Turi kuwa gatanu n’igenekerezo rya 21 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Abantu batatu harimwo abapolisi babiri haciye ukwezi kurenga bari mugasho.Bagirizwa kuba bagiranye ibiganiro kurubuga wastapp bijanye n’ intambara ziriko zibera muri kongo.
- Muntara ya Rumonge hari abagabo batatu baturuka mugihugu ca Tanzaniya bapfungiwe mugasho ka komisariya yigipolisi Murumonge. Bari bafashwe bariko bakora ibikorwa vyo gututumura abarozi munyuma sentare irabeza.Abegereye imiryango yabo basaba ko borekurwa.
- Abayoboke bishengero rya Zebiya Ngendakumana bo muri karitiye Gatunguru mugisagara ca Bujumbura barara ntibuca biturutse kumbonerakure zibahiga buhongo zifadikanije na bamwe muba polisi. Bavuga ko hari abamaze kunyuruzwa n’ abamwe mubakozi bi perereza. Basaba ko umutekano wabo wokingirwa nkabandi barundi .Aya n’ ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ ikaze.
Ano makuru tuyahere mugisata c’ agateka ka zina muntu.
Bamwe mubayoboke b’ishengero rya Zebiya Ngendakumana bo muri quartier Gatunguru mugisagara Bujumbura barara ntibuca kubera ko bariko barahigwa n’imbonerakure harimwo n’igipolisi. Abo bahoze basengera kwa Zebiya bavuga ko hari abanyurujwe muruku kwezi kwa gatatu n’abakozi b’iperereza baja kubica. Basaba ko umutekano wabo wokingigwa nk’abandi barundi kuko babayeho mubwoba bwo kwicwa canke kunyuruzwa nka bagenzi babo. Ido n’ido ry’inkuru na Parfait Mudasigana
Mugisata kijanye n’ubutungane abantu batatu bose baturuka mumuryango umwe harimwo abapolisi babiri bapfungiwe mugasho kiperereza haciye ukwezi kurenga.Bagirizwa kuba bagiranye ibiganiro kurubuga bahurirako wastapp kuntambara ziriko zibera mugihugu kibanyi ca Kongo.Abo mumuryango bariyamiriza iryo rementanya bagasaba ko ababo borekurwa kuko ataco bariko barazira.Ninkuru ya Pacifique Nkeshimana .
Tukiri mugisata c’ubutungane hari abagabo batatu baturuka mu gihugu ca Tanzania bamaze indwi hafi zitatu bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi y’intara ya Rumonge. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko bari bafashwe bariko bakora ibikorwa vyo gututumura abarozi. Inyuma yo gufatwa, barashengejwe muri sentare, barezwa ariko ntibarekuwe. Abegereye imiryango yabo basaba ko borekurwa. Iyi nkuru tuyibaze Claude Manirakiza
Dutandukire igisata c’ ibidukikije.Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bakoresha amazi ya rusengo kw’isoko ry’amazi riri ku mutumba Karemera ya 2 muri zone ya Munagano iri muri komine n’intara ya Muyinga. Abo banyagihugu bagiriza umugwizatunga azwi kw’izina rya ANANIAS kuba yaratumye amazi kuri iryo sooko agabanuka cane , mu kuyakwegera mw’ihinguriro ryiwe ry’amazi riri ku mutumba KIBOGOYE ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga . Abo banyagihugu basaba abategetsi babijejwe kwicarira ico kibazo , maze bagasubira bakaronka amazi akwiye . Ni inkuru tubaza Jean Georges Kibogora.
Amashamba mu Burundi aracageramiwe n’abanyagihugu rimwe na rimwe bakingiwe ikibaba n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi. Uko niko bibonwa mw’ishirahamwe ‘’Les amis de la nature’’ mu gihe isi yose iriko irahimbaza kuri uno wa 21 Ntwarante umunsi mpuzamakungu wahariwe amashamba. Mamert Sabushimike arirongoye, abonako ico kibazo gikwiye guhagurukirwa rimwe n’inzego zose z’igihugu, hama ubutungane bugahana vy’akarorero abagirwa n’ivyaha bijanye n’ukonona amashamba.
Mamert Sabushimike asaba kandi ko abategetsi bohimiriza abarundi gutera ibiti haba mu ntara hagati no mubisagara ku neza y’igihugu n’amagara meza y’abanyagihugu.
Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.
Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.