Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 17 Ruheshi 2024

Publié le 17 juin 2024 par Rédaction
  1. Abanyeshure b’abigememe 60 n’abahungu 28 bahora biga mu mwaka w’icenda w’ishure shingiro muntara ya Muyinga nibo bahevye ishure mur’uno mwaka w’ishure w’i 2023 ushira 2024, nk’uko amakuru ava mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Muyinga avyemeza. Abo bana bahora biga mu mwaka w’i 9 bataye ishure bivanye n’imvo zitandukanye, nko gutwara inda batifuza be no kuja kwubaka ku bigeme, hamwe rero n’abana b’abahungu bamwe bagiye gukorera amafaranga. Amakomine ya Muyinga na Gashoho  akaba ariyo aza imbere mu bitigiri binini vy’abo bana bahevye ishure ugereranije n’ayandi makomine.
  2. Icikagurika ry’amatara riguma ryibonekeza mu gisagara ca Bujumbura rirahungabanya ibikorwa vy’abigisha n’abanyeshure bo mu makaritiye yo mu buraruko bw’ico gisagara. Abigisha bavuga ko ibibazo vy’abanyeshure bishobora gusiba kubera babuze ingene babifotora. Umwimbu w’abanyeshure nawo ngo uzohava uba muke kubera badategura neza ibibazo kuko ata matara aba ahari.
  3. Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugirango bashike kw’iterambere rirama , riranegura ingene mu nteguro y’amafaranga leta izokoresha mu mwaka w’i 2024 ushira uw’i 2025 , ibikorwa bisanzwe vya misi yose arivyo bizotwara ibice 90 kw’ijana vyayo mafaranga. Iryo shirahamwe ribabazwa nuko ibikorwa ngirakamaro k’umunyagihugu nko kugwiz’umwimbu, kwubaka amabarabara , amashuli , amvuriro n’ibindi bitahawe agaciro gakwiye.
  4. Ishirahamwe PARCEM ribonako integuro y’amafaranga leta ikoresha yari ikwiye gufatira cane cane ku bintu vya nkenerwa bihanze abanyagihugu muri ico gihe.
  5. Mumakuru y’inkino, umurwi wa Rukinzo mu mupira w’amaguru niwo waraye utahukanye igikombe citiriwe umukuruw ‘igihugu, uca ironka n’umuliyoni w’amarundi. Muri basket naho inkino zarabandije mu ntumbero yo kurondera imirwi izokina ihiganwa ry’uyu mwaka ku rwego rw’igihugu.

Ibindi bisa n'ibi