Turi kuwa Gatanu n’igenekerezo rya 14 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Igisirikare c’ uburundi caraye kirungitse abasirikare biyongera kubariyo kuja gushigikira abasirikare ba kongo bafadikanije na FDRL niyindi mihari kurwanya umuhari M23 muntambara ziriko zibera muri Kivu yo mubumanuko .Ni mugihe ibihugu bigize SADEC vyaraye bifashe ingingo yo gukurayo abasirikare bavyo .Urunani CEFOR Arusha ruvuga ko bigoye gutahura ingene Leta ya Ndayishimiye iguma irungika abasirikare bayo mugihe ibindi bihugu biriko bishira imbere ibiganiro.
- Ikibazo c’ikena ry’ ibitoro casubiye kw’ ibonekeza mugihugu aho mu kugira abagikeneye bashobore kukironka ku ma stasiyo ngo Leta yategekanije uburyo bushasha bwo gukoresha inomero ariko nabwo ngo bwuzuye amahinyu.Umukuru w ‘ibanki nkuru y ‘igihugu Eduard Normand Bigendako avuga ko bashizeho umukenyuro mushasha wo gutumako igitoro cinshi bise credit documentaire.
- Nayo mugisata kijanye n’uburimyi imyidogo ni yose mubarimyi b’ umuceri bo muri village ya kane yo muri komine Gihanga.Bavuga ko amazi yo kuvomera umuceri akwiragizwa n’ ishirahamwe ry ‘ abarimyi b ‘ umuceri SRDI asigaye atangwa kukimenyane .Bafise ubwoba ko atamwimbu bazoronka :Aya n’ ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa ndanabaha n’ ikaze.
Abasirikare b’u Burundi bangana bataillon baraye barungitswe mu gihugu ca Congo mu ntumbero yo kwongereza abasirikare ivyo bita renfort mu gifaransa mu ngwano bahanganyemwo n’umuhari M23 mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Igisirikare c’u Burundi kikaba kirwana ku ruhande rw’igisirikare ca Congo Fardc nabo bacuditse. Aho ni mugihe ibihugu bigize umuryango SADEC bo baraye bafashe ingingo yo gukurayo abasirikare babo. Inkuru ya Bonfils Niyongere.
Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta ruvuga ko bigoye gutahura ingene leta y’Uburundi iguma irungika abasirikare bayo mu gihugu ca Kongo kandi n’inteko zari zarungitswe n’ishirahamwe SADEC gufasha ico gihugu kugwanya umuhari M23 , hamwe mbere n’abacangero bose barakuyemwo akarenge. Urunani CFOR rwibaza kandi igituma leta y’Uburundi iguma ija muri izo ntambara zo muri Kongo kandi abandi bariko bashira imbere inzira y’ibiganiro. Dutegamatwi Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA.
Urunani CFOR ARUSHA rwibazako umukuru w’igihugu Ndayishimiye aguma arungika abo basirikare muri Kongo kubera inyungu ziwe n’akagwi kiwe , kandiko impera n’imperuka azobibazwa. Dusubire twumvirize Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA
Ubukene bw ‘ibitoro bwasubiye kuba ndanse mugisagara ca Bujumbura.Leta iherutse gushiraho ubuhinga bushasha hakoreshejwe ibiharuro mugutanga ibitoro kuma station ariko ngo ubwo buhinga burimwo akajagari kenshi :Ninkuru ya Pacifique Nkeshimana.
Naho biruko, Edouard Normand Bigendako arongoye ibanki nkuru y’igihugu BRB yaraye ashikirije ko iriko irakorana n’ishirahamwe SOPEBU kugira ngo igitoro caguzwe gishobore kuza mu Burundi. Muri banki nkuru ngo barashizeho umukenyuro mushasha witwa « Crédit documentaire », uzofasha gutumako igitoro cinshi, kigaheza kikarihwa mu nyuma catanzwe. Muri kino gihe ngo hari igitoro cinshi i Dar-es-salaam mu gihugu ca Tanzaniya, kirindiriye kuzanwa mu Burundi vuba kugira ingorane z’ikena ry’igitoro zitorerwe umuti ubutakigaruka. Edouard Normand Bigendako akaba yabishikirije kuri uyu wa kane aho banki nkuru yari iramutse itanga icegeranyo c’ingene ubutunzi bwari bwifashe mu gice ca 4 c’umwaka wa 2024.
Imyidogo ni yose mu barimyi b’umuceri bo muri village ya 4 ya commune Gihanga y’intara ya Bubanza. Abo banyagihugu bavuga ko bahangayikishijwe n’ibura ry’amazi yo kuvomera imirima yabo y’ umuceri. Bavuga ko ishirahamwe ry’abarimyi b’umuceri SRDI ryari ryarateguye uburyo ayo mazi ahanahanwa mubisagara. Abo barimyi ariko babona ko ayo mazi atangwa hakoreshejwe ikimenyane. Ido n’ido na Parfait Mudasigana
Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire akano kishirahamwe FOCODE kubijanye n’ ipfungurwa ry’agateganyo.
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.