Sangwe ikaze na mwiriwe ncuti bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe muri aya makuru tugiye kubashikiriza kuruyu musi wakane w’igenekerezo rya Ruhuhuma umwaka wi 2025. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira
- Abariko barahunga intamabara zimaze imisi ziriko ziraba mugihugu ca Congo munta ya Kivu bagana igisagara ca Bujumbura s’abacivile bonyene kuko kuva kuruyu wagatatu hari abajejwe umutekano bahunganye ibirwanisho vyabo. Bamwe mubabibonye bafise amakenga ko bishobora gutuma umutekano w’uburundi uhangabana kurusha uko vyahora.
- Rusansuma narwo ruriko rurakogwa na leta y’uburundi gwo kurondera abazi gukoresha ibigwanisho ngo n’ikimenyetso kidasanzwe cerekana ko intambara iriko irategugwa mumitima y’abarundi. Muraza kumva m’urunani CFOR Arusha aho basigura ko leta ya varisto ndayishimiye iriko irabiba urwanko rw’amacakubiri mu barundi kandi bishobora gukwega akaramabaraye.
- Mugisata c’ubutungane naho turaza kubashikina muri commune Nyanzalac neza na neza muri quartier aho hari umuryango usaba ko haba amatahoza akwiye kugira hamenyekane abishe umusore wo murako gace kumusi wambere uheze. Umuryango wiwe ugatunga agatoke bamwe mumisore y’urwaruka rw’inkorabara rwa CNDD FDD. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya
Ndasubiye kubaramutsa duhere aya amkuru kuriyi nkuru iciye kumasonga ivugwa mubijanye n’umutekano muke
Umugabo azwi kw’izina rya Emmanuel Ncamurwanko ,yahora akora akazi kp kubaza yaratowe ari ikiziga mu gatondo ko kuruyu wa 3 mu mwonga ugabura imitumba ya Rukira n’a Butihinda muri zone n’a Komine Butihinda nyene y’intara ya Muyinga, nkuko amakuru ava mu ntwaro avyemeza uwo mugabo ngo yari yazindutse aja ku mirimo nkuko y’ama hanyuma agwa m’umutego w’akagwi k’abagizi ba nabi baca baramugandagura. Abamwishe bakaba bataramenyekana gushikubu. Mu kibano bamenyesha ko Ncamurwanko Emmanuel ata matati azwi yarafitaniye n’umuntu n’umwe. Mu ntwaro k’umutumba Butihinda, bamenyesha KO hatanguwye amatohoza kugira hamenyekane uwagandaguye uwo mugabo. Nyakwigendera akaba asize umukenyezi n’abana 11.
Kuva kuri uyu wa Gatatu hibonekeje abantu bahungana ibirwanisho bahungira mu Burundi bavuye mu gihugu ca Congo iharanira intwaro Rusangi. Ivyatumye ibikorwa vy’amwe mu mashirahamwe yigenga yariko afasha kwakira bihungabana. Bamwe mu banyagihugu babibonye bakavuga ko bishobora kubangamira umutekano w’igihugu c’Uburundi. Ni inkuru tubaza Bonfils Niyongere.
Kubona hari rusansuma iriko irakorwa n’igipolisi gifadikanije n’abajejwe intwaro kumitumba yose iri mugihugu kugira hamenyekane abazi gukoresha ibirwanisho n’ikimenyetso kidasanzwe co gutegura intambara mumitima y’abantu. Ariko ikibabaje n’uko niyo ntambara ataruguhekura abarundi ataco ibamariye. Ivyo bivurwa na Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR Arusha aho asigura ko iyo ntambara ishobora no kugarukana indyane zamoko bitari bwahere neza mubanyagihugu, Kurikira.
Kubijanye n’ibirwanisho biriko bihabwa urwaruka rw’imbonerakure Frederic Banvuginyunvira avuga ko atari bishasha. Ahubwo ngo bigaragaza ko ubutegetsi bufise ubwoba bwinshi kandi vyabananiye gutwara bagaca bahitamwo kurohera abarundi mu ntambara.
Radio inzamba turabandanya ayo twabateguriye
Hari abagabo 3 bavukana bo ku mutumba Nyagasebeyi, komine Tangara n’intara ya Ngozi, kuva kuri uwu wa gatatu bari mu minwe y’inyamiramabi. Intandaro y’ifatwa ry’abo bagabo, ni itemagurwa kw’izosi rya mushiki wabo hakoreshejwe umupanga, ryabaye mw’ijoro ryo ku wa 18 Ruhuhuma. Inkuru ziva aho muri komine ya Tangara zikavuga ko uwo mukenyezi yari asanzwe yibana, yaheruka kugabura amatongo n’abo basazawe ariko bibanje guca mu mburano. Bikavugwa ko ukwo gutemagura uwo mukenyezi vyoba bifatiye isano nayo matati y’amatongo arangwa hagati y’abo bavukanyi. Muri kino gihe rero uwo mukenyezi akaba ariko avurirwa kw’ivuriro rya Musenyi riri aho muri komine ya Tangara nyene.
Tukiri hafi y’intara ya Ngozi naho
Hari umwigisha wo kw’ishure rikuru rya « Christ ressuscité » ryo ku mutumba Ryakabamba muri komine Matongo n’intara ya Kayanza, kuva ku musi w’Imana uheze atawuzi irengero ryiwe. Inkuru ziva aho muri komine Matongo zikavuga ko uwo mwigisha w’imyaka 50 yagirijwe kuba yarashurashuje umukobwa yigisha kuri uwo musi w’Imana nyene. Ngo uwo munyeshure yarajanywe kwa muganga, uwo mugabo na we aca atungwa n’ayo yameze amaze kumenya ko vyamenyekanye.
Umuryango w’umusore azwi kw’izina rya Ndizeye Louis yishwe kumusi wa mbere uheze muburyo butaramenyekana usaba ko ubutungane bukora. Uyo musore wo muri quartier Bukeye ya commune Nyanza lac n’intara ya Makamba yatowe ikiziga inyuma inyuma y’amasaha yabuzwe irengero. Urupfu rwiwe rurimwo igipgungu cinshi rukaba ruteye amakenga abanyagihugu bo muriyo commune. Ido n’ido na Pacifique Nkeshimana.
Igenekerezo rya 20 ruhuhuma uko umwaka utashe , amakungu arahimbaza umunsi wahariwe ubutungane kuri bose. Ishirahamwe ry’urwaruka rugwanya ikibi n’akarenganyo biciye mu bwitonzi AJNA ribonako uwo musi ushitse mu Burundi abanyagihugu ba nyarucari , n’abandi batari abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bama bariko bararenganywa mu bisata bitanduka vy’ubuzima bw’igihugu. Iryo shirahamwe risaba rishimitse abarongoye igihugu gukora ibishoboka vyose kugira abanyagihugu bose bafatwe cokimwe imbere y’amategeko. Twumvirize Jean Nduwimana arongoye ishirahamwe AJNA.
Abavuzi kama bo muntara ya Muyinga bahamagarirwa gukorera ahabona bakareka gutanga imiti mu gifuri. Bishikirizwa n’uwuserukira abo bavuzi bakoresha imiti kama mu ntara ya Muyinga. Jean Claude Korukwigomba abishikirije inyuma y’aho iyo miti yaheruka kwiha inkumbi aho abantu 2 bishwe n’iyo miti mu ntango z’ino ndwi. Iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona
Arakenuye Audace Nimbona, ni nongaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bakoze bagenzanje bafashije kuyegeranya. Nkaba ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.