Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 22 Gitugutu 2024

Publié le 22 octobre 2024 par Rédaction

Turi kuwa  kabiri  n’igenekerezo  rya    22 Gitugutu umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye. Iri ni rya sango ryamakuru mukirundi nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira .

  • Bamwe mubanyagihugu bo mugisagara ca Bujumbura ntamuhamagaro bafise wo kw’itaba akamo ko kuja kw’iyandikisha mugikorwa co kw’itaba amatora yo mumwaka uza catanguye icese kuruno wa kabiri.Bavuga ko integuro yayo matora yaranzwe n’utunenge twinshi ngo ntakuja inama n’ingingo vyagiye munteguro yayo.
  • Mugisata kijanye no kumenyesha amakuru Abamenyeshamakuru n’amaradiyo basabwa kutazogira aho bahengamiye kandi ntibabeshe mugushikiriza amakuru mugihe c’amatora yo 2025 .ivyo vyaraye bisohowe kuro w’ambere n’urwego rw’igihugu rujejwe gukurikirana ingene ibimenyesha makuru bikora mu Burundi CNC.Umumenyeshamakuru Innocent Muhozi arongoye urwogo   rujejwe guhanurana hagati y’abameneshamakuru avuga ko ako kamo ataco kamaze kuko m’Uburundi atabimenyeshamakuru vy’igenga bikihabarizwa.Muraza kuvyunva murano makuru.
  • Nayo abanyagihugu bo muri karitiye buterere ni muri komine ntahangwa bagiye kumara indwi yose atama ry’amazi baronka.Ubu ngo ibido y’amazi ikaba igeze hagati y’i 2000 ni 2500 ivyo biruko mugihe basanzwe bari mubukene butagira izina.Aya nayandi ni mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa ndabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere mugisata kijanye n’amatora.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka w’2024, niho hatanguzwa igikorwa co kwandika abakwije imyaka bazokwitaba amatora ategekanijwe mu mwaka uza mu gihugu cose. Bamwe mubanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baganiriye na radio Inzamba Agateka Kawe, bemezako ata muhamagaro babifisemwo kuko kubwabo, integuro y’amatora yaranzwemwo utunenge kuva mu ntango kandi ku nyungu z’umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi. Barongera bakamenyeshako nabatowe ngo bakore ico gikorwa co kwandika, batowe mu mugambwe uri kubutegetsi kandi ico gikorwa kitaraba imigambwe. Kurikira.

Amaradio n’abamenyeshamakuru basabwa kudahengama canke ngo bashiremwo ububeshi mugutanga amakuru yose yerekeye amatora igihugu cimirije yo mumwaka wi 2025. Ako n’akamo katewe mw’itangazo ryasohowe kuruyu wa mbere n’urwego rw’igihugu rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC. Esperance Ndayizeye arongoye urwo rwego asigura ko mugukurikirana ico gikorwa c’abamenyeshamakuru mugihe c’amatora urwego CNC rutegelanya gushiraho itegeko abayobozi b’ibinyamakuru bazoterako umukono. Tumukurikire

 

Mw’ ishirahamwe OPB ryo guhanurana hagati y’abamenyeshamakuru bavuga ko ako kamo k’urwego CNC ataco kamaze mugihe amatora atigera aca mumuco mu Burundi kuva umugambwe CNDD FDD ushutse kubutegetsi. Umumenyeshamakuru Innocent Muhozi arongoye iryo shirahamwe asigura ko ata bimenyeshamakuru vyigenga bikiri mu Burundi kuko ata mumenyeshamakuru yo kubahuka kuvuga ivyo ubutegetsi bwa CNDD FFD budashaka. Akavuga ko leta idashaka kubahiriza ubwingenge bwo kumenyeshamakuru. Tumukurikire

Dutandukire igisata c’ibidukikije.Ikibazo c’ibura ry’amazi cabaye akananirabahinga muri karitye ya Buterere muri komine Ntahangwa iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu bavuga ko bamaze imisi irenga itanu ata n’ima rikorotse mu mabombo. Kugira ngo baronke ayo kunywa, abifise bikora ku bagendesha amakinga  ku giciro kizimvye kuko bariha hagati 2000 n’2500 ku bido imwe y’amalitiro 25. Iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona

Imbere yo gusozera ano makuru Inzira Leta yafashe yo   gushaka gutorera ibibazo vy’ubutunzi igihugu kirimwo harimwo n’ikibazo c’amafaranga y’agaciro ibicishije munama yateguwe n’intumwa ya leta umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’uburundi na makungu Albert Shingiro n’umukuru w’ishirahamwe Olucome izobahuza n’abarundi baba hanze Diaspora  kw’igenekerezo rya 26 za kuno kwezi mu Bubiligi ngo ni iinzira idashika. Ivyo bivurwa na Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR  ARUSHA  asanzwe aba muri ico gihugu aho abona ko ari nyabuna uburyo Leta yatoye kugira abategetsi bamwe bamwe begeranye amafaranga bishirira kumufuko. Kurikira

Frederic Banvuginyunvira abona nyabuna ko Leta hakubandanya ita umwanya mugushaka guca munzira za hafi yarikwiye kwemera ikicarana n’abarundi batandukanye bagatorera umuti ibibazo bihanze igihugu. N’ubu nyene tumwunvirize,

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi. N’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi