Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 20 Myandagaro 2024

Publié le 20 août 2024 par Rédaction

Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 20 Myandagaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye, aya nayo akaba agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

 

  • Ikiziga c’umusore catowe kimanitse ku giti c’umwembe mu gatondo ko kuri uno wa kabiri muri quartier Makamba ya kabiri ku mugwa mukuru wa komine n’intara ya Makamba. Abanyagihugu baho, bemezako uwo musore yiciwe ahandi akaza kumanikwa ngaho. Mu gipolisi bo bamenyeshako intandaro yurwo rupfu itaramenyekana, ariko kw’abantu babiri bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.

 

  • Umugwi ujejwe ibikorwa vyo kurwanya ingwara y’ibihara biturutse ku nkende mu gihugu urakwiye kuraba ibibazo nyamukuru bituma iyo ngwara iguma irwirirana mu gihugu. Bivugwa n’umuhinga muvy’ingwara z’ibiza mu gihe kugeza kuri uyu wa mungu uheze abantu bagera kw’153 bari bamaze kumenyekana ko barwaye mu gihugu cose.

 

  • Abasirikare bahoze k’urugamba batagira ubuzi canke bataronswa agahembo n’amashirahamwe y’ubwishingizi nka INSS bagiye vuba kuronswa agafashanyo kabafasha kubaho. Ivyo ngo bizoshikwako inyuma ya rusansuma ruriko rukorwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu ntumbero yo kwitaho ubuzima bw’abahoze k’urugamba. Murakurikira Murano makuru umuvugizi wabwo General de Brigade Gaspard Baratuza.
  • Reka nsubire ndabipfurize ikaze, mukanya isase, amakuru mw’ido n’ido.

 

 

Ndasubiye kubaha ikaze, ano makuru tuyahere mubijanye n’umutekano muke,

Ikiziga c’umusore azwi kw’izina rya Cedric Nkeshimana catowe mu gatondo ko kuri uno wa kabiri kimanitse ku giti c’umwembe. Kikaba catowe muri quartier Makamba ya kabiri ku mugwa mukuru wa komine n’intara ya Makamba. Ivyinyegeje inyuma yurwo rupfu ntibiramenyekana, ariko igipolisi kivugako camaze guhagarika abantu babiri kumvo z’amatohoza. Iyo nkuru tuyibaze Janvier Habarugira.

Janvier Habarugira arakenuye. Mu gisata c’agateke ka zina muntu,

Abanyororo bose bapfunzwe bazira ubusa bategerezwa kurekurwa. Ako kamo gaterwa n’ishirahamwe rihamagarira guhindura ingendo mu Burundi Tournons la page Burundi. TLP ikaba yabisavye mw’itangazo yasohoye inyuma y’aho harekuriwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Bella Gloria Kintore, ajejwe kumenyesha amakuru muri Tournons la page, yibutsa ko Floriane Irangabiye yafashwe agapfungwa azira ubusa. Tega amatwi Bella Gloria Kintore

Amakuru twabateguriye tuyabandanyirize mubijanye n’amagara y’abantu,

Irwirirana ry’ingwara y’ibihara biturutse ku nkende mu gihugu, rirahagaritse umutima abahinga muvy’ingwara z’ibiza. Kubwa Côme Konakuze, Iryo rwirirana ryoba riva kubukene bw’amazi meza mu bice bitandukanye mu gihugu kandi ari bumwe muburyo bwo kuyirinda, cokimwe n’abanyagihugu batararikwa bikwiye kubijanye no kwirinda iyo ngwara. Yibazako umugwi ujejwe ibikorwa vyo kurwanya iyo ngwara woraba aho ikibazo nyezina kiri, kugira ufate izindi ngingo zirushirijeho zo kurwanya iyo ngwara.  Kurikira.

Pieds: Tubibutseko kugeza kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka w’2023, abantu 153 aribo bari bamaze kumenyekana ko banduye ingwara y’ibihara biturutse ku nkende mu gihugu cose.

Mu makuru ajanye n’imibano,

Abasirikare bahoze k’urugamba batagira ubuzi canke bataronswa agahembo n’amashirahamwe y’ubwishingizi nka INSS bariko barakorerwa rusansuma n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu ntumbero yo kwitaho ubuzima bw’abahoze k’urugamba. Bishikirizwa na General de Brigade Gaspard Baratuza avugira ubwo bushikiranganji mukiganiro yahaye abamenyeshamakuruyu kuruyu wa kabiri. Agasaba abantu bariko baruguruza ama comptes mumabanki ko bobangira kuko ubwo bushikiranganji atabwo bwasavye ariko kandi arahumuriza abahoze k’urugamba ko rusansuma izokogwa neza kugira hakosorwe utunenge tumaze kwibonekeza. Kurikira

 

Imbere yo gusozera ano makuru, Ishirahamwe CBDH VICAR riharanira agateka k’impunzi ziri mu makambi riranegura ingene impunzi z’Abarundi bahungiye mu gihugu ca Sudani y’ubumanuko zimwa ivya ngombwa biranga impunzi. Iyo ngendo ngo irateye isoni n’agahinda. Bishikirizwa na Jean Bosco Vyizigiro, avugira ishirahamwe cbdh-vicar. Muriryo shirahamwe baratera ivyatsi ico ryita ivangura rikorerwa impunzi z’Abarundi bagasaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR n’abarongoye ikambi ya Gorombo kwigira hamwe ibibazo bihanze impunzi. Kurikira.

Ni no kuriyo nkuru ivurwa mu gisata c’agateka k’impunzi duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Signoline Nijimbere, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi