Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 21 Nyakanga 2024

Publié le 21 septembre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatandatu  n’igenekerezo  rya   21 Nyakanga ni mu mwaka 2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mu kirundi mukaba muyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha.Ano makuru akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Amazu agera kuri atandatu yaraye ahiye aratokombera mugisagara ca Rumonge .Amakuru ava ngaho mu Rumonge akavuga ko ivyononekaye vyoba bifise agaciro kimiliyoni mirongo itanu zamafaranga yamarundi .Igipolisi kijejwe gukinga impanuka ngo nticashoboye gutabara/
  • Kw’igenekerezo rya 21 nyakanga n’umunsi mukuru mpuza amakungu wahariwe amahoro kw’isi .Uyo munsi ukaba ushitse mugihe mu Burundi hakirangwa ubw’icanyi.Muri iyi myaka ine Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye ari kubutegetsi abantu barenga 2400 barishwe . Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR Arusha avuga ko uyo munsi ushitse hirya no hino kw’isi harimwo n’akarere amahoro ariko arahungabana.Muburundi ubukene bukaza busongera isibe .
  • Mukiganiro kw’isoko naho c’uno munsi tuza kugaruka k’umugambi w’ishirahamwe Ubaka Nation Group rigiye kw’ubaka isoko nshasha  mukibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura.Aya n’ayandi ni Mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa .Ano makuru tuyahere mugisata c’ibidukikije.

Hari amazu atandatu yaraye ahiye aratokombera mw’ijoro ry’uwu wa gatanu rishira uwa gatandatu mu gisagara ca Rumonge. Atatu muri ayo yari ayakorerwamwo ibikorwa vy’ubundandaji, ayandi akaba yabikwamwo ibikoresho bitandukanye. Abanyagihugu baba mu micungararo y’aho bemeza ko uwo muriro batazi ico wavuyeko. Bene ivyahiye bibaza ko vyoba bifise agaciro karenga imiriyoni mirongo itanu z’Amarundi. Ni inzu zigira kabiri zihiye mu kiringo c’indwi zidashika zitatu mu gisagara ca Rumonge. Hose, igipolisi kijejwe gutabara nticahashitse ngo kizimye. Kigasigura ko kidafise igitoro. Abanyagihugu bakaba banegura iyo ngendo y’igipolisi kidakora ico kijejwe.

Kuriri gekenerezo rya 21 Nyakanga amakungu arahimbaza umusi wahariwe amahoro. Uyu musi ushitse mu Burundi hakirangwa ubwicanyi. Mu myaka ine irenga gato Varisto Ndayishimiye amaze k’ubutegetsi abantu bashika 2.436  nibo bishwe murabo 1.349 nabo batowe ibiziga mubice bitandukanye vy’igihugu. Ivyo tubisanga mucegeranyo cashizwe ahabona n’umuhari uharanira agateka kazina muntu Iteka wasohoye kumusi wakane uheze. Uwo muhari ukavuga ko abantu barenga 500 nabo bakorewe ihoheterwa rifatiye kugitsina. Inkuru tubaza Bonfils Niyongere

Umusi wahariwe amahoro kw’isi ushitse mu gihe amahoro ariko arahungabana mu mihingo itandukanye y’isi, kugeza mu karere, na cane cane ufatiye ku ntambara iriko ibera muri Congo. Ivyo bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta CFOR Arusha. Haba i Biraya, muri Aziya canke mu micungararo y’Uburundi, uko ibintu vyifashe bitandukanye n’uko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitirira amahoro. Kurikira insiguro ya Frédéric Bamvuginyumvira.

Ku vyerekeye Uburundi na ho, ibibazo vy’ubutunzi bihanze igihigu bivuye ku ntwaro mbi, bituma abanyagihugu ata mahoro bagira. Kuko ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, umunyagihugu ashonje amahoro yiwe aba ahungabanye. Mu Burundi rero abanyagihugu ubu barifumbereje kubera basa n’ababuze vyose, duke na two dusigaye ibiciro vya two bikaba vyabaye umurengera, aho umunyagihugu asanzwe atoshobora kuronka uburyo bwo kubigura. Reka dusubire dukurikire uwo arongoye CFOR Arusha.

Mukiganiro kw’isoko c’uno munsi tugaruka k’umugambi  w’ishirahamwe UBAKA NATION GROUP wo kw’ubaka isoko nshasha ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura .Kw’isoko mugishikirizwa na Emile Nibasumba.

Imbere yo gusozera ano makuru mukurikire  bikuru bikuru vyanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi, mukaba mubishikirizwa na mugenzi wacu Audace Nimbona.

Ni no kuri aya makuru y’anditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi  duciye dusozera ano makuru yacu,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya,ngashimira kandi  na mwebwe mwese mwaduteze yompi , ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha mugire umugoroba mwiza na Week end Nziza Naho ubutaha.

 

Ibindi bisa n'ibi