Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 18 Ntwarante 2025

Publié le 18 mars 2025 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe ncuti bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa kabiri igenekerezo rya 18 Ntwarante umwaka wi 2025. Ayo twabateteguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize.

  • Baraye bahagaritse akazi kuva kuruyu wambere kuko baheraniwe amafranga yamezi abiri, abo nabo n’abakozi bari mubikogwa vyo kubaka kukibuga ciswe Nkurunziza Peace Park Stadium kiri muntara ya Makamba. Abahoze nabonyene bakorera kurico kibuga bavuga ko birukanywe hadakurikijwe amategeko basaba ko botunganirizwa. Muraza kubikurikira
  • Mugisata ca politike naho, abanywanyi b’umugambwe CNL bo muri commune Mpanda y’intara ya Bubanza ishavu riraniga kubera ko babujijwe gukora inama kumusi wamungu uheze kandi bari bafise uruhusha. Abo banywanyi bakabona ko ari inyifato mbi y’indongonzi zidakurikiza amategeko mukubarabuza ibikogwa vy’umugambwe CNL.
  • Abanyagihugu nabo bo muntara ya Ngozi ntibakigira ayo bacira nayo ba mira kubera ubukene bw’igitoro bwabaye ndanse muriyo ntara. Ibiciro vy’ibidandazwa vyankenegwa bikaba vyaradugijwe kurugero rudasanzwe cokimwe n’ibiciro vyo kwiyunguruza. Kaze mwese

Ndasubiye kubaramutsa mwese

Abakozi bari mubikorwa vyo kubaka ku kibuga Nkurunziza Peace Park Stadium i Makamba barahagaritse akazi kuruyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ntwarante, kugira bishuze amezi abiri y’umushahara baheraniwe. Murico gihe nyene, abahoze ari abakozi kurico kibuga nabo bagiriza abarongoye ico gikorwa ko birukanywe hatisunzwe amategeko, bagasaba gushumbushwa. Umurwi uhuza impande zose waciye ushirwaho, ariko abakozi baracakeneye inyishu itomoye kurivyo birarane. Inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe.

Arakenuye Eddy Claude Nininahazwe

Tubandanye mugisata ca politike

Inama y’umugambwe CNL yarabujijwe ko iba kuruyu w’imana uheze igenekerezo rya 16 Ntwarante k’umutumba Gatangura wa commune Mpanday’intara ya Bubanza. Abanywanyi buwo mugambwe bakavuga ko ibisabwa vyose vyari vyatanzwe vyo gusabira uruhusha iyo nama. Bagatangazwa n’inyifato y’umukuru wuyo mutumba yo guhagarika iyo nama ata mvo zisiguritse atanze. Ido n’ido na Pacifique Nkeshimana

Tumushimire na Pacifique Nkeshimana

Ishirahamwe AJNA rigwanya ikibi n’akarenganyo biciwe mu bwitonzi ririyamiriza ryivuyinyuma ingendo y’abapolisi , aho ku musi w’imana uheze , bakubise umunyagihugu gushika arapfa , n’umunyagihugu yari apfungiwe mu gasho ka zone UWINGOMA iri muri komine ya Butihida mu ntara ya Muyinga. Uwo munyagihugu ngo bamuhoye ko yashatse gutoroka. Iryo shirahamwe AJNA ribonako iyo ngendo y’abapolisi yo kwiyicira , ari ingendo igayitse kandi iteye kubiri n’amategeko , rigasabako aba polisi bakoze ubwo bwicanyi bofatwa bagahanwa ku caha bakoze. Risaba kandi ko abapolisi bose boronswa inyigisho zikwiye kugira birinde ayo makosa yashikiye bagenzi babo. Dutegamatwi Jean Nduwimana arongoye ishirahamwe AJNA.

Radio Inzamba tubandanye ayo twabateguriye

Mu ntara ya Ngozi turi mu buraruko bw’igihugu aho havugwa ubukene bw’igitoro buguma bwibonekeza muri kino gihe. Iryo bura rituma ibintu vyose biduga ibiciro, abiyunguruza canke abaja kwivuza kure bagahitamwo kubiheba, bagatinya ko amagara yabo ashobora kubangamirwa. Basaba leta gutorera inyishu ico kibazo ku neza y’igihugu n’abanyagihugu. Iyi nkuru tuyibaze Claude Manirakiza

Arakoze na Claude Manirakiza

Mugusozera aya makuru

Tubabwire ko,

Abakozi ba leta bakorera ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bagera kumajana 400 mu gisagara ca Bujumbura n’abangana 200 hagati mu gihugu bagiye kubakirwa uburaro bazobamwo bari ku kazi, eka n’abagiye mu zabukuru bakaronka aho baba badapanze. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Venuste Muyabaga, yamenyesheje kuwo mugambi wa mbere uraba abakozi bubwo bushikiranganji ariko ngo ukazohava utandukira n’ubundi bushikiranganji muri kazoza. Imvo ahanini ngo nukugira abakozi boroherwe mu kazi kabo maze barwize umwimbu kandi ntibakore bafise amakenga kuri kazoza kabo inyuma yo kuja muzabukuru. Tumwumvirize.

Ni kuriryo jwi ry’umushikiranganji w’abakozi n’akazi duciye dusozererako amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bakoze bagenzanje bafashije kuyegeranya. Mugire ibihe vyiza iwanyu no mubanyu. Naho ubutaha

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi