Amakuru yaranze indwi

Amakuru yo kuwa 15 Mukakaro 2024

Publié le 15 juillet 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu mus iwa mbere igenekerezo rya 15 Mukakaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize

 

  • Hari abasirikare batatu babarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba haraheze hafi indwi. Abo nabo bagirizwa kuba baranyuruje amafaranga yagashikabute k’abasirikare bari bacunze umutekano w’umukuru w’igihugu ca Tchad mugihe aheruka m’urugendo mugihugu c’Uburundi.
  • Imyidogo ni myinshi mubanyagihugu bo muntara ya Muyinga kubera rumwe mu rwaruka rw’imbonerakure rwasubiriye abajejwe umutekano n’abajejwe intwaro. Abo banyagihugu bakavuga ko urwo rwaruka rusigaye rufata ingingo zitari nke muriyo ntara. Basaba ko rwosubizwa k’umurongo.
  • Amabi akoregwa abakenyezi n’abigeme abandanya kwiyongera mugihugu ata camira. Umuhari Inamahoro uharanira amahoro n’umutekano mu Burundi ubona ko ubutungane bw’uburundi bukwiye kwikubita agashi bugafata bukongera bugahana abakora ayo mabi kugira agateka k’abakeneyezi kubahirizwe mugihugu. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya

Ndasubiye kubaramutsa. Hari abasirikare batatu barimwo intwazangabo zibiri zo mw’ikambi icungera inzego bapfungiwe mwibohero rya Mpimba haraheze hafi indwi. Bagirizwa kunyuruza amafaranga yari yatanzwe nk’agashirukabute agenewe abasirikare bari bacunze umutekano w’umukuru w’igihugu ca Tchad mu gihe yari mu rugendo mu Burundi. Inkuru ya Bonfils Niyongere.

Tubandanye ayo twabateguriye muburaruko bw’igihugu. Bamwe mu banyagihugu bo ntara ya Muyinga baridogera urwaruka rumwe rumwe rw’imbonerakure Ko rwisuka mu bikorwa vy’abajejwe umutekano canke abajejwe intwaro. Mbere rumwe m’ururwo rwaruka, rugashaka gusubirira abajejwe izo nzego haba mugufata abantu n’ibindi. Abo banyagihugu bagasaba inzego zjejwe intwaro be n’abarongoye inzego z’umutekano guhagurukira iyo ngeso y’urwo rwaruka ataco rucibanga. Ido n’ido na Evlyene Mukeshimana

 

Turabandanya kubashikiriza ayo twabateguriye mugisata c’agateka kazina muntu. Amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme abandanya kwiyongera mugihugu ubutungane nabwo ntihagire n,ico bukora kugira bushengeze abakora ayo mabi. Ivyo bivurwa na Marie Louise Baricako arongoye umuhari  inamahoro  w’abigeme n’abakenyezi baharanira amahoro n,umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako agafatira kukarorero ka hafi k’umupfasoni wo kumutanga nord mugisagara ca Bujumbura yahatswe kugandagurwa n,uwo bahoze bubakanye bavanye haciye imyaka itatu.Tega amatwi Marie Louise Baricako

 

Intumwa y’imana ibwirizwa gutanga akarorero keza mu kwigisha amahoro , ukuri n’ubutungane kuri bose . Iyo ni impanuro musenyeri Salvator Niciteretse arongoye diyoseze ya Bururi yatekereye abapatiri bashasha bari bahejeje kwinjira muri ayo mabanga . Hari ku wa gatandatu uheze mu ntara ya Makamba. Musenyeri Nicitereste yabasavye kwama baharanira umubano mwiza hagati y’abanyagihugu , bakirinda imvuga zibiba urwankon’amacakubiri  .Tumutegamatwi.

 

Mugusozera aya makuru tubabwire ayerekeye inkino nayo. Muri basket-ball, umurwi nserukiragihugu w’abana batarenza imyaka 16 waraye utahukanye ikibanza ca mbere mukarere ka gatanu inyuma y’inkino zari zimaze iminsi zimera i Dar-Es-Salaam muri Tanzaniya. Nayo umurwi w’Urunani waraye wirahiye umurwi wa Dynamo murukino rwari rurindiranwe igishika kur’uyu w’imana. Inkuru ya Alexandrine Keza

 

Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa muvyanyu no mubanyu. Nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi