Turi kuwa gatatu n’igenekerezo rya 19 Ruhuhuma umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni ryamakuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Abantu babiri baranyurujwe uwundi aricwa kumunsi w’imana uheze muri komine Bugabira.Bagirizwa gukorana n’igihugu kibanyi c’urwanda mumugambi presida ndayishimiye yise uwo gutera igihugu arongoye.
- Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo mumakomine atandukanye yo muntara ya cibitoke aho hibonekeza inyigisho za gisirikare ziriko ziratangwa n’ibirwanisho biriko bihabwa urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD FDD uri kubutegetsi.
- Hari Rusansuma iriko ikorwa n’igipolisi n’abajejwe intwaro kumitumba yose igize igihugu aho bandika abo bose bafise ubumenyi muvyagisirikare.Gushika ubu abanyagihugu bakaba batazi ico iyo Rusansuma igamije.Aya n’ayandi ni mukanya.Sangwa ikaze.
Ndasubiye kubaramutsa.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu hari ikiziga c’ umugabo wo ku mutumba Mwendo, komine n’intara ya Kayanza yarazwi kw’izina rya Georges Nshimirimana, catowe mu nkombe z’ibarabara. Inkuru ziva muri komine Kayanza zikavuga ko uwo mugabo yarasanzwe yibana kubera yavanye n’umugore, kuri uwu wa kabiri yari yagorobeje yivuna akanyota mu bunywero bw’aho bita mu Rwesero. Uwo mugabo ngo yakora imirimo y’ukwisumamwo kandi ngo yarabanye neza n’abandi, ari na co gituma ababanyi biwe bavuga ko badategera igituma yoba yishwe kuko bamusanganye ibikomere ku maso ni ku mutwe. Mu gipolisi bakamenyesha ko amatohoza kuri urwo rupfu yatanguye kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.
Tukiri mumakuru ajanye n’umutekano Abantu 2 baranyurujwe uwundi agandagurwa ku musi w’Imana w’indwi iheze muri komine Bugabira mu ntara ya Kirundo. Abo bose uko ari 3 ngo bagirizwa gukorana n’igihugu c’uRwanda mu mugmbi perezida w‘uBurundi Varisito Ndayishimiye yise uwo gutera igihugu arongoye. Abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba muri kino gihe kuko babona ko ivyo vyagiriji bidafashe na cane cane ko batarengukijwe imbere y’ubutungane kugira ngo bisigure. Iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona
Abanyagihugu batari bake bo mu ma komine atandukanye ari mu ntara ya Cibitoke muri bino bihe bavugako batekewe nubwoba kubera imyimenyerezo ya gisirikare n’ibigwanisho babona biriko birahabwa urwaruka rw’imbonerakure . Bavugako batazi ico bigamije , bagasaba ababijejwe kwicarira ico kibaza kiriko kiraca ivutu abanyagihugu. Iyo nkuru tuyibaze Jean Georges Kibogora.
Hari urunsansuma ruteye amakenga abanyagihugu ruriko rurakorwa n’igipolisi hamwe n’abajejwe intwaro Ku mitumba itandukanye y’igihugu. Handikwa Ku mutumba abantu bose bafise ubumenyi mu vyagisirikare. Intumbero y’iyo rusansuma ikaba itarasigurirwa abariko barandikwa. Inkuru ya Bonfils Niyongere.
Umwiheburo ni wose kubadandaza bamwe bo mw’isoko iri mugatoke iruhande yahahoze isoko nkuru ya Bujumbura muri komine Mukaza.Invo akaba ari umuriro wadutse mw’ijoro ryo kuruyu wa kabiri igihe c’isaha umunani w’aturiye ibidandazwa mugice kimwe c’iryo soko birasha biratokombera.,Abadandaza bashikiwe n’ivyo vyago bari mukangaratete bagasaba Leta kubagarukira ko. N’inkuru ya Pacifique Nkeshimana.
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku murindi munini wabanye Congo bahungira mu Burundi muri kino gihe, kubera intambara ziriko zibera mubuseruko bwa Congo. Zimwe mu ngaruka zitanguye kwigaragaza, ngo harimwo ubuzima buzimvye. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashuje kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.