Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 2 Myandagaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira
- Imyaka icenda irarumanye kuriri genekerezo rya 2 Myandagaro uwahoze arongoye urwegwo rw’iperereza mu Burundi Adolphe Nshilirimana yishwe. Kuva ysihwe haciye hahagarikwa abasirikare 7 bahoze mugisirikare ca kera aribo Ex fab. Mw’ishirahamwe Acat babona ko hahagaritswe inzirakarengane kandi ko urubanza gwabo rwaranzwemwo amanyanga menshi.
- Imyidogo ni myinshi mubajejwe kwigisha abazokora rusansuma co kimwe n’abariko barigishwa bo muntara ya Makamba. Bavuga ko bataronswa dufanga twabo bari bandikiwe two kwyunguruza. Bakababazwa nuko bakora ingendo nini kugira bashike aho baronkera inyigisho.
- Abarundi nabo baba mumahanga basabwa kuzana imitaho yabo mu Burundi kugira batezimbere igihugu. Ivyo vyasabwe n’umukuru w’igihugu kuruyu wagatatu uheze mubikorwa vyo gutanguza inama y’abarundi baba mumahanga. Ariko uwuserukira abarundi baba muri Autsralie abona ko ivyo umukuru w’igihugu asaba ari nk’indoto kuko abanyamitahe mu Burundi ata mutekano bafise mubikorwa vyabo. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya
Ndasubiye kubaramutsa
Imyaka 9 iraheze, lieutenant général Adolphe Nshimirimana agandaguwe mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho. Inyuma y’igandagurwa ry’uwo yahoze arongoye iperereza ry’Uburundi, abasirikare 7, bose bahoze mu gisirikare ca kera (ex-FAB), baciye bahagarikwa. Kuva bahagaritswe, urubanza n’ipfungwa vyabo vyaranzwemwo ihonyangwa ry’amategeko atari make nk’uko vyemezwa n’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, aravuga ibijanye n’ukuburana badafise ababunganira hamwe n’igihe urubanza rumaze rutaracika. Agasaba ubutungane kwikubita agashi, bukubahiriza kiremwa muntu. Kurikira
Tubandanye hariya mubumanuko bw’igihugu
Imyidogo ni myinshi mubajejwe kwigisha abazokora rusansuma co kimwe n’abariko barigishwabo muntara ya Makamba. Baba abigisha canke abiga bavugako bataronswa amafaranga yagenewe kwiyunguruza kuva batanguye inyigisho. Abo bose basaba ko boronswa udufaranga twabo two kwiyunguruza. Ido n’ido na Alexandrine keza
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye asaba abarundi baba mumahanga kuzana imitahe yabo n’ubumenyi kw’ubaka igihugu.Ivyo yabishikirije kuruno wa gatatu igihe yariko atanguza indwi yahariwe abarundi baba hanze diaspora mu kinofunofu. Umukuru w’igihugu akaba yabasavye kutigira ba sindabibazwa ngo kubera uburundi ari igihugu gikenye kandi bafise ico boterera. Tega amatwi umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye.
Abagwizatunga ntibakora mu mutekano kandi bisanzuye bikwiye mu gihugu , ninavyo bituma abarundi baba mu mahanga batazana imitahe yabo mu gihugu. Ivyo bivugwa na Pacifique Ndayisaba aserukira abarundi baba muri Australiya . Asigurako igihe cose leta izoshiraho amategeko yorohereza abagwizatunga , nabo barundibaba mu mahanga bazokwizana batabanje gutegwa akamo n’umukuru w’igihugu canke leta . Dutegamatwi Pacifique Ndayisaba.
PIED : Tubibutseko indwi yahariwe abarundi baba hanze yari yateguwe mu ntara ya Kayanza, yasozerewe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 1 Myandagaro. Igihe hasozerwa iyo ndwi, hakaba haratowe inzego nshasha zirongowe na Samuel Ndayiragije. Izo nzego zishasha zikaba zigizwe n’abagize urwego nshingwabikorwa, abajejwe icungerwa ry’ibikorwa, hamwe n’abaserukira inararibonye.
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza mwakozae mwebwe mwese mwayakurikiye. Eddy claude Nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa lubanyu no muvyanyu. Nahubutaha