Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 22 Myandagaro 2024

Publié le 22 août 2024 par Rédaction

Turi kuwa   kane  n,igenekerezo  rya    22 Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe….nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Ishavu riraniga muri bamwe mubanyagihugu bo muntara za Makamba na Rutana.Bavuga ko bamwe mubajejwe intwaro n’urwaruka rw’imbonerakure muri kino gihe baca kunzu kunzu no kuma bariyeri batoza amafaranga yo mumatora yo 2025 bakayaka n’abatari mumugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD.Bavuga ko ako ari akarenganyo katagira izina.
  • Urwego rujejwe kugenzura ingen ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi C NC ngo rugiye kuzotegura muminsi ya vuba inama izohuza abajejwe intwaro bakorera muntara n’abamenyeshamakuru barangurira umwuga wabo mugihugu hagati muntumbero yo kubunvikanisha no kubereka umwe wese uruhara rw’iwe kubijanye no kumenyesha amakuru.Ivyo vyashikirijwe kuruno wa kane n’umupfasoni Esperance Ndayizeye arongoye urwego CNC aho avuga  ko muntara ariho hakunda kwaduka ingorane hagati y’izo mpande zibiri.
  • Urunani ry’ama syndika y’indero ni nyigisho mu Burundi FANESSAB rusaba ko abigisha barungitswe gukorera muzindi ntara mumwaka w’i 2016 n’i 2017 bosubizwa muntara baje bavamwo ngo kuko babayeho mubuzima bubi.Urwo runani rukavuga kandi ko atakintu nakimwe c’isunzwe kugira bimurwe.Aya nayandi ni mukanya kwari guca kumayange.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere mugisata kijanye n’intwaro ibereye.Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo mu ntara za Makamba na Rutana, bikaba biva ku rwaruka rw’imbonerakure na bamwe mu bajejwe intwaro bo hasi muri kino gihe bariko baca ku nzu kunzu no ku ma bariyeri ya komine  babategeka gutanga amafaranga y’intererano y’amatora yo mu 2025. Abanyagihugu batari muri uwo mugambwe bavugako batumva ingene bakwa amafaranga y’uwundi mugambwe, babonako bariko barahohoherwa. Ni inkuru tubaza Signoline Nijimbere.

Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi ngo rugiye gutunganya inama imuminsi ya vuba izohuza abajejwe intwaro n’abamenyeshamakuru bakorera muntara zo hagati mugihugu muntumbero yo gutorera umuti ibibazo bikunda kuboneka hagati y’izo mpande uko ari zibiri.Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye urwego CNC Esperance Ndayizeye kuruno wa kano mugihe yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe mumwaka 2023 ushira uwi 2024.Umukuru w’urwego CNC avuga ko bikenewe ko umwe wese akwiye kumenya uruhara rw’iwe kubijanye no kuronsa amakuru abanyagihugu..Tumukurikire.

Dutandukire igisata c’indero.Abigisha bimuriwe gukorera muzindi ntara mumyaka yi 2016 na 2017 bakwiye gusubizwa muntara bahora bakoreramwo kuko babayeho mubuzima bugoye kuva barungitswe murizo ntara. Bisabwa n’urunani rw’ama syndicat y’indero n’inyigisho mu Burundi FANESSAB. Urwo runani bakavuga ko abo bigisha bimuriwe muntara zindi kandi ata kintu nakimwe kigaragara cisunzwe kugira bimurwe. Antoinne Manuma arongoye FENASSEB basaba umushikiranganji w’indero gushira mungiro ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu na burya umwaka wishure wi 2024 ushira 2025 buca utangura. Kurikira

Imbere yo gusozera ano makuru dukubitire muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura aho ubukene bw ‘amazi buguma bwibonekeza. Abanyagihugu bemeza ko bashobora kumara indwi yose ata n’ima ry’amazi rikorotse mu mabombo. Babona ko ikiza c’ibihara vy’inguge kizohava kibahitana naho leta iguma ivuga kugira isuku mu kwirinda ico kiza. Iyi nkuru tuyibaze Olivia Gakima….

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe Eddy Claude Nininahazwe Mugire aho muba mwubahwe .Naho ubutaha.

 

Ibindi bisa n'ibi