Ndabaramukije ncuti bakunzi ba radio inzamba agateka kawe n’ikaze mumakuru yo kuruyu musi wagatandatu igenekerezo rya 15 Ntwarante umwaka wi 2025. Ayo twabateguriye tuyahera ku ngingo nkuru nkuru ziyagize.
- Hagiye gutanguzwa urucanco rushasha rw’indwara ya malaria mu Burundi kuva muntango ziyi ndwi itangura. Urwo rucanco rukazohabwa abana bafise amezi atandatu kugeze kuri cumi na kumwe. Intara icenda zibangamiwe na malaria zikaba arizo zizotangura guhabwa urwo rucanco nkuko muza kuvyumva.
- Imyidogo nayo ni yose mubarimyi b’igitegwa c’ikawa bo muntara za Makamba na Rutana. Imvo nuko bataronkejwe uyu mwaka imiti yo gupoma ico gitegwa. Abo barimyi bafise amakenga k’umwimbu bazoronka mugihe ikawa yabo yatewe n’udukoko kubera kubura imiti.
- Amakenga nayo ni menshi mumpunzi z’abarundi zahungiye mwikambi ya Nduta iri mugihugu ca Tanzania. Izo mpunzi zifatira kuri bagenzi bazo babiri atawuzi irengero ryabo haraheze indwi yose. Basaba ababijejwe kugira izo mpunzi zishobore kumenyekana aho ziri canke ko bakiri bagihema. Kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’amagara y’abantu
Urucanco rwa malaria ruzotanguzwa icese mu Burundi gutangwa kuva kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante uyu mwaka. Vyamenyeshejwe n’uwurongoye umugambi wo gucandaga mubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Jean Claude Bizimana arongoye uwo mugambi asigura ko urwo rucanco ruzoronswa abana bafise kuva ku mezi atandatu kugeze kumezi cumi na 11. Urwo rucanco rukazohabwa intara icenda zibangamiwe n’indwara ya malaria. Uwo arongoye uwo mugambi akavuga ko urwo rucanco ruzofasha mukugabanya indwara ya malaria. Kurikira
Tukiri murico gisata
Urunani rwama sendicat akorera mugisata c’ amagara y’ abantu SNSS ruriyamiriza akarenganyo kibonekeza mubakozi bakora mugisata c’ amagara yabantu bagatuma haba intambanyi z’ubuvuzi.Urwo runani rutanga akarorero kukarusho Leta iherutse guha abaganga ikumira abandi bakozi bo mubisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji bw ‘ amagara yabantu kandi bose ari magiriranire. Iyo ngingo ngo isubiza inyuma igisata c’ubuvuzi nzirakanenge.Ivyo vyashikirijwe kuruno wa kane mukiganiro urwo runani rwahaye abamenyeshamakuru.Kurikira Marie Bukuru yavuze kw’ izina ry ‘urunani SNSS.
Radio Inzamba tubandanye amakuru twabateguriye
Abarimyi b’igiterwa c’ikawa bo muntara za Makamba na Rutana baridoga ko bataronkejwe imiti yo gupompa ikawa uyu mwaka. Bakavugako bategerezwa gupompa 2 mu mwaka ariko ubu ata na rimwe bapomfye ivyatumye udukoko bita ibifushi twonona imirima yabo. Abo barimyi bakaba bafise amakenga kumwimbu bazoronka. Inkuru ya Bonfils Niyongere.
Arakoze Bonfils Niyongere.
Impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, ziratewe umutima uhagaze na bagenzi babo babiri, Remy Ndayisenga n’uwundi azwi kw’izina rya SAWURI atawuzi irengero ryabo kuva ku musi w’imana uheze igenekerezo ry’icenda zuku kwezi turimwo. Bibazako bashobora kuba bariko bagirigwa nabi canke barishwe ku mvo zitazwi, bagasaba ababijejwe gukora ibishoboka vyose kugirango batogwe bataragirigwa nabi. Ido nido na Jean Georges Kibogora.
Arakenuye na Jean Georges Kibogora
Tubandanye aya makuru ku makuru yanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi. Tuyashikirizwa na Audace Nimbona
Arakoze na Audace Nimbona
Imbere yo gusozera aya makuru mukurukire Akamo k’ishirahamwe Focode mu ntumbero y’ugukebura kubijanye n’ipfungwa ry’agateganyo
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. bakoze abafashije kuyegeranya. Muroranigwe mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha