Turi ku munsi wa gatatu, n’igenekerezo rya 21 Myandagaro umwaka w’2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye. Iri ni rya sango ry’amakuru mu Kirundi, nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty international rimenyesha ko muri iyi myaka ine umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashitse kubutegetsi ihohoterwa ry’abari mumashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru n’abari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri kubutegetsi, ritigeze rihagarara. Ivyo biri mucegeranyo c’ubushakashatsi iryo shirahamwe mpuzamakungu ryashize ahabona kuruno wa gatatu. Muraza kuvyumva.
- Umurwi CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu kuruno wa kabiri waragendeye agasho kahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bita SOGEMAC. Sixte vigny Nimuraba akaba yamenyesheje yuko basanze ako gasho kadashemeye. Yamara mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu babonako impunga ikiri ndende bagasaba umugwi CNIDH kugendera amabohero atandukanye mu gihugu, abapfungiwe ubusa bagatezurirwa.
- Amashirahamwe cumi n’icenda adaharanira inyungu za politike asaba Leta ya Tanzaniya kwisubirako igahagarika ingingo yogushaka gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu, ifadikanije na Leta y’uburundi n’ishirahamwe ry’itaho impunzi HCR. Ivyo biri mu rwandiko ayo mashirahamwe yasohoye aho asaba n’ibihugu bigize umuryango wa karere ka Afrika y’ubuseruko co kimwe n’amashirahamwe atandukanye kugondoza igihugu ca Tanzaniya ngo cisubireko.
Kwari guca kumayange, ido n’ido ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze. Ano makuru tuyahere kurino nkuru iciye kumasonga ivugwa mugisata kijanye n’umutekano muke.
Umutamakazi yitwa Angèle Hatungimana w’imyaka 83 yaba mu kibanza c’abateshejwe izabo c’ahitwa Kunganji, k’umutumba Bwica, zone Cumba, Komine n’intara ya Muyinga, yiciwe mu nzu anizwe n’abantu bataramenyekana, nkuko amakuru atangwa n’intwaro aho muri zone Cumba abimenyesha. Ayo makuru avugako Uno musi mu agatondo ariho ikiziga c’uwo munyokuru casangwa mu nzu. Ngo akaba yaheruka kuboneka k’umusi w’Imana nkuko Ayo makuru abivuga. Abashitse aho uwo mutamakazi yaba, ngo basanze Inzu yugaye n’igifuri ariko idirisha ryuguruye. Umukuru wa zone Cumba, Shabani Nimubona, avuga ko abamwishe boba bamunigishije impuzu yari yambaye akaba yoba yazize udufaranga dushika ibihumbi 600 yari yagurishije agatongo. Umutamakazi Hatungimana ngo akaba yibana wenyene mu nzu. Uwo murongozi amenyesha ko inyamiramabi zatanguye amatohoza kugira hamenyekane abakoze iryo bara.
Tubandanirize ano makuru mugisata kijanye n’agateka ka zina muntu.
Ibikorwa vy’iterabwoba, kuburabuzwa, guhagarikwa no gupfungwa, imanza zangondagonde biraba abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru nabo mu migambwe itavuga rumwe na leta, ntivyigeze bihagarara muriyi myaka ine umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze kubutegetsi. Bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International mu cegeranyo c’ubushakashatsi cashize ahabona kuri uyu wa gatatu. Kubwa Rachel Nicholson, umushakashatsi muri iryo shirahamwe mu karere ka Afrika yo mu buseruko, naho umukuru w’igihugu yagumye yemera ibintu vyiza gusa, ntikibuzako abaharanira agateka ka zina muntu babandanya gukurikiranwa bahorwa akazi kabo. Kurikira.
Tukiri mu gisata kijanye n’agateka ka zina muntu,
Inyuma y’aho radiyo Inzamba ivugiye uko abanyororo bapfungiwe mu gasho ka SOGEMAC ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bamerewe nabi, umurwi CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu waciye uhagendera ku mus iwa kabiri. Sixte Vigny Nimuraba arongoye uwo murwi, avuga ko basanze ako gasho kadashemeye, bikwiye ko gakorwa neza kugira abahapfungiwe bumve ko bafashwe nk’abantu. Tega amatwi.
Ariko rero uwo murwi waciye ubonera ho akaryo ko gusuzuma ubundi busho bwo mu gisagara ca Bujumbura. CNIDH ikaba uwo musi yarekuje abantu 78 hari mwo abana 23 batarashikana imyaka yo gupfugnwa. Sixte Vigny Nimuraba akavuga ko abo bose barekuwe kubera ivyaha bafatiwe bitari bikwiye ko babipfungirwa. Akavuga ko bemeranije n’abarongoye ivyo bigo gutorera umuti w’uko bene abo bantu batosubira gufatwa agasakisaki. Dusubire twumvirize Vigny nimuraba arongoye umurwi CNIDH.
Ishirahamwe ry’urwaruka rirwanya amabi AJNA rirashima iyo ntambwe y’umurwi CNIDH yo kurekuza bamwe mubapfungwa mubusho butandukanye. Jean Nduwimana, arirongoye, asaba kw’iryo sekeza ryobandanya muyandi mabohero atandukanye mu gihugu, kuwiwe, abarizwamwo abantu bapfunzwe hahonyanzwe amategeko. Ahamagarira umurwi CNIDH gukora neza ivyo usabwa mubijanye no kubahiriza no kurabako agateka ka zina muntu kubahirijwe. Kurikira.
Dutandukire igisata kijanye n’amagara y’abantu aho abakenyezi badandariza ivyamwa mw’isoko nkuru ya makamba impande yahegeranirizwa imyanda iva mur’iryo soko baratabaza ko atagikozwe vuba bashobora kwandura indwara ziturutse kw’isuku rike. Uretse iyo myanda ngo haravugwa ibura ry’utuzu twa sugwumwe bigatuma bamwe mu barirema baja kwihagarika muri iyo micafu. Basaba kwungururizwa mu kindi kibanza. Abajejwe intwaro mur’iryo soko bakavuga ko abo bakenyezi banse kuja gucururiza mu kibanza beretswe, inkuru ya Janvier Habarugira.…
Janvier Habarugira tumukengurukire.
Imbere yo gusozera ano makuru dutandukire igisata kijanye n’impunzi.
Amashirahamwe 19 adaharanira inyungu za politike asaba Leta ya Tanzaniya ifadikanije na Leta y’Uburundi n’ishirahamwe HCR guhagarika umugambi wo gushaka gutahukana kunguvu impunzi za barundi ziri muri ico gihugu.Murwandiko ayo mashirahamwe yasohoye asaba Leta ya Tanzaniya guhagarika vuba na bwango ingingo yose yoza ishaka gutahukana kunguvu impunzi za Barundi.Ishirahamwe HCR naryo risabwa kw’ubahiriza no gukingira agateka kimpunzi. Kurikira Leopord Sharangabo arongoye ishirahamwe CBDH/VICAR rimwe mu mashirahamwe yateye igikumu kuri urwo rwandiko.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru twari twabateguriye, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi, ano makuru mwayashikirijwe na Jean Marie Ndabashinze, nahubutaha.