Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 23 Gitugutu 2024

Publié le 23 octobre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatatu  n,igenekerezo  rya    23 Gitugutu umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Umuryango w’ubumwe bwa buraya waraye ufashe ingingo yo kugumizaho ibihano wari wafatiye uburundi mumwaka 2015 mukiringo c’umwaka biturutse y’uko agateka ka zina muntu kabandanije gatituka mugihugu kandi ko n’ibijanye na politike bitigeze bitera intambwe.
  • Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye ahamagarira abarundi bakwije vyangombwa bisabwa n’amategeko kw’itaba igikorwa co kwiyandikisha ngo bazoje mumatora yo mumwaka w’i 2025.Ishirahamwe AJNA ryo rikabona ko ayo matora agiye kuba mugihe mugihugu harangwa umutekano muke aho abantu badasiba kw’icwa cane cane abo mumigambwe itavuga rumwe n’uwuri    N’urunani rw’abarundi baharanira igihugu  kigenwa n’amategeko bavuga ko bibabaje kubona umukuru w’igihugu aha magarira abarundi kumuherekeza mumatora y’abategetsi baranzwe n’amabi kuva mumwaka 2005 bashitse kubutegetsi .
  • Nayo mugisata c’uburimyi, abarimyi baturuka mumakomine ari kure y’imirwa mikuru y’intara za Makamba na Rutana bafise amakenga ko iri rima ry’agatasi rizohava riba inpfagusa biturutse kubukene bw’ifumbire.Aya n’ayandi ni mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze .

Ano makuru tuyahere mugisata ca politike.

Abarundi bose bakwije ivyangombwa basabwa kwitaba igikorwa co kwiyandikisha mu matora yimirije yo mu 2025, ako kamo gategwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari kuri uno wa kabiri ku musozi avukako wa Musama muri komine Giheta iri mu ntara ya Gitega,  aho yari yagiye kwiyandisha muri ayo matora. Yamenyesheje ko kwiyandikisha ari ubureganzira bw’umurundi wese , ariko ko umuntu wese yategerezwa kwiyumwamwo kwari igikorwa abwirizwa gukora kugira yerekaneko akunda igihugu ciwe. Tumukurikire.

Tukiri muri ico gisata kijanye n’amatora , Ishirahamwe AJNA rigwanya ikibi n’akarenganyo mu bwitonzi , ribonako hari ibimenyetso bitari bike vyerekanako  ata mutekano ukwiye uriho , ari naco giyuma atawokwijajara. Iryo shirahamwe ritanga akarorero k’abantu cane cane bari mu migambwe itavuga rumwe na leta baguma bicwa , bakanyuruzwa abandi bakaburabuzwa. Rinegura n’ingene amategeko amwamwe ariko arahonyangwa mu gutegura ayo matora . Dutegamatwi Jean Nduwimana arongoye ishirahamwe AJNA.

Niko no mu runani rw’Abarundi baharanira igihugu kigengwa n’amategeko RAPIDE SERUKA. Kubw’urwo runani, birababaje kubona umukuru w’igihugu ahamagarira abanyagihugu kumuherekeza gutora abategetsi kubw’urwo runani, baranzwe kuva muri 2005 n’amabi atandukanye y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, kurya ibiturire n’ukunyuruza amatungo ya leta bikibandanya gushika uno munsi. Kubwa Vincent Nyandwi avugira urunani RAPIDE SERUKA, icuka kihari uno munsi ntigikwiye gutegurwamwo amatora abarundi bokwizera kwazoba yigenga kandi aciye mu muco. Kurikira.

Imyidogo ni myinshi mu bakozi bakoze igikorwa co guharura abazitaba amatora yimirije bo mu ntara ya Muyinga. Bavuga ko bamaze amezi abiri barindiriye guhembwa ariko amaso yaheze mu nzira, mu gihe mu zindi ntara bahembwe. Mu biro bikuru bijejwe amatora, babasaba kwihangana kuko bari mu bikorwa vyo kubatunganiriza. Inkuru ya mugenzi wacu Audace Nimbona

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bwarafashe ingingo kuwa 21 Gitugutu umwaka w’2024 yo kubandanya ibihano ryafatiye Ubuurndi ikindi kiringo c’umwaka. Iyo ngingo yashizwe ahabona mu kinyamakuru c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka w’2024, ikazoshika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu umwaka w’2025. Ido n’ido na Jean Marie Ndabashinze.

Imbere yo gusozera ano makuru dutandukire igisata kijanye n’uburimyi.Imyidogo ni myinshi mubarimyi baturuka muma komine ari kure y’imirwa mikuru y’intara za Rutana na Makamba.Bavuga ko bamaze iminsi bataronka ifumbire yo gushira mumirima yabo aho ngo bategerezwa kugira ingendo  ndende baja kumirwa mikuru yizo ntara ahari ububiko bw’iryo fumbire ry’ishirahamwe FOMI.Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti kugira ntibacererwe umwaka w’irima.N4inkuru ya  Eddy Claude Nininahazwe

 

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  nkaba nshimiye na bagenzanje banfashije kuyatororokanya  mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi