Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 21 Rusama 2014

Publié le 21 mai 2024 par Rédaction
  1. Umugabo n’umukenyezi bo mu gacimbiri Mudaturwa, umutumba na komine Mabanda, barapfuye. Umugabo ahejeje kugandagura umukenyezi wiwe na we yaciye aja kwiyahurira ku mutumba Gikombe uri hafi y’urugo rwabo. Uwo mukenyezi yatowe ikiziga ejo ku musi wa mbere mu gacimbiri Mudaturwa ku mutumba Mabanda, zone na komine Mabanda nyene. Yagandaguwe mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari ku w’Imana.
  2. Ugupfungwa ubuzima bwabo bwose nico gihano sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yaraye iciriye ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere abagabo bane bose bo ku musozi Busokoza, komine Butaganzwa n’intara ya Kayanza. Ni nyuma y’aho bagiriwe n’icaha c’ukuba mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya cumi Rusama uno mwaka baragandaguye umusore yari azwi kw’izina rya Epipode Yamuremye wo kuri uwo mutumba nyene. Uwo musore akaba yagandaguwe uwo musi yari yamye kwandikwa muri komine na mushiki w’umwe muri abo bahavuye bamwica kuri uwo musi nyene.
  3. Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ku musi wa mbere uza igenekerezo rya 27 uku kwezi azokwitaba muri sentare ntahinyuzwa. Bikaba bitegekanijwe ko azokwisigura ku vyaha indwi yagirizwa harimwo ugushaka kwicisha umukuru w’igihugu n’uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu.
  4. Abasirikare b’abarundi bahora mu gihugu ca Somaliya batanguye kugomborwa kuva kuri uno wa kabiri, Basaba ubumwe bwa Afrika kubishuriza amafranga baheraniwe na reta y’u Burundi y’umwaka bamaze bari muri atmis. Abo ni abaheruka kuronswa agahembo kukwezi kwa gatanu umwaka uheze w’2023, bagishika muri Somaliya. Bababazwa nuko batahutse basanga ubukene budasanzwe mu miryango yabo.
  5. Kubanza gupfumbatisha umukozi ajejwe gutanga igitoro kw’ipompo iyo IMANA yacanye kikaboneka, ngo vyabaye umugenzo mu ntara ya Muyinga. Nkuko bishikirizwa na bamwe mu badasiba gutanga ico giturire kugirango aronke igitoro nta kindi bakora atari ugupfumbatisha. Eka ngo ntibigarukira aho gusa kuko ngo barongera bakariha amahera menshi adahuye n’igitoro baronse.

 

Ibindi bisa n'ibi