Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 21 Gitugutu umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize
- Kur’iri genekerezo rya 21 Giutugutu imyaka 31 irarumanye umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe inyuma y’amezi atatu gusa ashikiriye ubutegetsi. Inyuma y’igandagurwa ryiwe hakurikiye ubwicanyi bwakorewe isinzi ry’abatutsi guskikubu akaba ata butungane buraboneka kubabuze ababo. Umwe munararibonye za Sahwanya Frodebu avuga ko iragi rya Ndadaye ritigeze rikurikizwa n’abategetsi.
- Abarundi bose nabo bahamagarirwa kuja kwiyandikisha kuva kuruyu wa kabiri kugira baze baronke uburenganzira bwo gutora mamatora yimirije mumwaka wi 2025. Umurwi wigenga utegura amatora CENI uvuga ko ico ari igikorwa gihambaye k’umurundi wese kuko bimuha uburenganzira bwo gutora no kwitoza.
- Mu mpera zaya makuru naho nkuko mubimenyereye kumisi yose ya mbere tuza kubabwira amakuru y’inkino. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya gato.
Ndasubiye kubaramutsa
Imyaka 31 irarumanye umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye yari yatowe n’abarundi agandaguwe inyuma y’amezi atatu gusa ashikiriye ubutegetsi hari ku wa 21 gitugutu umwaka w’ 1993. President Melchior Ndadaye akaba mu ntwaro yiwe yari yashize imbere ubutungane kuri bose, kudapfungira abantu ubusa no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Tumwunvirize hari mw’ijambo yashikirije abarundi igihe yimikwa nk’umukuru w’igihugu.
Mu nkuka y’imisa yasomewe kuri cathedrale Regina Mundi yo kw’ibuka umuhisi president Melchior Ndadaye Patiri mukuru wa catedrale Regina Mundi patiri Fupi Felix yasavye abakirisu kudashira imbere amaronko ahubwo bashire ineza imbere nkuko president Ndadaye yabikoze gushika mbere naho abizira, Kurikira.
Iragi rya President Melchior Ndadaye ntiryigeze ryubahirizwa n’ubutegetsi bwagiye bukurikirana mu Burundi. Ivyo bivurwa na Frederic Banvuginyunvira umwe munararibonye zo mumugambwe Sahwanya Frodebu President Ndadaye yaturukamwo. Uyo munyepolitike avuga ko Ndadaye yashira imbere intwaro idakumira ariko ubu akaba ariyo iganje mugihgu aho imigambwe itavuga rumwe n’uwuri kubutegetsi itagifise ijambo mugihugu. Frederic Banvuginyunvira akavuga kandi ko mumigambi ya Ndadaye harimwo guteza imbere abanyagihugu biciye mugisata c’uburimyi ariko ngo ivyo vyose ntivyigeze bikurikizwa. Tumukurikire
Inyuma y’igadandagurwa rya Melchior Ndadaye hakurikiye ubwicanyi bwakorewe abarundi isinzi bo mu bwoko bw’abatutsi hamwe n’abanyeshure b’abatutsi 150 bishwe baturiwe kw’ishure rya Kibimba. Mw’ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko Ac genocide Cirimoso bababazwa nuko imyaka 31 irangiye uyumusi ata butungane buraboneka kw’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mumwaka wi 1993. Ariko muri Ac genocide bavuga ko bitahurika ko ata butungane bwokora kuko abari k’ubutegetsi muri kino gihe aribo nyene bakoze iryo honyabwoko ry’abatutsi. Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga wa Ac genocide igisata ca Canada akavuga ko batangazwa nuko nubu ubutegetsi bw’uburundi bubandanya kubuza ababuze kwibuka ababo biciwe mu kibimba. Bagasaba ishirahamwe ONU nkuko ryabitegekanije gushiraho Sentare icira imanza abakoze iryo honyabwoko ry’abatutsi. Tumukurikire
Tubandanye ayo twabateguriye
Umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI wasohoye itangazo aho uhamagarira abarundi bakwije imyaka yo gutora , nukuvuga 18 n’iyirenga , kuja kwiyandikisha mu matora yo mu 2025 , kuva igenekerezo rya 22 gushika 31 zuku kwezi turimwo. Francois Bizimana ajejwe kumenyesha amakuru muruwo mugwi yibutsako kwiyandikisha kuja mu matora ari igikogwa gihamabaye kuko gitanga uburenganzira bwo gutora no gushobora kwitoza. Tumutegamatwi.
Mu makuru y’inkono, umurwi w’Urunani kur’uyu wa mbere niho watahuka i Bujumbura uvuye i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya aho waronkeye uburenganzira bwo kuja gukina inkino z’igikombe ca Africa muri Basketball. Mumupira w’amaguru naho ihiganwa rigeze kundwi igira 7, Aigle noir ikaba ariyo iri mu kibanza ca mbere. Inkuru ya Alexandre Niyungeko
Arakenuye Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwayakurikiye, Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranirwa mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.