Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 20 Rusama 2014

Publié le 20 mai 2024 par Rédaction
  1. Abasirikare b’abarundi barenga ijana bapfunzwe bagirizwa kwanka kurwanya umuhari m23 bakuwe mu mabohero bahora bapfungiwemwo kuva ku wa gatandatu bajanwa mw’i bohero rya Rutana. Amakuru ava mu basirikare avuga ko boba bagomba kuburanishwa ayandi makuru ahubwo akavuga ko boba bagomba kubarekura kugira basubire ku mirimo. Ari naco coba catumye begeranywa imbere yuko amezi 6 ahera bapfunzwe. Radio inzamba agateka ntiturashobora kumenya ico mu gisirikare no mu buyobozi bw’amabohero bavuga kuri uko kwegeranywa. Tubibutseko abo basirikare bari bapfungiwe mumabohero agera kuri ane kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka.
  2. Ingwara ya cholera yasubiriye kw,ibonekeza kungera z,igisagara ca Bujumbura cane cane muburaruko bw,igisagara. Abantu bagera kuri 52 bakaba bariko baravurwa iyo ngwara mubitaro bitandukanye  vyo mugisagara no mumicungararo. Abanyagisagara bakaba bafise ubwoba ko hamwe atacokorwa iyo ngwara ishobora gutandukira ibindi bice.
  3. Ingwara ya cholera irakira iyo ivuwe kare. Ivyo bivugwa n’umuhinga mu vy’ingwara z’ivyaduka, Come Konakuze. Avuga ko mu Burundi ico kiza kiva ku bituma vyinshi, ariko vyose ngo bikava ku bukene bwugarije abanyagihugu. Come Konakuze agafatira kw’ibura ry’amazi rituma haba isuku rike, maze abantu ugasanga bariko bakoresha amazi arimwo imicafu ituma bandura umugera wa cholera.
  4. Ariko rero ngo ico kiza kirashobora gutuzwa. Inyishu nyamukuru n’uguhimiriza abanyagihugu ku kungene bokwigenza muri bino bihe. Hama reta igashinga umurwi ukurikirana ku musi ku musi uko ico kiza kiriko kirarwanywa. Aho ni mu gihe abanyagihugu boba bamaze guhabwa ivya ngombwa kugira birinde iyo ngwara kandi ntibayikwiragize.
  5. Abantu 2 barahagaritswe n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Makamba barikumwe n’uwurongoye igipolisi muriyo ntara nyene. Ivyo vyabaye ku munsi wa gatandatu ku rugo iwabo muri quartier Bukeye iri ku mugwa mukuru wa commune Nyanza-lac. Bakaba bahagaritswe inyuma y’isakwa ryabaye ku rugo rwabo. Muri kino gihe bakaba bapfungiwe mu gasho k’igipolisi ka commune Makamba. Abo mu miryango yabo bakaba bafise amakenga ku mutekano wabo.
  6. Igenekerezo rya 20 rusama uko umwaka utashe harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe ikoreshwa ry’igipimo c’IMETERO. Ikigo BBN kijejwe gucungera ubuziranenge bw’ibikoresho kiremezako ikoreshwa ryiza ry’imetero bifise akamaro gakomeye, caboneyeho akarya ko kwiyemeza gukora ibishoboka kugirango ibikoresho vyose bikoreshwa mu buzima bwa misi yose , vyame bikwije ubuziranenge.
  7. Mu makuru y’inkino, imirwi ya Vital’o na Mesager Ngozi ifise amahirwe make yo gushika mu rukino rwanyuma rw’inkino z’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu. Ku munsi wa gatandatu Vital’o yatsinzwe 2 ku busa na Flambeau du Centre nayo Messager itsindwa na rukinzo 2 kuri kimwe. Imirwi 4 izohamvya 4 ya mbere mw’ihiganwa ry’umwaka uheze muri basket ball yaratanguye kurondera ivyo bibanza mu mpera z’iyi ndwi twaraye turangije.

Ibindi bisa n'ibi