Turi kuwa gatatu n’igenekerezo rya 19 Ntwarante n’umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Agahinda ni kose mumpunzi z ‘Abarundi baba mw’ikambi ya Nduta mugihugu ca Tanzaniya.Inyuma y ‘inyuruzwa rya mugenzi wabo Remy Ndayikeza bari barabuze irengero haraciye indwi kuruno wa kabiri niho hatorwa ikiziga c’iwe.Basaba ko hokorwa amatohoza y ‘ihuta kugira abakoze iryo bara bamenyekane. Murano makuru muraza kuvyunva.
- Abafata ingendo bava muntara ya Rumonge bagana mugisagara ca Bujumbura no muzindi ntara mur ‘ino minsi ntiborohewe biturutse yuko igiciro co kwiyunguruza kiguma kiduga uko bukeye uko bw’ije nabo bafise amikoro make cane.
- Nayo mumakuru ajanye n’ibidukikije abanyagihugu bo kukurwa mukuru w’intara ya Muyinga bamaze ukwezi kurenga bataronka amazi atangwa n’ishirahamwe Regideso.Bafise ubwoba ko bazohava bandura ingwara zifatiye kw ‘isuku rike. Aya n’ ayandi ni
Ikiziga c’umurundi yahora aba mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya azwi kw’izina rya Remy Ndayikeza , caratowe ejo ku musi wa kabiri. Uwo Remy Ndayikeza yahora akora akazi ko kundandaza inyama , yari yarabuzwe irengero muri iyo kambi hari haheze imisi irenga indwi. Izindi mpunzi z’abarundi baba muri iyo kambi bari mu gahinda ko kubura uwabo , bakaba basaba inzego zibijejwe gukora amatohoza vuba bwango , kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane kandi bahanwe vyakarorero. Ni inkuru ya Jean Georges Kibogora.
Impungenge ni nyinshi mu mpunzi z’Abarundi bari mw’ikambi ya Nyarugusu mu guhugu kibanyi ca Tanzaniya. Izo mpungenge zifatiye ku ngingo isaba impunzi kujana n’imiryango yabo yose iyo bagiye gufata imfashanyo y’ibifungurwa bahabwa na PAM. Babona ko iyo ngingo ari iy’ukubuza abaja kuronderera imiryango hanze y’ikambi, bakibaza ko ari ubundi buhinga bwo kubatahukana ku nguvu, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona
Iyo ngingo yafashwe na leta ya Tanzaniya n’ishiramwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa PAM iriyamirizwa n’urunani CDH/VICAR, aho ruvuga ko ishirahamwe PAM rikwiye gukora akazi kayo aho kwivanga mu bitayiraba, umvirize Jean Bosco Vyizigiro ni umuvugizi wa CDH/VICAR
Haraciye ukwezi kurenga hibonekeza ubukene bw ‘amazi atangwa n’ishirahamwe rya Reta Regideso kumugwa mukuru w’intara ya Muyinga.Abanyagihugu bakaba bafise ubwoba bwo gufatwa n’ingwara zifatiye kw’isuku rike harimwo n’izandukira.Basaba ishirahamwe Regideso gutorera umuti ico kibazo.N ‘inkuru ya Pacifique Nkeshimana.
Mugisata kijanye no kwunguruza abantu n’ibintu Imyidogo ni myishi mu bafata ingendo bava mu ntara ya Rumonge baja mu gisagara ca Bujumbura no mu zindi ntara. Bavuga ko igiciro co kwiyunguruza kiguma kiduga buri musi, na bo amikoro ari make. Abunguruza abantu n’ibintu bo basigura ko ibitoro bitaboneka, ko ivyo bakoresha babigura kuri magendo. Basaba leta gutorera umuti ico kibazo gisa n’icananiranye. Ino nkuru tuyibaze Claude Manirakiza.
Imbere yo gusozera ano makuru nK’uko mu maze kubimenyera buri musi wa gatatu uyu ni umwanya w’ikiganiro Kw’ISOKO’’.Ni ikiganiro mushikirizwa n’urunani rw’amaradiyo, RPA ijwi ry’abanyagihugu, Radio Inzamba agateka kawe kumwe Television Renaissance.Uyu musi tukaba tubayagira kubijanye n’utunenge turiko twibonekeza mugutegura amatora y’imirije.Bamwe mu bazohiganwa barizwa n’uko batanguye kuburagizwa mu bikorwa vyabo. Kubw’urunani rw’amaradiyo ikiganiro c’uyu musi mugisomerwa na Janvier Nininahazwe
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba
nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.
Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.
Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.