- Inyuma y’iminsi irenga bumvirizwa na sentare ya gisirikare, abasirikare barenga 270 bapfunzwe bagirizwa kugumuka mukwanka kurwana n’umuhari M23 mu gihugu ca Congo, urubanza rwabo rwahejeje kuburanishwa kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi umwaka w’2024. Murizo mburano, abasirikare babandanije guhakana umwe umwe ivyo bagirizwa n’ababuranira leta, ahubwo bashira amakosa kubari babarongoye murico gihugu. Kubwabo, ngo nibo baburije kw’itegeko gusubira i Goma bavuye Mubambiro. Abasirikare b’intwazangabo bavugwa akaba ari uwarararongoye ibikoresho bita responsable de la logistique du contingent, yaburije imiduga, hamwe na général Elie Ndayizigiye, batazira Muzinga, yaburije ubwato n’indege bamwe bajanywa ahitwa Minova abandi i Bujumbura. Sentare ya gisirikare ikaba yaciye ishira urwo rubanza mu mwiherero.
- Ano makuru tuyabandanirize mugisata ca politike. Umuryango w’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye waratunganije igikorane co gushimira imana kuri iyi myaka ine iheze ari kubutegetsi . Ico gikorane kizomara imisi itatu , kikaba kizobera mu ntara ya Mwaro kuva ejo aho bukera ku wa kane igenekerezo rya 20 uku kwezi kwa Ruheshi turimwo. Abakozi ba leta n’abadandaza bakorera muri iyo ntara , bategetswe gutanga intererano ngo bashigikire ico gikorwa , amafaranga arenga imiliyoni amajana atatu akaba yaramaze kwegeranywa . Ishirahamwe FOCODE riranegura iyo ngendo yo gutegeka abanyagihugu ngo batange amafaranga ku nguvu kandi basanzwe bari mu bukene n’ibindi bibazo ntangere Ndayishimiye yabashizemwo. Iryo shirahamwe ribonako ubwo ari ubusuma nk’ubundi . Evariste Ndayishimiye ngo ntiyari akwiye gushimira imana kuko ntaco yamariye abarundi.
- Tukiri muri politike nyene, uwurongoye Inama nkenguzamateka yasavye ko hotorerwa umuti ikibazo co kwiyunguruza. Emmanuel Sinzohagera yabwiye umushikiranganji w’Ugutwara abantu n’ibintu ko yovugana n’abandi nk’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati, kugira barekure amapikipiki n’amakinga bishobore gushikana abantu hagati mu gisagara ca Bujumbura. Hari ku musi wa kabiri uwo mushikiranganji ariko yishira ku bibazo vy’abakenguzamateka.
- Ukutabona kumwe ibintu kw’abategetsi biri mu bituma ingorane igihugu kiri mwo zidatorerwa umuti. Ivyo binegurwa n’Urunani ruhamagarira Abarundi kuba intungane, RCP. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, abivuze inyuma y’aho hibonekeje indimi zibiri hagati y’abarongoye Inama nshingamateka na nkenguzamateka. Aho kuwa mbere mu ndwi iheze yahakanye ko ata bibazo Abarundi bari mwo, na cane cane ufatiye ku bukene, ariko rero uwundi akaba yerekanye impuhwe avuga ko Abarundi ubu babuze ayo bacira n’ayo bamira, uhereye ku kibazo co kwiyunguruza.
- Mugisata kijanye n’indero Ibibazo vyakozwe kuruno wagatanu mumashule atandukanye yo muri zone kirwena muri komine ya Rumonge ni muri iyo ntara nyene vyungururijwe kumunsi wa gatandatu.Invo nyamukuru akaba ari urugendo umunyamabanga mukuru w,umugambwe CNDD FDD muntara nshasha ya Burunga azogira muri iyo zone ya kirwena aho abanyeshule bose bategetswe kuja kumusanganira. Iryo tegeko rikaba ryatanzwe n,ubuyobozi bw,umugambwe cndd fdd muri zone kirwena bufadikanije n,uwurongoye indero muri iyo komine. Chauvinaux Murwengezo umukuru w,umugambwe UPD ZIgamibanga akaba ari n,invukira yo Muri iyo ntara aratera ivyatsi iyo ngingo yabategetsi gushika ubu badatandukanya ibikorwa vya politike n,ubuzima bwabanyagihugu. Chauvinaux Murwengezo akababazwa n,uko ubutegetsi bwa CNDD FDD atakibanza nagito buha igisata c,indero.
- Mumakuru ajanye n,intwaro ibereye naho umwe mu bajejwe kwegeranya intete z’ibigori mu kigo ANAGESA muri zone Kayogoro komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba ari mu buroko kuva ku munsi wa kane w’indwi iheze. Uwo azwi kw’izina rya RUBINO asanzwe arongoye urwaruka rw’imbonerakure muri zone Kayogoro, yagirizwa kunyuruza itoni zine z’intete z’ibigori kuri 20 zari ziri mu kigega kigenzurwa n’ishengero ESEUBU. Amakuru ava mu Kayogoro, yemeza kandi ko atari ubwa mbere haba ubusuma bw’intete z’ibigori mur’iyo mihingo.
- Ano makuru tuyasozerere mugisata kijanye n,amagara yabantu aho bamwe mu bitura ibitaro bikuru vy’intara ya Rumonge bipfuza kubagwa bamaze imisi bidoga. Imvo, bakavuga ko ari icikagurika ry’umuyagankuba hamwe n’ubukene bw’ibitoro bwisubiriza. Amakuru ava kurivyo bitaro yemezako hari n’abamaze kuhasiga ubuzima biturutse kukubura uko bafashwa. Basaba leta gufasha gutorera umuti ico kibazo, kugira ngo ntibagume bahaburira ababo.