Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 17 Mukakaro 2024

Publié le 17 juillet 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatatu n,igenekerezo  rya     17 Mukakaro  umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na ….nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Hari abantu batatu harimwo n,umupolisi bose baturuka muri komine Muhuta haciye amezi atatu banyurujwe n,ubu ata kayambu. Abegereye imiryango yabo basaba urwego rw,ubutungane n,umurwi w,igihugu ujejwe agateka ka zina muntu kubafasha kurondera iyo ababo bapfungiwe.
  • Mugisata kijanye n,indero umwimbu ntiwabaye mwiza kubanyeshule bo mugisagara ca bujumbura bahejeje umwaka w,icenda bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bwo kw,injira mugice ca kabiri c,amashule y,isumbuye. Invo nyamukuru akaba aruko leta yahinduye ingene ibibazo vyahora bibazwa.ivyo n,ibishikirizwa na bamwe mubigisha.Muraza kubikurikira.
  • Inzoga yitwa SAPOR yahagaritswe mugihugu biturutse y,uko ishobora kubangamira ubuzima bwabanyagihugu.Iyo ngingo ikaba yafashwe n,ikigo kijejwe gusuzuma  no gucungera ko  atatunenge dushobora kw,ibonekeza mubidandazwa  bitandukanye biva hanze canke bikorerwa mugihugu BBN.ishirahamwe ryabaguzi ABUCO rirashima iyo ngingo  ngo kuko yafashwe kuneza yo gukingira   Aya nayandi ni mukanya.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n,ikaze.

Ano makuru tuyahere muntara ya Kayanza muburaruko bw,igihugu aho mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu habaye uruhagarara hagati y’abanyagihugu baba bidaciye mu mategeko mw’itongo rya paruwasi katolika ya Ruganza iri mu gisagara ca Kayanza n’abakristu bari baje kurangura imirimo muri iryo tongo. Iryo tongo rikaba riri ku mutumba wa Mwendo na wo nyene uri mu gisagara ca Kayanza.  Iyo nyifato y’abo banyagihugu ikaba yabaye inyuma y’aho mu mpera z’indwi iheze ubutungane bwari bwishikiye ku musozi wa Mwendo kwegurura iryo tongo iyo paruwase. Inkuru ya Alexandrine Keza.

Naho mugisata c,agateka ka zina muntu abegereye imiryango n’abanyagihugu batatu barimwo umupolisi w’igihugu bose bavuka muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge inyuma y’amezi atatu abo bantu banyurujwe bakaburwa irengero nubu barabuze amakuru yababo. Basaba ubutungane n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu kubafasha kumenya iyambu ry’ababo kuko hari abigeze kubabwira ko boba bapfungiwe mu Gasho k’iperereza i Bujumbura. Inkuru ya Bonfils Niyongere.

Imyidogo ni myinshi kubunguruza abantu nama pikipiki muntara ya Bururi .Bavuga ko kuva kumunsi w,imana birirwa bakongera bakarara batondeye ibitoro ariko ntibabironke.Ikibabaje ngo n,uko abategetsi n,abatanga igiturire aribo bonyene bakironswa.N,inkuru ya  Jean Marie Ndabashinze……

Tubandanirize ano makuru mugisata c,indero .umwimbu ntiwabaye mwiza mu banyeshure bahejeje umwaka w’icenda bakoze ikibazo ca leta kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca 2 c’amashure yisumbuye mu gisagara ca Bujumbura. Bishikirizwa na bamwe mu bigisha, bakavuga ko imvo nyamukuru ar’uko leta yahinduye ingene ibibazo vyahora bibazwa batabimenyeshejwe kuko bahora bahabwa urutonde rw’ibibazo ari na rwo bahora bisunga mu gutegura ico kibazo ca leta. Basaba ubushikiranganji bw’indero kwiga neza ibijanye n’ico kibazo kuko hari mwo agahaze. Iyi nkuru tuyibaze Evelyne Mukeshimana.

Tumire amate hanyuma tubandanye amakuru twabateguriye.

Inzoga yitwa SAPOR yahagaritswe. Iyo ngingo yafashwe n’ikigo BBN kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa bitandukanye. Jérémie Ngezahayo arongoye ico kigo, avuga ko basanze abakora iyo nzoga barabeshe, kuko ivyo bavuga ko bashira mwo, nk’ivyamwa, atari vyo. N’umukuru w’Igihugu na we nyene akaba yari yariyamirije inzoga nk’izo asaba abjejwe intwaro ko bozihagarika. Reka iyo nkuru tuyibaze josephine jones Nkunzimana …

Ishirahamwe ry’abandandaza ABUCO rirashima iyo  ngingo yo guhagarika urudandazwa rw’ico kinyobwa SAPOR. Iryo shirahamwe risaba ahubwo ko hoba inama rukokoma yofata ingingo no kubindi binyobwa bikaze , ku neza y’amagara y’abanyagihugu . Dutegamatwi Noel Nkurunziza umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abandandaza ABUCO.

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n,ahubutaha.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe ,,,………

 

Ibindi bisa n'ibi