Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatandatu igenekerezo rya 19 Gitugutu umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira
- Hari abarundi munani bapfungiwe mu gihugu ca Mozambique haraheze amezi atanu. Abo barundi bakaba bari bagiye murico gihugu kuronderayo ubuzima. Igipolisi kijejwe uruja n’uruza kikaba kiriko gisaba amahera kugirango barekurwe barungikwe iwabo.
- Ihuriro ry’abarundi baba k’umugabane wa bulaya FODIB ririyamiriza umusi mukuru wiswe Burundi day uriko uratunganywa mu gihugu c’ububiligi n’abavuga ko baserukira abarundi baba hanze. Iryo huriro ribona ko ico gikorwa categuwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD kugira babandanye gutandukanya abarundi baba mumahanga.
- Mu kiganiro « Kw’īsôko » naco c’uno musi, tugaruka ku makenga y’abarongoye imigambwe kubijanye n’ikirangamisi c’amatora babona ko gica kubiri n’ibwirizwa shingiro ry’uburundi. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya
Ndasubiye kubaramutsa
Abarundi umunani bari bagiye mugihugu ca Mozambique kurondera akazi ko kw’isumamwo bapfungiwe muri ico gihugu haciye amezi atanu.Igipolisi kijejwe gucungera imbibe n’uruja n’uruza muri ico gihugu gisaba ko umwe wese yotanga amafaranga ibihumbi 30.000 yo murico gihugu kugira batahukanwe. n’ inkuru ya Jean Baptiste Bireha
Arakenuye Jean Baptiste Bireha
Tubandanye muburaruko bw’igihugu
Abakuru n’abanywanyi b’imigambwe bo mu ntara ya Muyinga barasabwa kwitaba amatora yimirije mu mutekano no mu mwumvikano mu butandukane bwabo. Ako kamo katewe na bulamatari wiyo ntara Jean Claude Barutwanayo kuri uwu wa kane. Yabasavye kuganira cane cane imigambi y’iterambere y’igihugu , vyose bakabikora ata wurya urutoke uwo badasangiye umugambwe n’ibindi.Tumutegamatwi.
Turabandanya ayo twabateguriye
Ihuriro ry’abarundi baba k’umugabane wa bulaya FODIB ririyamiriza umusi mukuru wiswe Burundi day uriko uratunganywa mu gihugu c’ububiligi kw’igenekerzo rya 26 uku kwezi n’abavuga ko baserukira abarundi baba hanze. Mw’ihuriro FODIB bavuga ko uwo musi mukuru batawuzi kandi ko uriko utegurwa n’akagwi k’abarundi gashigikiwe n’ubutegetsi bw’uburundi hamwe n’umugambwe CNDD FDD. Claudia Curinyana Anderson arongoye iryo huriro avuga ko uyo musi mukuru uriko urategurwa ari intumbero y’umugambwe CNDD Fdd wo kubandanya gutandukanya abarundi bari hanze y’igihugu. Iryo huriro rigasaba abarundi baba mubihugu vya bulayi kutitaba ako kamo kuko ibiriko birakorwa biteye kubiri n’amategeko. Tumukurikire
Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tugaruka ku makenga y’abarongoye imigambwe kubijanye n’ikirangamisi c’amatora babona ko gica kubiri n’ibwirizwa shingiro kandi bigatuma haba igifungu mu matora yimirije. Ikiganiro « Kw’īsôko » mugishikirizwa na Thierry Bigirindavyi
Arakoze Thierry Bigirindavyi
Imbere yo gusozera aya amkuru
Tubabwire amakuru yanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi. Tuyasomerwa na Audace Nimbona.
Arakenuye na Audace Nimbona.
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Josephine Jones Nkunzimana nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha