Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 21 Ruheshi 2024

Publié le 21 juin 2024 par Rédaction
  1. Imishamirano yaraye ibaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane kw’ishure y’imyuga ya Christ-Roi ku Mushasha, ni mu ntara ya Gitega, hahejeje kumenyeshwa amanota y’ishure. Ku banyeshure 345 bari mu mashure aheza, 155 bari bayobewe, bica bituma abo banyeshure bagaragaza akababaro kabo. Umushikiranganji w’indero akaba kuri uno wa gatanu yaciye asohora irindi tegeko nshikiranganji ritanga umuco, avugako habayemwo ukwitiranya mubijanye n’uguharura amanota kubaheza amashure.
  2. Urubanza rw’abasirikare bagirizwa kugumukana ababatwara mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko rwari rumaze hafi ukwezi ruburanishwa rwaraye rushizwe mu mwiherero. Umushikirizamanza yabasabiye ibihano bitandukanye harimwo gupfungwa ubuzima bwose. Abo basirikare mu gusozera imburano basavye sentare guca urutumbereye ifatiye cane cane kukugene bireguye. Inkuru ya Bonfils Niyongere.
  3. Abasirikare b’uburundi bari muntara ya Kivu y’uburaruko mugihugu ca Congo bagiye mu bikorwa vyo gushigikira umuhari FDLR ugizwe n’abakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mugihugu c’Urwanda mumwaka wi 1994. Ivyo biremezwa n’umukuru w’igihugu c’Urwanda  Paul Kagame mukiganiro yaraye atanze kuruyu wakane i paris mubafaransa kuri television y’abafaransa France 24. Umukuru w’igihugu c’Urwanda akavuga ko hari ibikorwa vy’ubwicanyi buguma bukorerwa abantu bavuga ikinyarwanda canke abantu bo mubwoko bw’abatutsi mugihugu ca Congo.
  4. Icikagurika ry’umuyagankuba ngo ririko rituma amashirahamwe yaba aya reta canke yigenga akora nabi nabi bigatuma bahomba mu ntara ya Makamba. Ubuzi butari buke ubu ngo bukaba budakorwa ku murango mumashirahamwe nka yose. Abari murayo mashirahamwe basaba leta gusubiramwo ibijanye n’itangwa ry’umuyagankuba.
  5. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo ku mutumba Binyange zone Rukana ya kabiri muri  komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke. Bavugako ata mazi bafise, iyo bagiye kuyavoma kure, bakagira Imana mbi bagahura n’abasirikare, baca babategeka kubanza kubavomera ku nguvu, bakabona ko bibaruhisha. Ivyo vyose ngo bikaba abajejwe intwaro barorera. Basaba ko ikibazo c’ibura ry’amazi gitorerwa inyishu ku neza y’abanyagihugu n’abo basirikare.

Ibindi bisa n'ibi