Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 17 Rusama 2014

Publié le 17 mai 2024 par Rédaction
  1. Abantu bane barapfuye mu masanganya y’imiduga kuva kuwa gatatu gushika kuri uwu wa gatanu w’iyi ndwi kw’ibarabara ry’igihugu inomero ya gatatu ahitwa ku Rukonwe muma komine ya Mbanda na Nyanza lac mu ntara ya Makamba. Abakoresha iryo barabara bavugako ububi bwaryo aribwo butera ayo masanganya.
  2. Umugambwe MSD urarajwe umutima uhagaze n’umutekano muke urangwa hirya no hino mugihugu, aho imirwi yabitwaje ibirwanisho itera ama gerenade mubanyagihugu, ahandi naho abanyagihugu bakanyuruzwa abandi bakicwa. Akarorero ka hafi akaba ari umunyagihugu aheruka kw,icirwa muri zone Carama avuye kuraba umukenyezi wiwe yibarutse. Epitace Nshimirimana avugira umugambwe MSD avuga ko uyo mutekano muke uterwa n,ubutegetsi bwa Ndayishimiye kugira busamaze abarundi bibagire ibibazo bigoye barimwo. Epitace nshimirimana asaba Leta ko yohagarika ivyo bintu ngo kuko bitebe bitebuke izobibazwa.
  3. Murunani FODIB rw’abarundi baba k’umugabane wa bulaya nabonyene bavuga ko barajwe ishinga n’amabi atandukanye ariko arakoregwa abarundi murikino gihe. Bakaba bababazwa nuko ayo mabi akogwa izuba riva kandi ari igihugu citwa ko gifise abakirongoye. Umupfasoni Claudia Curinyana Anderson arongoye ugwo runani rw’abarundi baba k’umugabane wa bulaya agasaba abategetsi b’uburundi kuva mugacerere bakarondera abakorera amabi abarundi maze babashengeza imbere y’ubutungane bakongera bagatorera inyishu ikibazo c’ubukene cugarije abarundi isinzi.
  4. Bamwe mubarimyi n’ama coopératives yo muri commune Giharo mu ntara ya Rutana, bavugako bariko birirukanwa aho bahora barimira mu mwonga wa Mukazye watunganijwe ku mugambi wa reta. Abo barimyi bagiriza uwurongoye ibiro vy’intara bijejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi kubanyaga aho bahora barimira hagashikirizwa abandi hisunzwe imvo za politike hamwe n’ibiturire.
  5. Kubaho mu Burundi bisigaye ari igihamana kubera ubukene abanyagihugu barimwo kubera ibiciro vy’ibintu vyose vya nkenerwa vyaduze. Abanyagihugu bemeza ko muri kino gihe inoti y’10 000 isuma ikiro kimwe c’umuceri na kimwe c’ibiharage gusa, bakavuga ko babimaze mwo ikiringo c’umwaka. Ngo bama mu madeni batazi n’ingene bazoriha, bakababazwa n’akagwi k’abantu bakeya kaguma gatunga ku rugero rudasanzwe

 

Ibindi bisa n'ibi