Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 15 Ruheshi 2024

Publié le 15 juin 2024 par Rédaction
  1. Ano makuru tuyahere mugisata c’umutekano aho uwugendesha ipikipiki akora akazi ko kwunguruza abantu  yaraye yitavye imana inyuma yaho arasiwe na begenzi be kumugoroba Wo kuruno Wa kane. Ivyo bikaba vyabereye kumutumba Gitaba  kumurwa mukuru w,intara ya Rutana.  Ayo makuru akatumenyesha ko yahamagawe n’umuntu yiyise umukiriya kuruno wa kane nk,igihe c,isaha zibiri z,ijoro. Ayo makuru akabandanya avuga ko nyakwigendera yitavye imana kuruno wa gatanu kubitaro vy’i kibuye muntara ya Gitega aho yari yajanywe kuvurizwa. kuri ivyo bitaro naho bakaba bari bahisemwo kumurungika kw,ivuza mugisagara ca Bujumbura aho yacikanye akiri munziza muri ruseha abaniha Abantu bane  bikekwa muri ubwo bubisha  baramaze gufatwa kunvo zamatohoza.
  2. Kw’igenekerezo rya cumi na gatanu Ruheshi n’umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya inzara. Uyo munsi ukaba ushitse mugihe Abarundi barenga ibice mirongo indwi kw’ijana bafungura nabi canke ntihagire n’ico baronka. Ivyo n’ibishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe parcem aho avuga ko nivyahuha bishobora guhuhuka uravye ibihe bidasanzwe igihugu kirimwo aho ubukene bw ,ugarije abarundi mubisata vyose.
  3. Mukiganiro kw,isoko cuno munsi tuza kugaruka kumajambo aherutse gushikirizwa n,umushikiranganji w,ubutungane kubanyagihugu bagumijwe mumunyoro hadakurikijwe amategeko.
  4. Imbere  yo gusowera ano makuru dukurikire ivyanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi

Ibindi bisa n'ibi