Turi ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 18 Gitugutu umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Aya nayo akaba agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Ingingo yaraye ifashwe na leta yo kugabanya gushika ku mafranga ibihumbi bitandatu ikilo c’isukari, yakiriwe neza n’abanyagihugu, ariko ngo nubu ico giciro kiracari hejuru hisunzwe ubushobozi bw’abanyagihugu. Bagasaba leta ko yobandanya yiga ico kibazo. Eka no mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO niko babibona.
- Abantu 14 ni bo bamaze kuribwa n’imbwa ziyerereza mu ma komine atatu y’intara ya Kayanza mu kiringo kidashikana iminsi cumi. Ivyo bitigiri bikaba bihagaritse umutima abanyagihugu mu gihe ata n’urucanco rw’ibisazi vy’imbwa rurangwa muri kino gihe muriyo ntara.
- Habandanya kuvugwa inryane zishingiye ku matongo hagati y’abasangwa n’abahungutse muri commune Nyanza-lac y’intara ya Makamba. Abasangwa bavugako batariko baratunganirizwa bagasaba umukuru w’igihugu ubwiwe kubafasha kuronka umuti w’ico kibazo.
- Kwari uguca kumayange, mukanya isase, amakuru mw’ido n’ido.
Ndasubiye kubaha ikaze.
Abantu 14 ni bo bamaze kuribwa n’imbwa ziyerereza mu makomine atatu y’intara ya Kayanza mu kiringo kidashikana iminsi cumi, imbwa 12 na zo ziramaze kwicwa. Ivyo bikaba biriko biraba mu gihe mu ntara y’ubuvuzi ya Kayanza ata rucanco rw’ibisazi vy’imbwa ruhari ku buryo bamwe mu baba bariwe n’izo mbwa bafise uburyo baja kwivuza mu ntara ya Cibitoke ihana urubibe na Kayanza. Mu buyobozi bw’intara y’ubuvuzi ya Kayanza bakamenyesha ko urwo rucanco rugiye kuboneka vuba. Ido n’ido na Jean Georges Kibogora.
Jean Georges Kibogora arakenuye.
Mu gisata c’imibano, hari ukutumvikana biturutse ku nryane z’amatongo hagati y’abasangwa n’abahungutse bava ku mutumba Buheka ni muri komine Nyanza lac mu ntara ya Makamba. Abasangwa bavuga ko birirwa barafatwa abandi ngo bakagirwako iterabwoba. Basaba umukuru w’igihugu gufata ico kibazo mu minwe kuko izindi nzego zananiwe no kubuzuriza. N’inkuru ya jean Baptitse Bireha.
Baptitse Bireha nawe nyene tumukengurukire. Inyuma y’akaruhuko gato, amakuru twabateguriye tuyabandanyiriza mu gisata c’ubutunzi.
Ingingo yo kugabanura igiciro c’isukri yafashwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji yakiriwe neza mu banyagihugu. Ariko rero n’ubu babona ko igiciro c’ibihumbi bitandatu ku kilo ari menshi cane bafatiye ku mikoro make hamwe n’ubukene abanyagihugu bari mwo. Iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona.
Mw’ishirahamwe ABUCO ry’abaguzi, niko nabo babibona. Pierre Nduwayo arirongoye abonako igiciro c’ibihumbi bitandatu vy’amafranga y’amarundi ku kilo, akiri umurengera hisunzwe ubushobozi bw’abanyagihugu. Aranegura kandi ibibazo bibandanya birangwa murudandazwa rw’isukari agasabako hoshirwaho ibihano ruhasha kugira ico gisata gikurikize amategeko. Kurikira.
Pierre Nduwayo arongoye ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, akaba yabivugiye kuri radio Bonesha Fm.
Ikibazo c’ubukene buzurinzara kibandanya cibonekeza mu Burundi. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye, abonako kugirango ubwo bukene bugabanuke, leta yari ikwiye gukora ibishoboka vyose ngo hagwizwe umwibu. Iyo leta ayisaba guhimiriza abanyagihugu kurima kijambere, gutezimbere ubushakashatsi mu gisata c’uburimwi, no kuronsa ico gisata uburyo bukwiye. Dutegamatwi Faustin Ndikumana abivuga mu ntumbero yo kwibuka umusi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza, n’uwahariwe kugwanya ubukene, ni iminsi ihimbazwa ku ma genekerezo ya 16 na 17 ukwezi kw’icumi, uko umwaka utashe.
Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.
Ni no kuriryo jwi ryiwe duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Pierre Gahungu, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, naho ubutaha.