Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 17 Nyakanga umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Aya nayo akaba agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Ishirahamwe ESDDH ryishinze kuvugira abaharanira agateka ka muntu bari mungorane rirahagaritswe umutima n’ikibi kiriko gikorerwa muganga Christophe Sahabo yahoze ari umuyobozi w’ibitaro Kira Hospital. Ivyo vyose bigakorwa umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH urorera.
- Impunzi z’abarundi baba mu gihugu ca Tanzaniya boba bagiye kubahirizwa muburenganzira bwabo nk’impunzi murico gihugu ca Tanzaniya. Icizere nicabaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi inyuma y’inama yabahuje n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR I Genève ahariko habera inama igira 57 ya ONU kubijanye n’agateka ka zina muntu, aho abaserukira ishirahamwe HCR biyemerera kw’ico kibazo bakizi kandi bariko baragikurikirana.
- Umugambwe CODEBU uranegura ingingo iherutse gufatwa na leta yo kuduza ibiciro vy’isukari ku rugero rudahuye n’ubushobozi bw’abanyagihugu uno munsi bugarijwe n’ubuzima buzimvye. Uwo mugambwe ukabonako ingingo zafatiweko n’ubuyobozi bukuru bw’ihinguriro SOSUMO zidafashe na gato, murabikurikira Murano makuru.
- Reka nsubire ndabipfurize ikaze, mukanya amakuru mw’ido n’ido.
Amakuru twabateguriye tuyahere muyavugwa mu gisata c’agateka ka zina muntu,
Birababaje kubona amabi ariko akorerwa umuganga Christophe Sahabo umurwi ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH urorera. Ivyo binegurwa n’ishirahamwe ESDDH ryishinze kuvugira abaharanira agateka ka muntu bari mungorane mw’itangazo ryasohoye kuri uno wa kabiri. Germain Rukuki arongoye iryo shirahamwe akibaza ibiri inyuma y’ihohoterwa ry’uwo yahoze ari umuyobozi wa Kira Hospital, inyuma y’aho akuriwe mu bitaro kandi ari indembe agasubizwa mw’ibohero ryo mu Ruyigi. Kurikira Germain Rukuki.
Tukiri mu gisata c’agateka ka zina muntu,
Abarongoye ishirahamwe ryitaho impunzi kw’Isi HCR bavuga ko bagiye kubandanya kuvugana n’abarongoye igihugu ca Tanzania kugirango agateka k’impunzi z’abarundi ziri murico gihugu kubahirizwe bikwiye. Ivyo vyemezwa n’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi inyuma y’umubonano bahawe kuruyu wa kabiri n’abarongoye ishirahamwe HCR ku cicaro cayo gikuru i Genève mu Buswise mugihe bari mu nama igira 57 y’ishirahamwe ONU kubijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana ari mubari muruwo mubonano asigura ko abarongoye HCR bemeza ko ibibazo vyinshi bihanze impunzi z’abarundi ziri mu Tanzania babizi. Uyo mushingwamanza akizera ko hagiye kuba akarusho k’ukuntu izo mpunzi z’abarundi zifatwa n’igihugu ca Tanzaniya. Kurikira.
Mu gisata c’ubutungane,
Umunyororo w’ubuzima bwose n’indishi y’akababaro y’imiliyoni 100 nico gihano caraye giciriwe abasirikare 2 na sentare ya gisirikare ku mugoroba wo kuruyu wa mbere. Indishi y’imiriyoni 100 itarishwe abo basirikare bakaba bazoca bapfungwa Umunyororo w’agatsindikizo w’imyaka 250. Abo basirikare 2 bo mu rwego rwa bato bato bakora mw’ishure ry’ibisongerezi mugisirikare mw’ikambi i bururi bagiwe n’icaha co kwica Éric Ndayizeye yakora akazi ko kwunguruza abantu. Éric Ndayizeye akaba yagandaguwe kuwa 20 ruhuhuma uyu mwaka ku mutumba Ndago wa commune Songa intara ya Bururi. Abanyagihugu bo ngaho bakaba aribo bahagaritse abo basirikare batwaye iyo moto inyuma yo kwica uwo agendesha ipikipiki. Ababurana ntibemera icaha ariko bakaba batigeze baronka amasura ikibakurako nkuko vyashikirijwe n’umushikirizamanza. Umuryango w’umuhisi wo urashima urubanza rwaciwe na sentare ya gisirikare.
Mu makuru ajanye n’ubutunzi,
Umugambwe CODEBU umenyesha ko watangajwe n’iduzwa ry’igiciro c’isukari kandi ko insiguro zatanzwe n’ubuyobozi bukuri bw’ihinguriro SOSUMO zidahagije. Kefa Nibizi arongoye uwo mugambwe, aragabishako iryo duzwa ry’igiciro c’isukari rizotuma haduga n’ibindi bicuruzwa bihingurwa hakoreshejwe isukari, ibica biza kubandanya guhungabanya abanyagihugu basanzwe bahanzwe n’ubuzima buzimvye. Ahamagarira leta gusubiramwo iyo ngingo kugira ibiciro vyisunge ubushobozi bw’abanyagihugu. Kurikira.
Mu makuru ajanye n’ibidukikije,
Kuva mu kwezi kw’umunani kw’uwu mwaka haribonekeza imiriro mwinshi ya nyakanga mu ntara za Makamba, Bururi na Rumonge. Ama hegitati n’ama hegitari y’imirima y’ibiti yarahiye iratokombera. Iyo mirima yahiye ikaba irimwo iya leta ny’iyabantu ku giti cabo. ido nido na Jean Georges Kibogora.
Ni kurino nkuru ivugwa mu gisata c’ibidukikije duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Jean Baptiste Bireha, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, nahubutaha.