvye c’ibonekeza mugihugu gifatiye ahanini kw’ifaranga ry’uburundi riguma rita agaciro n’ikena ry’ibitoro  hamwe n’iduga ry’ibiciro ry’ivyankenerwa Ivyo vy’ashikirijwe kuruno wa kabiri  n’abagize  inama nkuru yabepiskopi  munama bagiranye n’umukuru w’igihugu muntara ya Gitega.aho bamusavye gutorera umuti ivyo bibazo.   Aya n’ayandi ni mukanya.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze.

Haribonekeza ubukene bw’ibibanza mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vya Rumonge. Bamwe mu babura ababo bakaba bafise umwitwarariko kuko babatwara mu zindi ntara. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti. Mu karere k’ubuvuzi ka Rumonge bakaba bemeza ko ico kibazo kizwi, bakizera ko kizogabanuka mu gihe ibitaro vyegukira anglicane aho muri ico gisagara bizokwubaka uburuhukiro. Inkuru tubaza Janvier Habarugira.

Dutandukire igisata kijanye n’uburimyi. Imiryango irenga 50 iheruka kwirukanwa aho yahora irimira mu kiyaya ca Mukazye komine Giharo mu ntara ya Rutana iratabaza umushikiranganji wa mbere hamwe n’umukuru w’igihugu   ngo isubizwe aho yahora irimira.  Ibivuga inyuma y’amezi 3 arangiye bituye umushikiranganji bw’ibidukikije uburimyi n’ubworozi kugira ngo bubatunganirize, ariko akaba atanyishu bigeze baronswa. Iyi nkuru tuyibaze Jean Marie Ndabashinze.

 

Mugisata kijanye n’ubutunzi, Inama nkuru y’abasenyeri ba Ekleziya Katolika baratewe umutima uhagaze n’ikibazo c’ubuzima buzimvye muri kino gihe mu gihugu. Mu nama abo basenyeri bagiranye n’umukuru w’igihugu kuri uno wa kabiri mu ntara ya Gitega, barashimye utwigoro tumwe tumwe tw’umukuru w’igihugu mu gutezimbere Uburundi, ariko baramweretse amakenga bafise mu ngorane zijanye cane cane n’ifaranga ry’Uburundi ridahengeshanya guta agaciro, ubukene bw’igitoro bwabaye ndanse,  hamwe rero n’ibiciro ry’ibintu vya nkenegwa biguma biduma ku munsi ku munsi . Basaba umukuru w’igihugu gukora ibishoboka vyose kugirango ivyo bibazo bive mu nzira. Dutegamatwi Musenyeri Bonaventure Nahimana arongoye inama nkuru y’abasenyeri ba Ekleziya Katolika mu Burundi.

 

Umugambwe MSD uriyamiziza ingingo y’umukuru w’igihugu ihamagarira abakozi bos n’abakoresha guhagarika akazi mukiringo c’indwi yose kugira bakorere isuku aho basanzwe barangurira imirimo.Epitace Nshimirimana avugira umugambwe MSD avuga ko iyo ngingo ataco  yoza imarira abanyagihugu, agashimira ahubwo abakozi n’abakoresha batayubahirije ngo kuko isuku  s’iryumunsi umwe canke indwi. Tumukurikire.

Epitace Nshimirimana avuga ko muri kino gihe abarundi bakeneye umukuru w’igihugu atorera umuti ibibazo bihambaye bihanze isinzi ry’abarundi. N’ubu nyene tumukurikire.

Isekeza ryo gusukura igisagara ca Bujumbura riragoye gushira mu ngiro mu gihe umugwa mukuru w’ubutunzi urangwamwo ubukene bw’amazi meza. Bimenyeshwa n’ishirahamwe ASCO ‘’Amagara meza kuri bose’’. Théophile Ndayisenga arirongoye, abona yuko hakwiye gushirwaho ingingo mperekeza kugira zishigikire umugambi w’umukuru w’igihugu. Kurico kibazo, iryo shirahamwe ritera akamo ishirahamwe REGIDESO n’abategetsi b’igihugu kwegereza amazi abanyagihugu mu bice vyose bigize igisagara. Kurikira.

Pieds : Théophile Ndayisenga akaba yabivugiye kuri radio Bonesha Fm.

Imbere yo gusozera ano makuru Impunzi zihamagarirwa gufatana mu nda zirinde kugiriranira nabi. Ako kamo gaterwa n’Urunani rw’Abarundi baharanira agateka k’impunzi ziba mu nkambi. CBDH-VICAR ikaba ibivuze inyuma y’aho hari abakenyezi batatu baba mw’ikambi y’i Nyarugusu muri Tanzaniya baheruka gukubitwa barashaya n’urwaruka rw’Imbonerakure ruba mur’iyo kambi nyene. Bakaba bahowe ko ngo bari basohotse hanze y’ikambi. Kurikira Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi wa CBDH-VICAR.

Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi, ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe  Eddy Claude Nininahazwe. Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi