Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 21 Ruhuhuma 2025

Publié le 21 février 2025 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe ncuti namwe bagenzi ba Radio Inzamba agateka kawe, turi ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma umwaka 2025, iri ni rya sango ry’amakuru mu kirundi, akaba nayo agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abanyororo APRODH rirahagaritswe umutima n’ibitigiri vy’abanyororo biguma ari umurengera bitewe n’abaheza ibihano baciriwe hamwe n’abagirirwa ikigongwe ariko bakagumizwa mu mabohero.
  • Ishirahamwe AJNA ryishinze kugwanya ikibi n’akarenganyo biciye mu bwitonzi riranegura ingendo y’ubutegetsi buriko butanga inyigisho zijanye n’imyimenyerezo ya gisirikare hamwe n’ibigwanisho ku rwaruka rw’imbonerakure mu ntara ya Cibitoke. Iryo shirahamwe ribonako vyose bitumwa n’ingendo y’abategetsi b’igihugu bashize ubwoba mu banyagihugu ngo igihugu kigiye gutegwa ku mvo zitumvikana.
  • Abantu 14 harwiriyemwo abana b’abanyeshure nibo bitavye Imana bahitanywe n’amasanganya yo mw’ibarabara muraya mezi atatu aheze, 28 mu ntara ya Makamba. Ivyo bitigiri bikaba bihagaritse umutima abajejwe indero mu ntara aho basaba gukingira ibibanza bicamwo abana baja kumashure.

Kwari uguca kumayange, mukanya amakuru mw’ido n’ido. Sangwa ikaze.

Ndasubiriye kubaramutsa. Amakuru twabateguriye tuyahere mu gisata c’ubutungane,

Ibitigiri vy’abapfungwa biguma ari umurengera n’aho umukuru w’igihugu c’Uburundi ahora atanga ikigongwe kuri bamwe bamwe. Bishikirizwa na Petero Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abanyororo inyuma y’ingingo y’umukuru w’igihugu yo kurekura abanyororo yafashwe mu mpera z’umwaka uheze. Anegura ko hariho abaheza ibihano baciriwe hamwe n’abagirirwa ikigongwe ariko bakagumizwa mu mabohero. Ikibabaje kandi Pierre Claver Mbonimpa, ngo nuko abajejwe ubutungane bapfungira abantu ubusa. Ngo bitebe bitebuke bazoshengezwa imbere y’ubutungane. Tumwumvirize.

Pierre Claver Mbonimpa aranegura kandi inyifato y’urwego rw’iperereza rwihaye ububasha burengeye ubw’amasentare n’abacamanza mukuza gukura abanyororo mu mabohero babajana iyo bashatse kandi bari mu minwe y’ubutungane. N’ubu nyene twumvirize Petero Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abanyororo.

 

Muri politike, ishirahamwe AJNA ryishinze kugwanya ikibi n’akarenganyo biciye mu bwitonzi riratewe umutima uhagaze n’imyimenyerezo ya gisirikare n’ibigwanisho biriko birahabwa urwaruka rw’imbonerakure hirya no hino mu gihugu na cane cane mu ntara ya Cibitoke. Iryo shirahamwe rivugako ivyo vyose bitumwa n’ingendo y’abategetsi b’igihugu bashize ubwoba mu banyagihugu ngo igihugu kigiye gutegwa ku bintu bitumvikana. Ishirahamwe AJNA risaba ahubwo leta kugira ingwano y’inzara n’ubukene vyugarije abanyagihugu, rigasaba kandi urwaruka kwima amatwi abategetsi babakwegera mu gwano, ahubwo bakijukira ibikogwa vy’iterambere. Dukurikire Jean Nduwimana, arongoye ishirahamwe AJNA.

Amakuru ajanye n’umutekano wo mw’ibarabara, abantu 14 barwiriyemwo abana b’abanyeshure nibo bitavye Imana bahitanywe n’amasanganya yo mw’ibarabara muraya mezi atatu aheze, 28 nabo barakomereka. Ivyo vyatumye abajejwe indero basaba gukingira ibibanza bicamwo abana baja kumashure. Ido n’ido na Parfait Mudasigana

Parfait Mudasigana arakenuye, mu gisata c’indero; imyidogo ni myinshi mubavyeyi barereye kw’ishule shingiro rya Muyinga ya 3 mu mwaka w’indwi. Bavuga ko abana babo bigira mw’ishule ritagira ibiyo kumadirisha ata n’urugi kandi baratanze amahera y’intererano y’iterambere rya komine. Bavuga ko abana babo bituma batiga neza kubera imbeho n’imvura. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti mu maguru masha. N’inkuru tubaza Jean Baptiste Bireha.

Jean Baptiste Bireha nawe nyene tugukengurukire,

Ni no ngaha dusozereye ano makuru yo kuruno wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwashimye kudutega abiri. Ano makuru mwayashikirijwe na jewe Pierre Gahungu, nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi