Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 22 Ntwarante 2025

Publié le 22 mars 2025 par Rédaction

Ndabaramukije ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe n’ikaze mumakuru yo kuruyu musi wagatandatu igenekerezo rya  22 Ntwarante umwaka wi 2025. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Hari umukenyezi yaraye agandaguwe arashwe n’umupolisikazi aha turi ku mutumba wa Kinyota w’intara ya Muyinga. Abo bakenyezi uko ari babiri bakaba bari biriwe bateramanye imbere yo gusubiranamwo. Nyene gukora ico caha akaba yaciye yishikana imbere y’inyamiramabi.
  • Mugisata c’indero naho, abigisha b’amashure yo muri commune Gashoho muntara ya Muyinga baratera ivyatsi ingendo y’umugambwe CNDD FDD yo kwigisha umugambwe mumashure. Uyo mugambwe uri kubutegetsi ukaba warumaze imisi itatu wigisha ivya politike muriyi ndwi turiko turasozera murayo mashure nkuko muza kubikurikira
  • Abana barenga 140 nabo nibo babarizwa mumabararabara yo k’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga naho amashirahamwe aharanira agateka k’abana amaze imyaka mubikogwa vyo kubakurayo. Ayo mashirahamwe akabona ko intambamyi zikiri nyinshi kugira bashike kwihangiro bihaye. Kaze mwese mw’ido ni mukanya isase.

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke

Hari umukenyezi yaraye agandaguwe iwe ku mutumba Kinyota, zone, Komine, n’intara ya Muyinga arashwe n’umupolisikazi. Amakuru ava ngaho, yemezako abo bakenyezi babiri bari bateramanye kugeza bwije. Imvo zatumye amugandagura zikaba zitaramenyekana, ariko nyene gukora ico caha akaba yaciye yishikana kunyamiramabi. Inkuru ya Jean Baptiste Bireha.

Tukiri murico gisata nyene

Hari umugabo nawe wo ku mutumba Busoro, komine n’intara ya Ngozi apfunzwe kuva kuri uwu wa gatanu yagirizwa gutemaguza igipanga umukenyezi bahora bubukanye imbere yuko bavana. Mu gukora iryo bara uwo mugabo ngo yikinze igisaka ku mugoroba wo ku musi wa kane nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, hanyuma aca atemaguza igipanga umukenyezi baheruka kwahukana, mu gihe yariko arataha. Ababa kuri uwo mutumba bakavuga ko uwo mugabo yari yiriwe aranywa inzoga zikaze cane. Abajejwe intwaro ku mutumba ngo baciye bafata uwo mugabo bamujana ku giporisi mu gisagara ca Ngozi, ubu amatohoza akaba ariko akorwa n’inyamiramabi nk’uko bishikirizwa n’abajejwe intwaro aho muri komine ya Ngozi. Mukamenya ko ibara nk’iryo riheruka kugwa muri komine Marangara ku mugoroba wo ku musi wa gatatu w’iyi ndwi aho hari umugabo yatemesheje umupanga umwana w’umubanyi w’imyaka itanu agaca yitaba Imana bitewe n’uko uwo mugabo yari ahejeje gushwana na se w’umwana.

Radio Inzamba tubandanye ayo twabateguriye

Kuruno wa gatanu umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu  umutekano n’iterambere Martin Niteretse yaragirishije inama abarongoye ibisata bitandukanye bakorera muntara ya Makamba. Muri iyo nama abashitse bacerewe bose ntanumwe yarekuriwe kw’injira n’ abamenyeshamakuru barankiwe kuyikurikirana. N’inkuru tubaza Pacifique Nkeshimana

Arakenuye Pacifique Nkeshimana

Tubandanye mugisata c’indero

Abarezi bo mu mashure agize commune y’uburezi ya Gashoho mu ntara ya Muyinga, baranegura ingendo y’umugambwe CNDD FDD, aho kuva ku munsi wa mbere gushika ku munsi wa gatatu wariko wigisha mu mashure atandukanye muriyo commune, ibijanye n’umugambwe mu masaha agenewe ishure. Abo barezi bavugako uretse kw’ivyo bikorwa bidakwiye kuzanwa mu mashure, biza no gusamaza abanyeshure basanzwe bariko baritegurira ibibazo bisozera igice ca kabiri c’umwaka w’ishure. Inkuru ya Bonfils Niyongere.

Abana barenga 140 nibo  bari mw’ibarabara nka bose  bakaba bari k’umugwa mukuru w ‘intara ya Muyinga, inyuma y’ imyaka 11 amashirahamwe atandukanye afashanije n’intwaro agerageza gutahukana abo bana mumirynago yabo. Ayo  mashirahamwe yitaho agateka k’abana avuga ko zimwe muntambanyi zumugambi wo kubatahana aruko abana bari batahukanywe mu miryango yabo batabanje kumvurizwa be no kutaronsa uburyo imiryango y’abo bana ifise amakiro make. Ido n’ido na Jean George Kibogora

Arakenuye Jean George Kibogora

Imbere yo gusozera aya makuru mukurikire amakuru yanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi. Muyashikirizwa na Audace Nimbona

Arakoze na Audace Nimbona, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza mwakoze mwebwe mwayakurikiye. ndabipfurije kugira week end nziza. Naho ubutaha

 

 

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi