Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 16 Myandagaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru zikurikira
- N’agakuru keza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yaramaze imyaka ibiri apfunzwe yarekuwe kumugoroba wo kuruyu musi wa gatanu igenekerzo rya 16 Myandagaro. Akaba yarekuwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu rimuha ikigongwe. Uyo mumenyeshamakuru arashima kuba yarekuwe. N’ayandi mashirahamwe atandukanye aharanira agaketa kazina muntu barashima irekugwa ryiwe ariko bagasaba ko n’izindi nzirakarengane zorekugwa.
- Ishirahamwe AC genocide igisata ca Canada rivuga ko ribabazwa nuko abahoneje abantu babaziza ubwoko bwabo bw’abatutsi muri Ntega Maranga batigeze bakurikiranwa n’ubutungane kandi biyemerera icaha. Ishirahamwe riganywa ihinyabwoko igisata co muri Canada rivuga ko bitagira insiguro kubona haheze imyaka 36 ico caha kibaye ariko abagikoze bahawe ikigongwe batigeze bagisaba.
- Abarimyi bo muri zone Mwakiro, yintara ya Muyinga bashoreye umwimbu w’ibigori mu ikigo ca Reta ANAGESSA, baridogera uwurongoye iyo zone yivye ibiro 5 be n’ibirenga k’umurimyi wese yari yashoye umwimbu. Basaba ko yobogozwa mu mabanga arimwo akongera agakurikiranwa n’ubutungane kuko yabasahuye utwabo. Bagasaba kandi gusubizwa utwabo. Kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa mwese duhere kuriyi nkuru nziza
N’akanyamuneza nta ngere ku mumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yarekuwe kuruyu musi wa gatanu igenekerezo rya 16 Myandagaro inyuma y’imyaka ibiri apfunzwe. Igihe yasohoka ibohero rya Bubanza, yashimiye abo bose bagize ico baterera kugira uno munsi abe yidegemvya. Kurikira Floriane Irangabiye.
Umugwi w’igihugu uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu urashima nawo nyene ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu ituma Floriane Irangabiye arekurwa. Sixte Vigny Nimuraba, arongoye CNIDH, yari yashitse kw’ibohero rya Bubanza, arizera kwico kigongwe c’umukuru w’igihugu kizobandanya gikwira n’ayandi mabohero kugira ngo bize bifashe kugabanya ubwinshi bw’abanyororo buvugwa mu ntara zose. Kurikira.
Kubwabarongoye ibimenyeshamakuru mu Burundi bikorera mu buhungiro, barashima iyo ngingo igirira ikigongwe Floriane Irangabiye, ariko kandi bagasaba ko n’abandi barundi isinzi bapfunzwe bagirizwa ibidafashe canke bahejeje ibihano baciriwe borekurwa. Innocent Muhozi arongoye Television Renaissance agasaba umukuru w’igihugu Ndayishimiye kurekura abo bose bafunzwe kukarenganyo. Kurikira
Mw’ishirahamwe Acat rigwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu nabinyene barashima irekuragwa ry’uwo mumenyesahamkuru yarapfunzwe ataco azira. Jean claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi avuga ariko ko bibabaje kubona umuntu amara imyaka nkiyo apfunzwe ata cagiriji na kimwe gifatiye ku mategeko ariko arakurikiranwako. Ishirahamwe Acat burundi rigasaba ko nabandi benshi bapfunzwe mukarenganyo nabo borekugwa bakidegemvya. Kurikira
Abaharanira agateka ka zina muntu batigeze bahengeshanya gusaba ko arekurwa nabo bakaba bashimye irekugwa ryiwe. Muri yo hakaba harimwo Umuhari Inamahoro w abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba y’uko na Emilienne Sibomana na Sandra Muhoza barekurwa. Kurikira Marie Louise Baricako.
Ishirahamwe ry’urwaruka rigwanya ikibi n’akarenganyo mu bwitonzi AJINA mu mpfunyapfunyo y’igifaransa naryo nyene rirashima ingingo y’umukuru w’igihugu yo kurekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Jean Nduwimana arirongoye aboneraho nakaryo ko gusaba umukururu w’igihugu , kurekura n’abandi banyororo bavundiye mu buroko ataco bazira. kurikira
Radio Inzamba tubandanye ayo twabateguriye
Birababaje kubona abahoneje abantu babaziza ko bavutse ari abatutsi muri Ntega Marangara kw’igenekerezo rya 14 z’ukwezi kw’umunani mu 1988 bagirigwa ikigongwe batanagisavye. Bishikirizwa na Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga mw’ ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko igisata ca CANADA. Abishikirije mu gihe kw’igenekerezo rya 14 za kuno kwezi, imyaka 36 yari irumanye ubwo bubisha bubaye. Iryo shirahamwe rivuga ko bitumvikana ingene ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritarafatira ibihano abakoze ayo mahano kandi baravyiyemereye. Umvirize Emmanuel Nkurunziza
Mugusozera aya makuru
Abarimyi bo muri zone Mwakiro, Komine Mwakiro mu ntara ya Muyinga bashoreye umwimbu w’ibigori mu ikigo ca Reta ANAGESSA, basaba ko uwurongoye iyo zone yivye ibiro 5 be n’ibirenga k’umurimyi wese yari yashoye umwimbu, yobogozwa mu banga arimwo akongera agakurikiranwa n’ubutungane. Abarimyi bagasaba kandi ko bosubizwa amafaranga batakaje mur’ubwo busuma. Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Muyinga, Jean Berchimas Mpabasi arahumuriza abo barimyi ko atamafaranga y’ivyo bigori bibwe n’uwo mukuru wa zone Mwakiro arasohoka. Inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe.
Arakenuye Eddy Claude Nininahazwe, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha.