Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 20 Nyakanga 2024

Publié le 20 septembre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 20 Nyakanga umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Urunani CFOR arusha ruratera ivyatsi ingendo y’umukuru w’igihugu adasiba kwidogera abo atwara ariko ntabafatire ingingo. Urwo runani rufatira kumyido ya Varisto Ndayishimiye yo kuruyu wakane aho yidogera abarongoye ihinguriro ryisukari Sosumo. Urwo runani rubona ko umukuru w’igihugu akwiye gutanga imihoho hakiri kare.
  • Abarongoye ihugu ca Canada nabo hamwe nayandi makungu ngo bakwiye kubandanya gukurikirana ikibazo c’agateka kazina muntu kabandanya guhungabana mu Burundi. Muraza gukurikira ibiri mw’ikete ry’ama shirahamwe Sos torture  hamwe n’ikigo Raoul wallenbereg co mugihugu ca Canada ryandikiye abategetsi bi gihugu ca Canada kumabi akorwa mu Burundi atacamira.
  • Haribonekeza ubukene bw’amamodokari manini manini yunguruza abantu mu bumanuko bw’igihugu c’Uburundi, izo bita Coaster. Imvo ya vyose nuko bene izo modokari bazibitse kugutinya gucibwa amahadabu kuko mugihe bakurikije igiciro ca leta ngo bokora bahomba. Abanyagihugu basaba leta gutorera inyishu ico kibazo kuko ingendo zabo zisigaye zigoye gufata. Kaze mwese

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’Ubutungane kunkuru iciye kumasonga

Ibihano bitandukanye vyaraye biciriwe abantu babiri bariko baragira rusansuma rw’abanyagihuu mu ma commune ya Butaganzwa na Gatara, ni mu ntara ya Kayanza. Hari ku muhingamo wo kuri uyu wa kane mu rubanza rw’ikibiriraho. Éric Habarugira, yakorera urwo rusansuma ku mutumba Ninga wa commune Butaganzwa, yaciriwe gupfungwa amezi atandatu, nukuriha amande angana n’ibihumbi 500 vy’amafranga y’amarundi. Nayo Fabiola Niyonkuru, nawe nyene azotanga amande y’amafranga y’amarundi ibihumbi 500. Kurivyo bihano, bose uko ari babiri, bazoriha amafaranga imiriyoni zibiri y’indishi ifatiye ku buryo bwose bwakoreshejwe mu kubakurikirana mu butungane. Mwomenyako ivyo bihano vyafashwe inyuma yaho bagiriwe n’icaha co gutanga ibitigiri bitarivyo nkana, muri rusansuma bariko baragira. Tubibutseko, ibihano nkivyo vyaciriwe uyundi mukozi wa rusansuma mu ntara ya Ngozi ku munsi wa gatatu, inyuma yaho yibiye igikoresho c’akazi nyabwonko bita tablette mu gifaransa.

Tubandanye mugisata c’intwaro

Ngo birateyisoni kubona umukuru w’igihugu aguma yidoga avugako abantu bakora nabi ntafate ingiko nkuko abirekurigwa n’amategeko. Ivyo bivugwa na Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta. Abivuga afatiye ku majambo umukuru w’igihugu Ndayishimiye yavugiye mu ntara ya Cankuzo kuri uwu wa kane aho yanegura ingene ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO ritunganya ibikorwa vyayo. Kubwa Frederic Bamvuginyumvira umukuru w’ igihugu Ndayishimiye yabwirizwa gutanga imihoho kuko adashoboye kurangura amabanga yiwe, ngo ntakindi akora atari ukwidoga gusa. Frederic Bamvuginyumvira.

Fréderic Bamvuginyumvira ariyamiriza n’iciyumviro c’umukuru w’igihugu Ndayishimiye co gushira mu minwe yabikorera utwabo amashirahamwe nka SOSUMO, akabonako ivyo vyogira ingaruka mbi k’umunyagihugu asanzwe. Dusubire tumutegamatwi.

