Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 16 Mukakaro umwaka w’2024, sangw’ikaze bakunzi mwese ba radio Inzamba agateka kawe murano makuru twabateguriye, ayo nayo tukaba tugira tuyahere ku ngingo nkuru nkuru ziyagize.
- Ubuyobozi bw’ikinyamakuru Jimbere buriyamiriza ihagarikwa n’ipfungwa ry’umumenyeshamakuru waco Pantaléon Ntakarutimana amaze imisi itatu apfungiwe mu gasho ka komine Bweru mu ntara ya Ruyigi kw’itegeko rya musitanteri Diane Nibitanga. Akaba yamuhoye ko ariko abaza ibibazo ku kiziga cari mu modoka ya musitanteri. Mu kigo OPB kijejwe guhanurana hagati y’abamenyeshamakuru, nabo babonako itotezwa ririko rikorerwa abamenyeshamakuru riracafuza isura y’igihugu.
- Urunani CNARED Giriteka ruhurikiyemwo abanyapolitike batavuga rumwe na leta y’Uburundi rusaba umukuru w’igihugu nabo barikumwe mukurongora igihugu gutanga imihoho kuko ubutegetsi bwiwe bwananiwe gutorera inyishu ibibazo vyinshi bihanze igihugu n’abarundi. Urwo runani rukaba rubishikirije inyuma y’umwiherero abarugize bahoramwo biga inyishu ku bibazo bihanze igihugu.
- Ikiziga ca Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi kuri uno wa kabiri niho catahukanwa kugirango kize gishinguranwe iteka mu gihugu camwibarutse. Petero Buyoya Ni inyuma yaho yari yabaye arashingugwa ivyagateganyo i Bamako mu gihugu ca Mali inyuma y’urupfu rwiwe rwabereye i Paris mu Bufaransa mu kwezi kwa kigarama umwaka w’i 2020.
- Reka nsubire ndabipfurize ikaze, mukanya amakuru twabateguriye mw’ido n’ido.
Ndasubiye kubaha ikaze murano makuru tugira duhere mu gisata co kumenyesha amakuru.
Haraheze imisi itatu umumenyeshamakuru w’ikinyamakuri Jimbere apfungiwe mu gasho ka komine Bweru mu ntara ya Ruyigi. Yafashwe kw’itegeko rya musitanteri Diane Nibitanga. Akaba yamuhoye ko ariko abaza ibibazo ku kiziga cari mu modoka ya musitanteri, kandi ico gihe nyene abaryango b’uyo yapfuye bariko babaza icabahekuye. Iyo ngendo ya musitanteri yatewe ivyatsi n’abatari bake. Uhereye ku buyobozi bw’ico kinyamakuru Jimbere bwasohoye itangazo aho buvuga ko Pantaléon Ntakarutimana yariko akora akazi kiwe, bugasaba ko arekurwa vuba bwango, kandi ata gisabwe. Ako kamo ni na ko kandi gaterwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo kijejwe gukurikirana akazi k’ibinyamakuru OPB. Kubw’iwe ngo itotezwa ririko rikorerwa abamenyeshamakuru biciye kuri Pantaléon Ntakarutimana, Floriane Irangabiye na Sandra Muhoza riracafuza isura y’igihugu. Innocent Muhozi agasaba ko abo bamenyeshamakuru bose bapfunzwe bazira ubusa barekurwa.
Mu ntara ya Rumonge, igipolisi catanguje amatohoza kw’ikubagurwa ryagiriwe abamenyeshamakuru babiri b’i radio Izere Fm. Kuwa 6 Mukakaro umwaka w’2024, Gaspard Ndikumazambo naTimothée Ntaconayigize barakubaguwe mu gihe bariko barakora akazi kabo mu gisagara ca Rumonge. Abo bamenyeshamakuru bari bahejeje kubona umuntu yaboshwe ariko aravirirana, ariko ntiborohewe kuko urwaruka rw’imbonerakure rwaciye rubakubagura bamaze kwerekana ibibaranga nk’abamenyeshamakuru, barakekezwa bongera basunikirwa mu muserege waraho. Abo bamenyeshamakuru bakaba baciye bitwara mu nyamiramabi. Igipolisi ngaho mu Rumonge kikaba caciye kirengutsa congera kirumviriza umuhungu w’umusore hamwe n’uwurongowe quartier Gihwanya. Abo bose bakaba bakurikiranwa kuba bafashe iyambere mukubangamira abo bamenyeshamakuru mu kazi kabo.
Muri politique,
Ubutegetsi bwa varisto Ndayishimiye nabo barikumwe mukurongora igihugu bakwiye gutanga imihoho hakiri kare canke naho inzego z’umutekano hamwe n’urwaruka bafate ibintu muminwe kuko ubwo butegetsi bwananiwe gutorera inyishu ibibazo vyinshi bihanze igihugu n’abarundi. Ivyo biri muvyashikirijwe mu mwiherero w’urunani CNARED Giriteka ruhurikiyemwo abanyapolitike batavuga rumwe na leta y’uburundi. Urwo runani rukerekana ko abatwara igihugu murikino gihe cabananiye uravye ubukene butagira izina bw’ivyankerewa buri mu Burundi. Onésime Nduwimana umunyabanga shingwabikorwa wa CNARED akavuga ko akarwi k’abasirikare karongoye igihugu karengewe n’ibibazo vy’igihugu ari naco gituma umukuru w’igihugu yama yidoga imisi yose ata nyishu atanga. Kurikira.
Turabandanya n’amakuru twabateguriye,
Ikiziga ca Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi kuri uno wa kabiri niho catahukanwa kugirango kize gishinguranwe iteka mu gihugu camwibarutse. Ni inyuma yaho ubutegetsi bw’i Gitega butangiye uruhusha rwokugitahana, inyuma y’urupfu rwiwe rwabereye i Paris mu Bufaransa mu kwezi kwa kigarama umwaka w’i 2020. Petero Buyoya yari yabaye arashingugwa ivyagateganyo i Bamako mu gihugu ca Mali. Ido n’ido na Joséphine Jones Nkunzimana.
Joséphine Jones Nkunzimana arakenuye.
Amezi atanu ni yo yonyene asigaye kugira ngo ikiringo cahawe impunzi z’Abarundi zizobe zatahutse. Vyibutswa na SIENSA MANJENJE arongoye ikambi y’impunzi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, akaba yabivuze ku wa gatanu w’indwi iheze, hari kw’igenekerezo rya 12 z’uku kwezi kw’indwi, aho we n’uwuserukira HCR bari baramutse bagendera ama zone abiri y’iyo kambi. Abo bategetsi bamenyesheje ko uwutazoba arataha azibonera ko. Ngo n’ikibazo kizokoreshwa kugira ngo barabe abakeneye koko ubuhungiro, bizokorwa na leta ya Tanzaniya gusa, HCR irorera. Iyi nkuru tuyibaze Olivia Gakima.
Olivia Gakima nawe nyene tumukengurukire,
Ni kuriyo nkuru ivugwa mu gisata c’impunzi, duciye dusozerako amakuru twariko turabashikiriza kuri uno wa kabiri. Reka nshimire mwebwe mwese maduteze abiri, nshimire nabagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Bonfils Niyongere, ndabipfurize kuroranirwa muvyo murimwo, nagahwane.