Ano makuru tuyahere kumyaka ine umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari kubutegetsi. Kubwiwe ngo Igisata c’ubutungane carisununuye kuko ubu uwukoze icaha aragihanirwa, kandi kigiye kwisununura kurusha. Ivyo vyashikijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mw’ijambo ry’iwe ry’imwaka 4 ari ku butegetsi. Aho yariko adondagura ivyo yaranguye mur’ico gisata, aho avuga ko ingingo zitandukanye zagiye zirafatwa kugira ngo zuzurize abanyagihugu.
Mu mugambwe Fraternités Patriotes Ineza babona ko intwaro ya Varisto Ndayishimiye y’imyaka ine amaze k’ubutegetsi ko ataco bari kuyitegako kuko umugambwe CNDD FDD ata migambi wigeze werekana ifasha abanyagihugu. Francis Rohero arongoye uyo mugambwe akavuga ko intwaro y’imyaka ine ataco yashitseko wihweje ubukene buri mubanyagihugu cokimwe n’iduga ridasanzwe ry’ibiciro vyivyankenerwa mu Burundi. Kubwiwe abanyepolitike bakwiye gutahura ko guhiganirwa kurongora igihugu bikorwa muntumbero yo gutorera inyishu biba bigihanze.
Kuruno wa kane niho hatangura igikorane kizomara iminsi itatu c,umuryango w,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye co gushima imyaka ine amaze ari kubutugetsi. Ico gikorane kikaba cabereye muri komine Nyabihanga ni muntara ya Mwaro.Muntumbero yo gutegura ico gikorane catwaye imiliyoni amajana atatu y,amafaranga y’amarundi, abakozi bose ba korera muntara ya Mwaro co kimwe n,invukira n,abikorera utwabo muri iyo ntara basabwe gutanga kunguvu intererano yabo kugira ico gikorane kigende neza.
Kubijanye n’ico gikorane ngo Itozwa kunguvu ryayo mafaranga yo gutegura ico gikorane co gushima imyaka ine umukuru w’igihugu amaze kubutegetsi n’ubusuma bweruye bujanye n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’abanyagihugu bugeze ahatemba. Ivyo bivurwa na Jean Nduwimana avugira ishirahamwe olucome aho asaba nyabuna ko ibikorane ben,ivyo vyotunganywa gushasha bakareka kununuza abanyagihugu atanamikoro bifitiye kubera ubukene n’inzara bizura inzara.
Mugisata kijanye n,impunzi kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi uko umwaka utashe harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Ni muri iyo ntumbero Brigitte MUKANGA ENO aserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impuzi HCR mu Burundi, yateye akamo umuntu uwariwe wese gushigikira impuzi no kuzifasha kugirango zihabwe agateka gakwiye imbere yuko zitahuka mu bihugu vyabo. Yabishikirije ejo kumunsi wa gatatu mw’itangazo yasohoye mu guhimbaza uwu musi wahariwe impunzi.
Umusi mukuru w’impunzi ushitse mu gihe impunzi z’Abarundi bahungiye mu gihugu c’uRwanda zivuga ko muri rusangi ibintu vyifashe neza. Umutekano muke bahunze mu Burundi, barawufise aho baherereye. Abari mu makambi y’impunzi bavuga ko babanye neza na bagenzi babo baje bava mu bihugu bitandukanye, bakavuga mbere ko no gushingirana bashingirana. Ariko rero basaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR gukura ho ivyiciciro infashanyo gitanga igahabwa bose kuko hari ho abataronka ingene biyungunganya. Bari mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.
Impunzi z’abarundi ziba mu bihugu vyo muri kano karere zibayeho mu magorwa atagira uko angana na cane cane mu gihugu ca Tanzaniya , aho zama zaburabujwe zitegekwa no gutahuka ku nguvu mu gihugu cabibarutse. Ivyo bivugwa n’urunani CBDH VICAR rukurikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu k’impunzi ziba mu makambi . Urwo runani rutera akamo amakungu na cane cane ishirahamwe riraba ivyerekeye impunzi HCR gukora ibishoboka vyose kugirango impunzi zifatwe neza hakurikijwe amategeko azigenga.