Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 18 Nyakanga 2024

Publié le 18 septembre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatatu  n,igenekerezo  rya    18 Nyakanga umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na  jewe jean Baptiste Bireha nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

 

  • Imyaka 63 irarumanye  umugambwe w’abadasigana UPRONA  warurongowe n’umuganwa Rudoviko Rwagasore  utsinze amatora yo mu mwaka w’i 1961 intsinzi yatumye uburundi bushika ku ntahe yo kw’ikukira .Karori Nditije yahoze arongoye umugambwe               Uprona co kimwe n’uwahoze ari umunyepolitike muganga Alphonse Rugambarara barabazwa nuko abategetsi bagiye barongora igihugu batigeze bubahiriza iragi rya Rwagasore  ahubwo bashize imbere inyungu zabo bwite .
  • Barataka batakamba ko bosubizwa amafaranga yabo bakaswe arenga ibihumbi amajana atanu yitwa ko arayo kw’ivuza .Abo sabandi n’abakozi bahawe akazi mumugambi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca sida PNLS aho bavuga ko buri kwezi babakata ibihumbi birenga mirongo itandatu na bitanu ariko batigeze bavuzwa na rimwe .
  • Abavyeyi bo mugisagara ca Bujumbura bariyamiriza ingingo iherutse gufatwa na leta yo kuduza incuro zibiri isukari ihingurwa n’ishirahamwe SOSUMO .Bavuga ko abana babo bagiye kubaho nabi no kuzorwara ingwara zifatiye kukubaho nabi.Aya nayandi ni mukanya ;

 

Ndasubiye kubaramutsa .Ano makuru tuyahere muri politike .

Uno musi imyaka 63 irarumanye neza na neza umugambwe w’abadasigana UPRONA utsinze amatora yo mu 1961. Iyo ntsinzi niyo yashikanye Uburundi ku ntahe y’Ukwikukira yabonetse mu mwaka w’i 1962. Ivyo navyo vyashobotse kubera   urugamba rudasanzwe rw’umuganwa Ludovika Rwagasore nabo barikumwe bakoze kugirango umurundi wese yishire yizane,   nkuko bivugwa Alphonse Rugambarara yahoze ari umunyepiolitike kandi akurikiranira hafi ahahise k’Uburundi . Tumutegamatwi .

Alphonse Rugambara arababazwa nuko abategetsi buburundi bagiye barakurikirana batubahirije iragi ry’umuganwa Ludoviko Rwagasore . Asaba abarundi bose bakunda igihugu cabo , kuvavanura n’umutima w’amacakubiri, bakama na ntaryo , baharanira ubumwe n’ugusubiza hamwe. Dusubire tumwumvirize.

Tukiri kuriyo nkuru nyen Intsinzi y’umugambwe UPRONA mu mwaka w’1961 yashitsweko kubera politike nziza y’umuganwa Rudoviko Rwagasore yarishingiye ku ntwaro ibereye, ubutungane bwigenga, iterambere kuri bose n’ibindi. Bivugwa na Karoli Nditije, yahoze arongoye umugambwe UPRONA. Yamara kubwiwe, ngw’abategetsi ba kino gihe b’umugambwe CNDD-FDD ntibigeze bagendera iryo ragi kuko bashirimbere amacakubiri ashingiye ku bwoko no ku migambwe, hamwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu buryo bwose. Charles Nditije ahamagarira abarundi kurema bakaguma bafatanye mu ndwa mukwirinda ico cose kibavangura bongera biyumvira kuri kazoza k’igihugu. Kurikira.

Dutandukire igisata kijanye n’intwaro ibereye .Imyidogo ni yose mubakozi bahawe akazi mumugambi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Sida PNLS kugira ngo bakurikirane abarwayi bagendana umugera wa Sida .Bavuga ko bakaswe amafaranga arenga ibihumbi amajana atanu kuva mukwezi kwa mbere aho bateye igikumu kumasezerano ya kazi amafaranga yitwa ko arayo kubavuza .Bavuga ko batigeze bavurwa na rimwe bagasaba nyabuna ko bosubizwa ayo mafaranga yabo :Ninkuru ya Eddy Claude Nininahazwe :

EL

Abavyeyi b’abana baba mu gisagara ca Bujumbura bariyamiriza ingingo yafashwe na lata yo kuduza incuro zirenga zibiri igiciro c’isukari ikorerwa mu Burundi n’ihinguriro SOSUMO. Abo bavyeyi bavuga ko bitagiye kuborohera kuronka ico bayigura, bagatinya ko abana babo bashobora kugwara ingwara ziturutse ku gufungura nabi mu gihe bahora bayikora ko mu kugaburira abana umusururu. Basaba leta gusubira mwo iyo ngingo, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Imbere yo gusozera ano makuru dutandukire igisata c’ubutungane haraheze ukwezi, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa yatanze itegeko ku batwara amasentare atandukanye mu gihugu, gusubira mwo imanza zose zo kugabana amatongo y’umuryango anganisha abahungu n’abakobwa bavukana. Iyo ngingo ngo ije gusubiza inyuma uburenganzira bw’umukenyezi. Ivyo binegurwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mw’itangazo waraye usohoye. Marie Louise Baricako awurongoye akavuga ko bitangaje kubona umukuru wa sentare ntahinyuzwa ahonyanga ubwigenge bw’abacamanza mu kazi kabo, eka mbere n’amategeko atandukanye nk’Ibwirizwashingiro. Tumutege amatwi.

Marie Louise Baricako abandanya ahanura umukuru wa Sentare ntahinyuzwa kwisubira ko agahindura iryo tegeko yahaye abacamanza. Agahamagarira reta n’Inama nshingamateka kwicarira amategeko yotuma abahungu n’abigeme bagira uburenganzira bumwe. Dusubire tumukurikire.

 

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

 

 

 

 

Ibindi bisa n'ibi