Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 16 Rusama 2014

Publié le 16 mai 2024 par Rédaction
  1. Abantu babiri bitavye Imana batatu barakomereka mu gatondo ko kur’uyu wa kane biturutse kw’isanganya ry’imodoka ryabereye ku musozi Mutwazi muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba. Amakuru ava kur’uwo mutumba amenyesha ko iyo mpanuka yabereye aho bita ku Rukonwe, igihe imodokari yunguruza abantu yo mu bwoko bwa coaster yata ibarabara mu nyuma iratembagara hakaba hari kw’ibarababara ry’igihugu nomero zitatu. Umushoferi yari ayitwaye akaba na we nyene ari mu bitavye Imana. Ari abitavyeImana canke abakomeretse, bose baciye bajanwa ku bitaro vya Rusenyi mur’iyo komine ya Mabanda.
  2. Ngo akaruta akandi karakamira. Uwo mugani ni wo ukwiriye ku biriko barashikira Diomède Ryambabaje, yahora arongoye ibohero ry’i Bubanza. Yaraye akuwe n’ubuyobozi bukuru bw’amabohero. Akaba yahowe kuba yaha ikibanza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye mubikorwa bitandukanye uwo mukenyezi yitangira atiziganya, nk’igihe hatera ingwara y’amaso mur’iryo bohero. Ariko rero na buramatari wa Bubanza akaba ifise uruhara mw’ikurwa rya Diomède Ryambabaje, amuhora ko abarongoye abandi banyororo atabatandukanya afatiye ku moko.
  3. Tukiri ngaho mw,ibohero rikuru rya Bubanza ngo nta mvo n’imwe ishobora kubuza umufungwa kwitoza kugira ngo atorwe guserukira abandi banyororo mu gihe bamugomwe. Bishikirizwa n’ishirahamwe rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi, ni mu gihe abarongoye amabohero bankiye umupfungwa Floriane Irangabiye gushirwa ku rutonde rw’abashaka kwitoza ngo baserukire abandi. Anita Gatertse, ajejwe gutunganya ibikorwa muri ACAT Burundi, amenyesha ko ivyo vyerekana itotezwa ribandanya kugirirwa umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Amenyesha kandi ko amategeko mpuzamakungu akingira abanyororo, abuza ko umupfungwa akumirwa.
  4. Kirazira kikazizirizwa gukora uruja n’uruza gw’ikawa imbere ya sakumi na zibiri zo mu gatondo n’inyuma ya sakumi na zibiri zo kumugoroba . Uwuzofatwa arenze kuri iyo ngingo azofatwa nk’umusuma kandi azohanwa bikomeye hakurikijwe amategeko . Ivyo vyashikirijwe ejo n’umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi Posper DODIKO , hari mugihe hariko haskikirizwa abategetsi bashasha b’ikigo ODECA kijejwe gutezimbere igitegwa c’ikawa mu Burundi . Prosper DODIKO yasavye abo bategetsi gukora ibishoboka vyose kugira umwimbu w’ico gitegwa wiyongere.
  5. Ishirahamwe olucome ry,ishinze kurwanya igiturire n,isesagurwa ry.amatungo ya leta risaba rishimiste leta ko yokwubaka isoko nkuru ya Bujumbura yaturiwe hararenze imyaka cumi atagikorwa na kimwe kirarangurwa.Gabriel Rufyiri arongoye olucome asaba leta kuva mumajambo yo kw,izeza abanyagihugu ikaja mubikorwa kuko ari uruhombo runini kugihugu. Gabriel Rufyiri akaba abivuze inyuma yaho leta imenyeshereje ko iriko irategura igicapo kizokwerekana ingene isoko nkuru ya Bujumbura izoba imeze.
  6. Guhagarikwa ukwezi kumwe n’ihadabu y’ibihumbi mirongo itanu vy’amahera yamasuisse ni vyo bihano vyahawe ishirahamwe rya Basketball mu Burundi FEBABU. Ivyo bihano vyafashwe kuruyu wa gatatu n’Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko kw’isi FIBA.  Mw’ikete  ryasohowe na FIBA basigura ko ivyo bihano vyafashwe kubera ko ishirahamwe  FEBABU ryo mu Burundi ryankiye umugwi Dynamo mw’ihiganwa rya BAL aho wabuzwa kwambara imyambaro iriko  « Visit Rwanda », ugakurwa no mw’ihiganwa. FIBA rero ikaba ifashe ingingo yo guhagarika mu kiringo c’ukwezi kumwe ishirahamwe FEBABU ryo mu Burundi. Ariko, ico gihano caraheze kuko kuva kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2024 ico gihano cari catanguye n’aho cari kikiri ic’imfatakibanza. Ishirahamwe FEBABU ritegerezwa kandi kuriha  ihadabu mu kiringo c’imisi 30 guhera kuri iyi tariki ya 15 Rusama 2024. Mw’ishirahamwe FIBA bavuga ko baronse ikete kw’igenekerezo rya Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko kw’isi FIBA riragabisha ishiraha Ndamukiza uyumwaka ry’a FEBABU aho risaba ikigongwe rivuga ko ritigeze rishaka gucafuza ishirahamwe FIBA. Ishirahamwe FIBA rikaba ryagabishije FEBABU ko hamwe ryosubira gukora amakosa asa n’ayambere, rizorifatira ibihano ruhasha.
  7. Kuruhande rw,iwe Tharcisse Harerimana umuhinga mubijanye n’inkino arashimira abarongozi bashasha b’ishirahamwe ry’umupira FEBABU hamwe nuwahora arirongoye kuko bemeye amakosa bakoze mukubuza umurwi Dynamo gukina wambaye imyambaro iriko Visit Rwanda. Uyo muhinga akavuga ko inzego nshasha za FEBABU zikwiye kwirinda kugwa mumakosa nkayambere kugira ntibasubire guhabwa ibindi bihano bikomeye.

Ibindi bisa n'ibi