Amakuru yaranze indwi

Amakuru yo kuwa 20 Ntwarante 2025

Publié le 20 mars 2025 par Rédaction

Sangwe ikaze na mwiriwe ncuti bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe muraya makuru yo kuruyu mus iwa kane igenekerezo rya 20 Ntwarante umwaka wi 2025. Ayo twabateguriye tuyahera ku ngingo nkuru nkuruy zikurikira

  • Hari indwara gushikubu itaramenyekana yateye nkikiza iriko irafata abana muri komine ya Mpanda turi  mu ntara ya Bubanza. Ibimenyetso vyiyo ndwara bikaba bisa n’ingwara y’ibihara vy’inkende imaze igihe mu Burundi. umwana ayigwaye wese akaba agira ibihere vyinshi k’umubiri.
  • Abanyagihugu nabo bo mugisagara ca Bujumbura bari mumuruho mwinshi kubera ubukene bw’amakara bakoresha muguteka burangwa murico gisagara. Imvo ya vyose akaba ari ikena ridasanzwe ry’igitoro rimaze igihe mu burundi kuko ata modoka zihari ziyamanukana murico gisagara c’ubutunzi nkuko muza kuvyumva.
  • Umwidemvyo nawo mugisata c’ubutunzi ngo uri kure nk’ukwezi mu Burundi kubera hari politike mbi itunganya ico gisata. Muraza kumva insiguro zitangwa mumwihwezo w’ishirahamwe PARCEM aho bavuga ko Uburundi buzokwama buri mubihugu vyanyuma mubijanye n’umwidemvyo w’ubutunzi kuko inzitizi murico gisata ari nyinshi cane. Kaze mwese

 

Ndasubiye kubaramutsa duhere kuriyi nkuru iciye kumasonga ivugwa mugisata c’umutekano muke

Hari umwana w’imyaka itanu wo ku mutumba Masama, zone Giheta, komine Marangara y’intara ya Ngozi yaraye yishwe atemagujwe umupanga. Inkuru ziva kuruwo mutumba zimenyesha ko intandaro ari gushwana kwabaye mu gihe c’umugoroba hagati ya se w’uwo mwana n’umugabo w’umubanyi. Iyo mishwano imaze kugabanuka, uwo mubanyi ngo yahavuye aja ku muhana w’uwo wundi aca atema umwana wiwe, aca aracikana. Uwo yagirizwa ico caha muri kino gihe ngo akaba ari mu minwe y’inyamiramabi, aho ariko akorerwa dosiye yo gushikana mu butungane. Ababanyi b’umuryango w’uwo mwana ngo bakaba bahiga kwihora na rirya uwo yagirizwa ico caha, ata wamuha nirwere kuruwo mutumba biturutse ku nyifato y’ubunyamaswa n’izindi ngeso mbi zahora zimuranga.

Tubandanye mugisata c’amagara y’abantu

Hari ingwara gushika ubu itaramenyekana ifata abana muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza. Iyo ngwara irangwa n’ibihere bifata ku mubiri ikaba itaratorerwa umuti. Abanyagihugu bavuga ko ihera mu maso, igahava ikwira umubiri wose, kandi ikaba yandukira cane. Abo banyagihugu bagasaba abajejwe amagara y’abantu guhagurukira iyo ndwara itamenyekana, iyi nkuru tuyibaze Claude Manirakiza

Mugisata c’ubutunzi naho,

Haribonekeza ubukene bw’amakara mugisagara ca Bujumbura aho igiciro caduze kurugero ruteye ubwoba.Igice c’umufuko ubu ngo kigurwa amafaranga ari hagati y ‘ibihumbi 75000 ni 80.000. Abanyagihugu basaba ababijejwe gukurikiranira hafi ico kibazo. Iyi nkuru tuyibaze Jean Baptitse Bireha,

Arakoze Jean Batipte Bireha

Tukiri ngaho nyene

Ukwidegemvya mubijanye n’ubutunzi ngo biracari kure nk’ukwezi mu Burundi kuko leta iguma iremera ivy’ubutunzi mugufata ingingo zitayiraba. Bisigugwa n’ishirahamwe PARCEM mumwihwezo ryakoze kuruyu wakane inyuma y’icegeranyo giheruka gusohoka kubijanye n’umwidengemvyo mubutunzi aho Uburundi buri mubibanza vyanyuma. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe asigura ko inzitizi zikiri nyishi mugihugu kugira abakora mugisata c’ubutunzi bashobore kwidegemvya. Tumukurikire

Uyo yanonosoye ibijanye n’ubutunzi abona ko hari hakwiye kuba inama rukukoma yiga kubijanye n’umwidegemvyo mu vy’ubutunzi kugira ico gisata gitunganywe neza hatagiyemwo cane cane imvo za politike. N’ubunyene tumukurikire

Faustin Ndikumana akaba arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi bahindure ingendo kugira bashike kwiterambere rirama, mukanya turabandanya ayo twabateguriye

Integuro y’amafaranga leta izokoresha mu mwaka w’i 2026 izoba irimwo ivyerekeye politike nshasha ijanye n’imishahara y’abakozi ba leta. Ivyo vyamenyeshejwe kuruyu wa gatatu kuri televiziyo y’i gihugu n’umushikiranganji Venuste Muyabaga ajejwe ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi. Yamenyesheje ko hari umugwi washizweho uriko uriga ibikenewe vyose kugirango ibiri muriyo politike nshasha bize bishigwe mu ngiro, kandi ko ivyo bifise intumbero yo gutuma umukozi wa leta yorohegwa mu kazi kiwe ka misi yose. Kandi ngo bizotuma n’umugambi wa leta w’i 2040 ni 2060 ushoboka. Kurikira umushikiranganji Venuste Muyabaga .

Mugusozera amakuru twabateguriye

Urunani CDH -VICAR ruharanira agateka k’abarundi baba mu ma kambi y’impunzi , ruriyamiriza ubwicanyi bwasubiye kw’imonogoza mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Urwo runani rubivuga rufatiye kurupfu rw’uwitwa Remy Ndayikeza ikiziga ciwe catowe kuruwu wa kabiri uheze inyuma y’imisi irenga indwi yari yarabuzwe irengero. Urunani CDH VICAR rusaba inzego zibijejwe gukora amatohoza vuba bwango kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane kandi bahanwe vy’akarorero, rurasaba kandi ko hoshigwaho ibikenewe vyose kugirango umutekano w’impunzi ziba muri iyo kambi ukingigwe bikwiye. Kurikira Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi w’urunani CDH VICAR.

 

Ni ngaha rero duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye, bakoze bagenzanje bafashije kuyegeranya. Mugire aho muba mwubwahwe naho ubutaha.

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi