Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 15 Myandagaro 2024

Publié le 15 août 2024 par Rédaction

Turi kuwa   kane  n’igenekerezo  rya    15  Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . Iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na Josephine Jones Nkunzimana nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

 

  • Kuruno wa kane abakirisu bose bo kw’isi bahimbaje umunsi mukuru w’iyurizwa mw’ijuru rya bikiramariya.Munkuka y’imisa yabereye kuri cathedrale Regina Mundi Patiri Davis Christophe Niyomuhoza yasavye indongozi z.abakenyezi n’abandi bategetsi kudatwaza umukazo bisunze amabanga bafise.

 

  • Umugambwe CODEBU uranegura ingingo y’umukuru w ‘igihugu aho ategeka abakozi ba leta kuja gukora isuku aho barangurira imirimo.Kefa Nibizi arongoye uyo mugambwe avuga ko iyo ngingo y’uzuye utunenge. Kubwiwe ngo ikena ry’ibitoro riri muri bimwe mubituma igisagara c’uzura umwanda kuko imodoka zahora zitora imicafu zahagaze kubera iryo kena ry’ibitoro.

 

  • Kwunva umukuru w’igihugu avuga ko ubuzima buzimbutse uravye ayo abanyagihugu bagowe ngo n’invugo yagasuzuguro.Ivyo bivurwa nabamwe mubanyagihugu baganiriye na Radiyo inzamba aho bavuga ko umukuru w ]igihugu y’ibaza ko batabona aho igihugu kigeze uyu mnsi.Aya n’ayandi ni mukanya .

 

Ndasubiye kubaramutsa.

Kuruno wa kane igenekerezo rya 15 Myandagaro n’umunsi mukuru w’iyurizwa mw’ijuru rya bikiramariya.Munkuka y’imisa y’abereye kuri cathedrale Regina mundi Patiri  Davis Christophe Niyomuhoza  yasavye indongozi zabakenyezi  n’abandi bafasha babatware  gufatira akarorero kuri bikiramariya mukudatwaza umukazo, no kudafata ingingo gihuti huti .Yasavye kandi kw’irinda nkunzi na kamwana wa mama. Kurikira patiri Davis Christophe Niyomuhoza.

Ingingo y’umukuru w’Igihugu yo gutegeka abakozi ba leta irangwa mwo utunenge twinshi. Ivyo binegurwa n’umugamwe CODEBU. Keffa Nibizi awurongoye yerekana ko uwo atari umugambi urama. Akavuga ko ibituma uwo mwanda wibonekeza mu gisagara bitashizwe ko urutoke, uhereye kw’ibura ry’igitoro kugira amashirahwamwe akura imicafu akore akazi ka yo.

Ariko rero uwo mugambwe nyene CODEBU urerekana inyishu kur’ivyo bibazo. Usaba reta ko ikora ivyo ibishoboka kugira igitoro kiboneke hama ya mashirahamwe ashobore gukura imyavu,  bakongera abanyagihugu bakaronswa amazi meza mu gihugu cose, kugira haboneke isuku rirama. Dusubire dutege amatwi Keffa Nibizi.

Dutandukire igisata kijanye n’ubutunzi.Abanyagihugu bariyamiriza imvugo y’umukuru w’igihugu avuga ko ubuzima buzimbutse kandi bworoshe mu Burundi. Bamwe bavuga ko ari imvugo isuzugura Abarundi kuko Varisito Ndayishimiye yibaza ko batabona aho igihugu kigeze. Barababazwa n’uko ubutunzi bw’igihugu bugeze ahatemba, umvirize bamwe mur’abo banyagihugu

Imbere yo gusozera ano makuru tuje mugisata c’amagara yabantu.Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS rirarajwe umutima uhagaze n’ingene ikiza c’ingwara y’urukushi  bita MONKEY POX . Rifatiye kukuntu iyo ngwara iriko irarandagata cane cane mu bihugu vya Afrika harimwo Uburundi , kuri uno wa gatatu iryo shirahamwe  ryafashe ingingo yo  gufata iyo ngwara nk’ikiza co kugwanywa bivuyinyuma ivyo bita Urgence de sante publique de portée internationale mu rurimi rw’igifaransa . Iryo shirahamwe OMS risaba abanyagihugu n’ama leta kuhagabira kuko muri kino gihe,  iyo ngwara ngo yandukira kandi yica gusumba uko yahora. Ido n’ido na Jean Marie Ndabashinze

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  mugire umunsi mukuru mw’iza ry’iyurira mw’ijuru rya bikiramariya .Ano makuru mwayashikirijwe na jewe Josephine Jones Nkunzimana

 

Ibindi bisa n'ibi