Turi kuwa gatandatu n,igenekerezo rya 17 Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na ….nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Urunani ruhurikiyemwo abamenyeshamakuru UBJ rurashima ingingo y’umukuru w’igihugu yo kurekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye y’aramaze imyaka ibiri mumunyoro.Alexandre Niyungeko arongoye ubj arashima iyo ngingo ariko akibutsa ko hari uyundi mumenyeshamakuru Sandra Muhoza nawe ari muburoko kandi ataco ariko arazira. Urunani CBBDH narwo nyene rurashima iyo ngingo ariko rubonako hakenewe urwego rukomeye rwoza rukingira abaharaira agateka ka zina muntu.Muraza kuvyunva.
- Nayo mukiganiro kw’isoko c’uno munsi tuza kugaruka kw’ishirwaho ry’imirwi ijejwe amatora kurwego rw’amakomine CECI irindiriwe n’imigambwe, aho yose isaba ko yoserukirwa.Aya n’ayandi ni mukanya. Ndasubiye kubaramutsa no ngera ndabaha n’ikaze.
Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ rurashimishwa n’ingingo y’umukuru w’igihugu yo kurekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye akorera Radio igicaniro agasubira kw’idegenvya,agasubira mumuryango wiwe inyuma y’imayaka ibiri ari mw’ibohero. Floriane Irangabiye mumwaka w’i 2023 yari yaciriye imyaka cumi y’umuyororo y’agirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu’.ico gihano cahavuye cemezwa na sentare y’iyungururizo naho amashirahamwe atandukanye ahurikiyemwo abamenyeshamakuru co kimwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu atahengeshanya gusemerera avuga ko uyo mumenyeshamakuru ariko ararenganywa.Alexandre Niyungego arongoye UBJ avuga ko iyo ngingo ari nziza ariko akaba atewe umutima uhagaze n’uko hari uwundi mumenyeshamakuru Sandra Muhoza ari mw’ibohero aho arindiriye gucirirwa urubanza.Urunani rw’abamenyeshamakuru Ubj rumenyesha kandi ko rubabajwe n’iterabwoba n’ihohoterwa ry’abamenyeshamakuru ridasiba kw’ibonekeza kandi atakindi baba bazira atari umwuga wabo.Ubj isaba reta kunagura imigenderanire n’ibimenyeshamakuru mugushira imbere ubwigenge bwo kumenyesha amakuru nkuko umukuru w’igihugu yavyemeye.
Tukiri kubijanye n’irekurwa rya Floriane Irangabiye ngo harakwiye urwego rufise inguvu zikwiye zo gukingira abaharanira abateka ka zina muntu. Ako n’akamo gaterwa n’Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu. CBDDH rukaba rwabivuze mw’itangazo rwasohoye mu gukeza irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane yasohotse ibohero ku mus iwa gatanu ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu. Bertrand Ndikuriyo, umuvugizi w’urwo runani, akizera ko iyo ngingo itafashwe kugira iyikoreshe mu kurondera inyungu ku bafitaniye imigenderanire n’Uburundi. Kurikira Bertrand Ndikuriyo.
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka kw’ishirwaho vuba ry’imigwi y’amatora mu macommunes CECI, imigwi irindiriwe cane n’imigambwe yagumye isaba ko yose yoserukirwa bihagije. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Pierre Gahungu.
Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku burundi mubishikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru yo kurunow’agatandatu igenekerezo rya 17 Myandagaro nkaba nshimiye mwebwe mwese mw’aduteze yompi,nkaba nshimiye na bagenzanje banfashije kuyatororokanya ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe, BONFILS NIYONGERE nahubutaha.