Tukiri kubijanye n’ibiciro vy’isukari

Ingingo iherutse gufatwa na Leta iha uburenganzira  abadandaza b’ isukari kuyigurisha kugiciro  bishakiye  irafise intambanyi k’ubuzima  bw’abanyagihugu. Ivyo biri mu mw’ihwezo wa kozwe kuruno wa kane n’ishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye abona ko ishirahamwe SOSUMO leta yarihevye kugira ry’ibeko ariko igitangaje akaba aruko iryo shirahamwe ritwarwa nabo Leta iba yashizeho ,Tumukurikire

Faustin Ndikumana abona kandi ko hakwiye kurabwa ibijanye n’ubuhinga  vyoba vyatumye iyo ngingo yo kuduza igiciro c’isukari ifatwa kugira hamenyekane koko icahindutse. N’ubu nyene  kurikira Faustin Ndikumana

Tubandanye ayo twabateguriye mubijanye n’agateka kazina muntu

Abategetsi b’igihugu ca Canada hamwe n’ayandi makungu basabwa kugumiza ijisho k’uburundi kuko agateka kazina muntu kabandanya guhungabana atacamira. Ivyo biri mw’ikete amashirahamwe Sos torture Burundi hamwe n’ikigo Raoul Wallenberg co muri Canada bandikiye abategetsi ba Canada kuwa 18 Nyakanga uyu mwaka. Judith Abitan ajejwe gutunganya ibikorwa murico kigo asigura ko kuva Evariste Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi abaharanira agateka kazina muntu n’abamenyeshamakuru babandanije gutoteza cane. Basaba amakungu n’igihugu ca Canada kubandanya gukurikirana amabi akogwa mu Burundi kugira ahagarare. Tumukurikire

Turabandanya ayo twabateguriye

Haribonekeza ubukene bw’amamodokari manini manini yunguruza abantu mu bumanuko bw’igihugu c’Uburundi, izo bita Coaster. Amakuru ava mu ntara za Rumonge, Bururi na Makamba avuga ko bamwe muri bene izo modokari bazibitse kugutinya gucibwa amahadabu, kuko bakurikije igiciro ca leta ngo bokora bahomba. Abagwa mu mporero, ni abanyagihugu bafata ingendo kuko bazisiba kubera kubura ikibunguruza. Basaba ko leta n’abaserukira abunguruza abantu n’ibintu bokwumvikana kugira ngo ntihabe ababandanya bagwa mu mporero. Vyinshi kur’iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Arakenuye Audace Nimbona

Imbere yo gusozera aya makuru tubabwire inkuru y’umubabaro

 

Umwigisha Venant Bamboneyeho yaraye ashengeye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka w’ 2024, ku myaka 76 ans. Venant Bamboneyeho akaba yarabaye umwigisha wa kaminuza, aba umunyamabanga mukuru wa leta. Mu nyuma akaba yaragenywe kurongora kaminuza y’Uburundi, ahava abandanyiriza mu rugamba rwo guharanira agateka ka zina muntu aho yarongoye ishirahamwe Sonera yongera arongora ishirahamwe AC Génocide Cirimoso rirwanya ihonyabwoko. Akaba ashengeye ari mu rwego rw’inararibonye y’icubahiro muriryo shirahamwe. Kubwa Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’ishurahamwe AC-Génocide igisata co muri Canada, asanzwe amuzi, ngo urupfu rwiwe n’uruhombo runini ku gihugu. Akaba amwibuka nk’umuntu w’ubwenge, w’ubwitonzi n’igishika kandi afise intumbero yo kurandurana n’imizi ibijanye n’ivangura rifatiye kumoko. Kurikira.

Pieds : Radio Inzamba Agateka Kawe ikaba ihojeje umuryango wiwe w’amaraso hamwe nabo bari basangiye urugamba mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike.

Ni kuriyi nkuru y’umubabaro duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi