Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 22 Ruheshi 2024

Publié le 22 juin 2024 par Rédaction
  1. Ano makuru tuyahere mugisata kijanye n’ingo n’imiryango. Hari umukenyezi yaraye ahatswe kwiha inkumbi muguca igitsina c’uwo bubakanye amuriye amenyo mw’ijoro ryo kuruno wa gatanu kumurwa mukuru wa komine Mabanda ni muntara ya Makamba. Uwo mukenyezi akaba yagiriza umugabo wiwe kurenga ibigo.
  2. Reta iriko yiteranya n’igisirikare ca yo mu guhohotera abasirikare banse gutana mu mitwe n’umuhari M23 muri Congo. Ako n’akagohe k’umushingwamanza akaba n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi Janvier Bigimana. Ivyo abivuze inyuma y’aho urubanza rw’abo basirikare ruheruka gushirwa mu mwiherero basabiwe ibihano bikomeye, urwo gupfungwa hagati y’imyaka 15 n’ubuzima bwose, be no gutanga ihadabu y’amadolari 800. Janvier Bigirimana akabona ko ubutegetsi bwari bukwiye kwumviriza abo basirikare kuko kuri we imvo zatumye batarwana zifise ishingiro.
  3. Ku bw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, abo basirikare botegerejwe kurekurwa, Atari uko bakabaha uburenganzira bwo kugira abababuranira.
  4. N’umwanya w’ikiganiro kw’isoko. Uno munsi tugaruka ku kamo leta yateye impunzi ngo zitahuke kuko umutekano mugihugu ngo ari umusesekara. Leta ya Gitega ikaba  yateye ako  kamo izo mpunzi  kur’uyu wa 20  Ruheshi  hakaba hari kumunsi mukuru  mpuzamakungu w,ahariwe impunzi.
  5. Imbere yo gusozera ano makuru tubanze dukurikire ivyanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi.

Ibindi bisa n'ibi