Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 17 Ruhuhuma 2025

Publié le 17 février 2025 par Rédaction

Turi kuwa  mbere  n’igenekerezo  rya  17 Ruhuhuma  n’umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango  rya makuru mukirundi nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira.

  • Abantu bagera hafi ibihumbi cumi n’ibo bamaze kw’akirwa m’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 14 gushika uno munsi bahunga inambara z’iriko zibera mugihugu kibanyi ca Congo.Vyashikirijwe  n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu n’umutekano Martin Niteretse mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru kuruyu wa mbere.
  • Abasirikare b’uburundi bahamagarirwa kw’ifatanya n’abarundi bagasezera ubutegetsi bwa CNDD FDD bw’abasutse muntambara yo mugihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro Rusangi atanyungu ifitiye Uburundi.Ivyo biri mw’itangazo rya sohowe n’umugambwe MSD inyuma yaho abasirikare b’uburundi bakuriye meza bahunga umuhari M23 Muntambara zabereye i Bukavu.
  • Mumakuru ajanye n’ibidukikije imyidogo ni yose mubanyagihugu begereye ahari ihinguriro ry’isima Buseko.Basaba ko ryo kw’imurirwa kure y’imihana kuko ivyotsi birivamwo bibabangamiye.

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze.

Abantu bababa ibihumbi cumi nibo Uburundi bumaze kwakira bahunga intambara mu gihugu kibanyi ca Congo Aho ni kuva ku magenekerezo ya 14 gushika kurya 16 Ruhuhuma. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu guhugu mu kuganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa mbere. Martin Niteretse amenyeshako abahunze bashikanwa mu bigo vy’imfatakibanza vy’i Gihanga mu ntara ya Bubanza no mu ntara ya Cibitoke. Yongeye aramenyeshako hari igikorwa c’igipolisi kiriko kirafata abanyamahanga baba mu gihugu badakwije ivyangombwa, abo nabo ngo baca basubizwa mu bihugu bavuyemwo. Tumukurikire.

Tukiri kumakuru ajanye n’intambara zo muri congo ,Kubona abasirikare b’Uburundi barungitswe kurwanya umuhari M23 bafadikanije n’igisirikare ca Congo bahunze aho bataye bariruka bigaragaza ko badashaka gusiga ubuzima muntambara ataco imariye igihugu.Ivyo biri mw’itangazo ry’ashowe kuruno w’ambere n’umugambwe MSD aho uhamagarira abasirikare b’Uburundi kw’ifandikanya nabanyagihugu bagasezera intwaro ya CNDD FDD.Kurikira François Nyamoya n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD.

François Nyamoya asaba Abarundi gufatana munda muri kino gihe ngo kuko intambara iriko ibera mugihugu kibanyi ca Congo ishoba kugira ingaruka mbi kubarundi biturutse kuntwaro ya CNDD FDD .N’ubu nyene tumukurikire.

imyidogo ni myinshi mu banyagihugu baba hafi y’ihinguriro ry’isima BUSEKO riri muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke. Bavugako ivyotsi bibi biva muri iryo hinguriro bibangamiye amagara yabo, bagasabako ryokwimurigwa ahandi. Ni inkuru tubaza Pacifique Nkeshimana.

Mugisata kijanye n’ubutunzi haribonekeza ikena ry’ibinyobwa vy’ihinguriro Brarudi muri commune Rugombo y’intara ya Cibitoke. Abanyagihugu bo muriyo commune bakababazwa nuko aho bibonetse ivyo binyobwa bigurishwa ibiciro vy’umurengera. Bakanegura ko ivyo vyose biba abajejwe inntwaro barorera ntuhagire ico bakora. Bagasaba ko ibiciro vyashinzwe na leta vyokubahirizwa. Ido n’ido na Parfait Mudasigana

Dusozerere ku makuru y’inkino nk’uko vyama buri wa mbere. Mu mupira w’amaguru, Bumamuru n’ubu niyo iri kw’isonga ry’ihiganwa Ku ndwi igira 20, ni inyuma yaho  yaraye inganije na Aigle noir bariko bahiganirwa ico kibanza. Umurwi nserukiragihugu w’abigeme buca ufata urugendo ugana igihugu ca Mali aho ugiye gutana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Burkina Faso mu nkino zo kurondera ticket yo gushika mu nkino z’igikombe ca Africa zizobera muri Maroc mu mwaka uza. Muri basket-ball, umurwi w’urunani niwo watwaye igikombe citiriwe ubumwe, mu nkino zatunganijwe na FEBABu ifadikanije na MAC Burundi, ishirahamwe rukristu. Inkuru ya Alexandre Niyungeko

Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe  banfashuje kuyabatororokaniriza  mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi