- Umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe aragiriza abashingamateka n,abamwe muncuti zabo ko bafise uruhara mukunyegeza ibitoro kugirango babigurishe mugihugu kibanyi c’uUrwanda bongere berekane ishusho mbi kugihugu. Gelase Ndabirabe akaba yabivugiye munama yamakoraniro mukigobe kuruyu wakane aho asigura ko hakwiye kugarukanwa igihano co gupfa kuruyo wese yofatwa ariko agurisha mukinyegero igitoro.
- Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta , ruvugako amajambo y’umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe , ari amajambo ateyisoni kandi atabereye umuntu yitwa ko aserukira abanyagihugu . Urunani CFOR ARUSHA ahubwo rubonako abategetsi b’igihugu basa n’abataye umutwe gushika naho batakimenya amajambo babwira abanyagihugu. Ivyo ngo vyerekana ko kurongora igihugu vyabataye kuwamazi.
- Urunani CFOR ARUSHA rurananegura kandi ukuntu abategetsi baguma bafata abanyagihugu nk’ibijuju mu kwama bavuga ko ibintu bigenda neza kandi vyarayangaye. Ikibabaza ngo nuko abo bategetsi nyene ata kindi bashira imbere atari inyungu zabo zonyene , bakibagira inyungu z’abanyagihugu.
- Umuhari uharanira agateka ka zina muntu iteka uratewe impungenge n,ingene ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi butera busubira inyuma nk,ibirenge. Anchaire Nikoyagize arongoye umuhari iteka avuga ko kuva muntango z’ukwezi kwa gatandatu hamaze kugabishwa ibimenyeshamakuru bitatu vyigenga bikorera mugihugu n,urwego CNC. Anchaire Nikoyagize asaba Vestine Nahimana arongoye urwego CNC kwubahiriza amategeko agenga umwuga wo kumeyesha amakuru mu Burundi.
- Kudahemba umukozi atonda kukazi ka misi yose n’akarenganyo kadasanzwe kandi binyuranye n’amategeko ya leta ajejwe abakozi n’akazi. Bisugugwa na Eulalie Nibizi yahoze arongoye Syndicat y’abagisha Steb akaba akurikirana n’ibijanye n’indero mu Burundi. Ivyo abivuze inyuma yaho abagisha bashasha mukazi bashikirije akababaro kabo kubera bamaze amezi umunani badahembwa na leta y’uburundi. Kubwiwe iyo ngendo mbi yo kudahemba abigisha ngo ifise ingaruka mbi nyishi na cane cane k’umwimbu wabanyeshure eka ndetse no kumiryango y’abigisha.
- Isango yo kw’igenekerezo rya 31 kigarama uno mwaka, ngo ni ntabanduka ko impunzi z’Abarundi zahungiye muri Tanzaniya zizoba zasubiye iwabo. Vyashikirijwe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 12 ruheshi uno mwaka, n’uwujejwe igisata c’impunzi mu ntara ya Kigoma mur’ico gihugu ca Tanzaniya. Ngo abazonanirana, hazoba rusansuma yerekana kohari uwukwiye kuba impunzi canke atabikwiriye. Ariko icizere ngo ni gike, afatiye kuri rusansuma rwakozwe ku bantu bake, aho basanze ibice birenga 90% badashobora kuronswa ubuhungiro.